U Rwanda rwarungikiye imfashanyo Gaza-"hakenewe guhosha kugira hakingirwe ubuzima bw'aba sivire b'inzirakarengane"

Ahavuye isanamu, JHCO @_jhco
Urwanda rwarungikiye imshanyo abanyagihugu ba Gaza bugarijwe n'intambara kuva umuhari wa Hamas utwara iyo ntara uteye Israel haraheze indwi zibiri.
Ubushikiranganji bw'amagara muri iyo ntara buvuga ko hamaze kwicwa abanyagihugu barenga 4.600 mu bitero vyo mu kirere Israel ikomeza gucucagira kuri Gaza kuva nayo itakaje abantu barenga 1.400 muri ico gitero ca Hamas kitari bwigere kiboneka mu myaka 50 yari iheze.
Mw'itangazo rigufi yarungikiye BBC Gahuzamiryango, icegera c'umuvugizi wa reta y'Urwanda, Alain Mukuralinda, yavuze ko harungitswe imfashanyo ingana n'amatoni 16 agizwe n'ivyo kurya, imiti hamwe n'ibikoresho vyo kwa muganga.
''Iyo mfashanyo yakiriwe uyu munsi na Jordan Hashemite Organisation ikora kw'izina ry'ubwami bwa Yordaniya,'' nk'uko itangazo rivuga imbere yo kurangiza ryibutsa ko ''hakenewe guhosha [intambara] kugira hakingirwe ubuzima bw'aba sivire [civil] b'inzirakarengane''.

Ahavuye isanamu, JHCO @_jhco
Urwanda ruri mu bihugu vyo muri Afrika bicuditse na Israel. Umushikiranganji wa mbere w'ico gihugu, Benjamin Netanyahu, yaragendeye Urwanda mu 2016.
Ugufashanya hagati y'Urwanda na Israel kwibanda cane ku bikorwa vy'uburimyi ndetse ico gihugu gifasha Urwanda mu bijanye n'amashure cane cane mu kwishurira abanyeshuri b'Abanyarwanda baja kwiga muri ico gihugu.
Bifashanya kandi mu vyo kurinda umutekano.
Urwanda na Israel bisangiye amateka y'amahano ya jenoside yahitanye abantu barenga 800.000 cane cane bo mu bwoko bw'abatutsi mu 1994 mu Rwanda n'ikizwi nka Holocaust yahitanye Abayahudi 6.000.000 (miriyoni 6) mu ntambara ya kabiri y'isi.










