Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Arsenal, Chelsea, Liverpool na Tottenham zirarwanira Nico Williams
Nottingham Forest iriko irihweza ko ingene mu kwa mbere yogura umusatirizi wa Brighton, umunya-IrlandeEvan Ferguson w'imyaka 20.. (Football Insider)
Real Madrid ishaka kuronka umukinyi w'inyuma wa LiverpoolUmwongereza Trent Alexander-Arnold w'imyaka 26, ataco irinze gutanga mu gihe azoba yirebanga. (Telegraph)
Liverpool iriko irategura imiriyoni 91 z'amapawundi mu rugamba rwo mu kwa mbere rwo kurondera umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'i bubamfu muri Bournemouth Umunya-Hongrie Milos Kerkez w'imyaka 21, hamwe n'umunya-Espagne Martin Zubimendi w'imyaka 25 akina hagati muri Real Sociedad. (Teamtalk)
Arsenal, Chelsea, Liverpool na Tottenham zirashaka umukinyi wo ku ruhande wa Athletic Bilbao Umunya-Espagne Nico Williams w'imyaka 22. (Athletic)
Barcelona iriko irakurikiranira hagufi umusatirizi wa Newcastle United, Umunya-Suwede Alexander Isak w'imyaka 25. (Caught Offside)
Manchester United iripfuza umukinyi w'inyuma wa RB Leipzig Umudagi David Raum w'imyaka 26, hamwe n'umusatirizi wa Juventus Umunya-Turukiya Kenan Yildiz w'imyaka 19. (Sky Germany - mu kidagi)
ManchesterUnited yashikiriye umukinyi w’inyuma, Umunya-Canada Alphonso Davies w'imyaka 24 kugira ngo yumve nimba yipfuza kuzokwimukira muri uno murwi igihe amasezeano afitaniye na BayernMunich azoba arangiye mu ci riza. (Teamtalk)
Leicester City iripfuza kugura uwundi musatirizi mu gihe c'igura n'igurishwa ry'abakinyi mu kwa mbere, mu ntumbero yo gukomeza uruhande rw'abasatirizi. (Football Insider)
Barcelona igihe kugerageza guhangana na Real Madrid mu rugamba rwo kurondera umukinyi w'inyuma wa Manchester United Umunya-Portugal Diogo Dalot w'imyaka 25 ari nka hamwe yoshaka kuva i Old Trafford. (Caught Offside)
Uwahoze ari umumenyereza wa Manchester United Erik ten Hag aboneka ko ariko araronderwa na RB Leipzig. (Sun iciye kuri Sky Germany)
Umukinyi wo ku ruhande wa Côte d'Ivoire, Amad Diallo w'imyaka 22, arashobora gusezera muri Manchester United mu kwa mbere. (Express)
Manchester United iriko irihweza uwundi munyegori yogura ari nka hamwe umunya-Turukiya Altay Bayindir w'imyaka 26 yoramuka asezeye mu kwa mbere. (Mail )
Tottenham, ManchesterCity na Chelsea ziripfuza umukinyi wo hagati wa ACMilan Umunyaholande Tijjani Reijnders w'imyaka 26. (Calciomercato - mu Gitaliyano
Massimiliano Allegri yahoze amenyereza Juventus na AC Milan ari mu barondera akazi muri WestHam ari nka hamwe yoramuka yirukanye Julen Lopetegui. (Calciomercato - in Italian)
Arsenal yamiriwe kure n'umusatirizi wa AC Milan Rafael Leao w'imyaka 25 inyuma y'uko uyo murwi w'i Londres wegereye mu mpisho uno Munya-Portugal kugira urabe ko womuronka mu kwa mbere. (Football Transfers iciye Caught Offside)
Umukinyi w'inyuma wa Real Madrid Umunya-Espagne Raul Asencio w'imyaka 21 yaranse amahirwe yo kwimukira mw'ishirahamwe City Football Group ku miriyoni zitanu z'amapawundi mu ci riheze. (AS - mu ki-espagnol)
Arsenal na Liverpool niyo mirwi umukinyi wo hagati w'Ubuholande Xavi Simons w'imyaka 21 ashobora kwimukiramwo, mu gihe Paris St-Germain yoramuka ishatse kumugurisha mu ci riza. Ashobora kugurishwa ku giciro c'imiriyoni nibura 66 z'amapawundi. (Athletic )
Napoli iri imbere mu mirwi irondera Patrick Dorgu w'imyaka 20 asanzwe akinira Lecce, mu kwa mbere, akaba kandi ariko aronderwa na Chelsea, Tottenham be na West Ham. (La Gazzetta dello Sport - mu Gitaliyano)