Haracabuze agakosa kamwe gusa ngo ibirwanisho vya nikleyeri vyihe inkumbi - umukuru wa ONU

Nuclear

Ahavuye isanamu, AFP

Umunyamabanga mukuru wa ONU aragabisha ko hakibuze agakosa kamwe gusa kugira ngo isi yinjire mu ntambara ya nikleyeri mu buryo butari bwigere bubaho kuva kuri ya ntambara y’ukwikekana.

Antonio Guterres ati: "Turacafise amahirwe adasanzwe gushika ubu”.

Yongerako y’uko mu gihe icuka kibi kibandanya ciyongera kw’isi, “kiremwamuntu asigaje agakosa kamwe gusa, kwihenda rimwe gusa kuzotuma isi irimbuka”.

Yashikirije ibi mw’ijambo ryo kwugurura inama ihuza ibihugu vyateye igikumu ku masezerano yo kugabanya ibirwanisho vya nikleyeyeri.

Aya masezerano yo mu 1968 yatangujwe inyuma y’ikibazo ca misire za Cuba (Missiles de Cuba/ Cuban missiles), ikibazo gikunze gufatwa nk’icambere gushika ubu cahatswe kwinjiza isi mu ntambara ya nikleyeri.

Aya masezerano yari afise intumbero yo guhagarika ikwirakwira ry’ibirwanisho vya nikleyeri mu bindi bihugu, hanyuma hakabandanya umugambi wo kubituza burundu mu bihugu vyose.

Ibihugu hafi vyose vyo kuri ino si birubahiriza ano masezerano, harimwo na bimwe bitanu bikomeye cane bitunze ibirwanisho vya nikleyeri.

Ariko mu bihugu bike bitigeze vyinjira muri ano masezerano, harimwo bine bizwi canke vyikekwa ko bifise ibirwanisho vya nikleyeri: Ubuhindi, Israel, Korea ya Ruguru na Pakistani.

Umunyamabanga mukuru wa ONU avuga ko isi yagize "amahirwe" kubona ata ntambara ya nikleyeri irigera iba

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umunyamabanga mukuru wa ONU avuga ko isi yagize "amahirwe" kubona ata ntambara ya nikleyeri irigera iba

Umunyamabanga mukuru Guterres avuga ko "amahirwe" isi yari ifise gushika ubu mu kwirinda ivyago vy’ibirwanisho vya nikleyeri ashobora kutaramba - aca asaba amakungu gushiramwo inguvu ibigwanisho nk’ibi bigatuzwa.

"Igihamana ciza siyo nzira. Kandi si nayo nkinzo yotuma icuka kibi ca poritike kitavamwo intambara ya nikleyeri”.

Agabisha kandi ko iki cuka kibi kw’isi kiriko “kirashika ku yindi mpinga” – aho atanga uturorero tw’igitero ca Ukraine, icuka kibi kirangwa mw’izinga rya Korea hamwe no mu burasirazuba bwo hagati.

Uburusiya bwaragirijwe cane gutuma ibintu vyunyuka igihe, haciye imisi atanguje igitero kuri Ukraine mu kwa kabiri, Perezida Vladimir Putin asabiye igisirikare c’Uburusiya gutegura ibirwanisho vya nikleyeri.

Yagabishije kandi ko uwokwitambika mu nzira y’Uburusiya azobona amahano “utari bwigere ubona muri kahise kawe”.

Nta numwe yotsinda intambara ya nikleyeri - Putin

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu nteguro z’Uburusiya za nikleyeri harimwo gukoresha ibirwanisho vya nikleyeri mu gihe habonetse igihamana kibi ko igihugu gishobora kuzimangana.

Ejo ku wa mbere, Putin yandikiye iyo nama nyene yo kurwanya ibirwanisho vya nikleyeri yuguruwe na Guterres, avuga ko ata n’umwe yotsinda intambara ya nikleyeri, ko rero ataworota ayitanguza.

Ariko ico nticabujije ko Uburusiya bunegurwa muri iyo nama.

Umunyamabanga ajejwe imigenderanire wa Amerika Antony Blinken yariyamirije ico yise iterabwoba ry’Uburusiya – anavuga ko Ukraine yashikirije ibirwanisho vya nikleyeri yari itunze mu gihe c’ubutegetsi bw’Abasoviyeti mu 1994, imaze guhumurizwa n’Uburusiya be n’ibindi bihugu ku vyerekeye umutekano wayo.

Abaza ati: "Ibi vyotanga ubutumwa nyabaki ku gihugu ico ari co cose kw’isi gishobora kwibaza ko gikeneye ibirwanisho vya nikleyeri - kugira gikingire, kirwanire congere kiburizemwo aboshaka guhungabanya ubusugire bwayo n’ubwigenge bwayo? Ubutumwa bubi cane”.

Uno musi, ibirwanisho vya nikleyeri vyababa 13.000 nivyo vyibazwa ko bikiri mu bubiko bw’igihugu icenda bitunze ibirwanisho vya nikleyeri – igitigiri gito cane rwose ugereranije n’ivyababa 60.000 vyari bihari igihe ibintu vyari bimeze nabi cane mu myaka ya za 1980.