Umugore wa Besigye apfunzwe ariyamiriza ingingo yo kubuza kugendera impfungwa kuri Noweli

Ahavuye isanamu, EPA
- Umwanditsi, Swaibu Ibrahim i Kampala na Wycliffe Muia i Nairobi
- Igikorwa, BBC News
Umugore w'umunyaporitike Kizza Besigye atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Uganda ariyamiriza ico yise ingingo "y'ubugome n'ubunyamaswa" yo kubuza impfungwa kwakira abashitsi ku musi wa Noweli.
Besigye w'imyaka 68 yararengukishijwe muri sentare ya gisirikare yagirizwa gutunga inkoho zo mu bwoko bwa pistolets no kugerageza kugura ibirwanisho hanze, ibirego ahakana. Urubanza rwiwe rwungururijwe mu kwezi kuza.
Abarongoye amabohero bavuga ko impfungwa zitemerewe kwakira abashitsi mu kiringo c'imisi indwi, kuva umusi buca ari Noweli, ni ukuvuga kuva kuri uno wa kabiri, nk'imwe mu ngingo zo kuzibira "ihungabana ry'umutekano ryohava ryaduka".
Umugore wa Besigye, Winnie Byanyima arongoye ishami rya ONU rijejwe kurwanya SIDA n'umugera uyitera, avuga ko yari afise umugambi wo gukambika hanze y'ibohero rya Luzira kugira ngo abone umugabo wiwe yongere amufungurire ku musi wa Noweli.
Yabwiye BBC ko umugabo wiwe akomeye kandi acihagazeko aho ari mu "kumba gato cane", aho kugira ngo umushikire urengana amarembo atandatu muri iryo bohero, ariko akaba yari afise ubwoba ko yari "kugirirwa nabi".
Umupfasoni Byanyima ati: "Nta mfungurwa za Besigye nzosiga kw'irembo [nk'uko babitegetse]. Nzogenda mbonane n'umugabo wanje kuko sinshobora kubizigira n'umusi n'umwe bari kumwe na we.
"Nzofata ihema ndyame hariya kumbure….nimba ibi ari vyo bashaka".
Besigye aramaze kwitoreza ikibanza c'umukuru w'igihugu incuro zine, aho yahiganwa na Perezida Yoweri Museveni ari ku butegetsi kuva mu 1986.
Ariko kuva mu myaka iheze, ino nararibonye ya poritike itavuga rumwe n'ubutegetsi nta ruhara runini yagize muri poritike, kandi ntiyitoje mu matora ya 2021.
Hagati aho, Besigye yarasubiye kuvugwa cane mu binyamakuru mu kwezi guheze inyuma y'aho anyurujwe ari mu rugendo muri Kenya agaca atahukanwa ku nguvu muri Uganda.
Niho mu nyuma yagirijwe ivyaha ari kumwe n'umufasha, Obeid Lutale. Na we nyene arahakana ivyo yagirizwa.
Iyi sentare ya gisirikare yarongereje ikiringo co kubandanya ipfunze Besigye gushika ku wa 7 Nzero (1) 2025, ivyatumye umuryango wiwe utakaza umwizero w'uko yari gushobora kuba ari muhira kuri Noweli.
Umuvugizi w'igisata ca Uganda kijejwe amabohero Frank Baine Mayanja yabwiye ibinyamakuru vyo mu gihugu ko iyi ngingo yo kubuza abashitsi kugendera amabohero mu kiringo c'imisi indwi ifise intego yo gukomeza umutekano muri iki gihe c'imisi mikuru, no kugira ngo ntihahave hagira abatoroka.
Mayanja yabwiye imboneshakure NTV Uganda ati: " Noweli itera umunezero kandi benshi mu mpfungwa ntibashaka ko Noweli iba bari mw'ibohero. Bategerezwa kuba bariko barategura ingene bomena ibohero bagatoroka."
Mu ntango, iki gisata c'amabohero cari catangaje ingingo yo kubuza kugendera abapfunzwe mu kiringo kingana hafi ukwezi, ariko mu nyuma kiragabanya iki kiringo gushika ku misi indwi.
Umupfasoni Byanyima yabwiye BBC ko afise impungenge kw'ihindurwa ry'uburongozi bw'ibohero ya Luzira, akibaza igituma umuntu "akiri muto kandi ata burambe afise mu kazi" ashobora guhabwa uburongozi bwaryo.
Ati: "Birateye amakenga kandi bintuma ngira ibibazo ku ntego zabo.
"Sinizigiye ko ubuzima bwiwe [bwa Besigye] buzokwubahirizwa ari mu minwe y'abamunyuruje. Nzorondera ingene nomubona kenshi gashoboka".
Mayanja avuga ko izi mpinduka mu burongozi ari "ikibazo c'ubutegetsi" kandi ko ataco bihuriyeko na Besigye.
Yongerako y'uko umupfasoni Byanyima akwiye kwizigira abategetsi ko bazobungabunga umugabo wiwe kuko "dufise ubushobozi n'uburyo bwo kumuzigama".
Ati: "Nibaza ko yotureka tugakora akazi kacu."
Ubu bubaye ubwa kabiri Besigye amaze ikiruhuko ca Noweli mw'ibohero, mu gihe amaze imyaka mirongo ari mu mahane na reta ya Museveni.
Mu 2005, yarahagaritswe avuye mw'ikoraniro rya poritike imbere y'amatora y'umukuru w'igihugu ya 2006, aho yagirijwe ubuhemu. Amasentare yaratesheje agaciro ibi birego.
Mu rundi rubanza, yaragirijwe ivyaha vyo gufata ku nguvu. Mu nyuma ivyo yagirijwe vyahavuye biteshwa agaciro. Yavuze ko ibi birego vyose vyari mw'isekeza ry'itoteza rishingiye kuri poritike.
Muri uru rubanza rw'iki gihe, Besigye ariyamiriza kuburanywa na sentare ya gisirikare, akavuga ko akwiye gucirirwa urubanza muri sentare ya gisivire nimba hari ico yagirizwa.
Museveni arashigikira ko amasentare ya gisirikare acira imanza abasivire.
Avuga ko icaha ico ari co cose kirimwo inkoho gitegerezwa gukurikiranwa na sentare ya gisirikare mu gukingira umutekano w'igihugu, kuko imanza zifata igihe kirekire cane mu masentare ya gisivire.
Abasivire baharurwa mu majana baramaze gucirirwa imanza mu masentare ya gisirikare muri Uganda, nubwo sentare yubahiriza ibwirizwashingiro ibibuza.
Imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi irakunze kwidoga ko iburabuzwa mu bikorwa vyayo vya poritike, ikavuga ko Museveni atinya ihiganwa rya poritike.
Abashigikiye Museveni bariyamiriza ibi birego, bakavuga ko yashoboye guhagararira ituze mu myaka yababa 40 amaze ku butegetsi.










