Ingene kubura udukoresho two mu butinyanka biteye agahinda mu mpunzi z'i Bwagiriza

Ikibazo c’abakobwa bageze mu butinyinka mu makambi y’impunzi ni ikibazo giteje agahinda abavyeyi batari bake, nk’uko bivugwa na Aline Nyasingizwa, icegera c’uwurongoye abakenyezi mw’ikambi y’impunzi ya Bwagiriza mu ntara ya Ruyigi.
Nyasingizwa yabwiye BBC Gahuzamiryango ko ubuzima buzimvye butaborohereza kugira bashobore kuronka amahera yo kugura udutambara dukenerwa mu gihe c’ubutinyanka.
Ati: “Mfise agahinda kenshi ku mutima bijanye n’abakobwa. Abakobwa bo mu nkambi bafise ikibazo, ikibazo, wumve ngo ikibazo! Ikibazo kiremereye.
“Ntawe ngiriye isoni, iyo abana b’abakobwa binjiye mu butinyanka ni ingorane ubura n’aho uhera kugirango uhangane na yo''.
Avuga ko bitumwe n’uko ata mikoro bafise yo kugura ibikoresho bakenera igihe binjiye mu butinyanka, abakobwa bafata ibihuzu n’aho vyoba bicafuye bikaba ari vyo bakoresha, mu nyuma bikaza kubagirako ingaruka mbi, mbere n’abakomereka bagakomereka.
Ati: “Umwana w’umukobwa asigaye agenda agafata igihuzu akazingazinga ugasanga yambitse ku gahuzu ko musi, nako ugasanga ni kamwe gusa. Agapfa kurambikako ca gihuzu gishobora no kumutera ingwara, kuko usanga ata suku gifise”.
Yongerako ati: “Jewe nyene narashoboye kwibonera ingene umukobwa yahiye, yababutse kubera kirya gihuzu n’urya mucafu nyene waje umuvamwo, wagiye kuri ca gihuzu, nsanga ku mpande yarakobotse mbere ariko arava n'amaraso.
“Ndamubajije ingene vyagenze yanyishuye ko yari yaburiwe aca afata igishambara yapfuye aho atoye, arakizingazinga aca akubitamwo, ko ari naco camugize uko yari ameze.
“Urumva muri iki gihe, uri umuvyeyi utegerezwa kubabara cane. Si jewe jenyene, uribaza urya mwana nawe yagize ingorane umubabaro aba arimwo? Ni ukuvuga iki kintu kiraturemereye”.
Nyasingizwa avuga ko bishobora kuba ngombwa ko asivya umwana wiwe kw’ishure.
Ahanura abana b’abakobwa binjiye mu butinyanka kwitura abavyeyi hakiri kare kugira ngo bashobore kubafasha.
Ati: “Rero muze muragerageza kubivuga hakiri kare kandi wumve y’uko ubivuganye umutima mwiza, utishizemwo ngo bahava bagutwenga canke bakugaya, ahubwo ni ukugira ngo tubashe kugukingira hakiri kare”.
Ku ruhande rwiwe, Umutoni Nyankumi, umukuru w'abanyeshure kw’ishure ryisumbuye ryo muri iyo kambi ya Bwagiriza, nawe nyene avuga ko iki kibazo gihambaye cane kuko rimwe na rimwe umukobwa yinjiye mu butinyanka bishika agasiba ishure.
“Ibi navyo bikamuteranya n’abigisha kuko atubahuka kubabwira ikibazo yagize”.

Avuga ko ingorane ari uko ata kigo gisanzwe kihari kugira ngo cigishe abakobwa ibijanye n’ingene bokwifata iyo bageze mu bigero, mbere n’abavyeyi babo bakaba batubahuka kubabwira ibijanye n’iki gihe.
Umutoni avuga ko we yabimenye abibwiwe na bagenziwe mw’ibanga.
Ati: “Buri mwanya usanga umuntu afise ubwoba, atokwubahuka no kubibwira abavyeyi biwe kubera atabona ingene yosigura ivyamubayeko''.
Umutoni ahanura abakobwa bagenziwe kwegera abavyeyi n’abandi babanyi yizeye kugira ngo abasigurire ikibazo.
Ikambi ya Bwagiriza iri mu ntara ya Ruyigi mu buseruko bw'Uburundi aho yuguruwe mu 2004. Irimwo impunzi hafi 10.000 z'Abanye-Congo. Muri abo abagore n'abakobwa barenga 4.800 ku biharuro vyo gushika mu kwezi kwa Rusama (kwa gatanu).













