Umwaka w'igitangaza kuri PSG yaraye yirahiye R. Madrid: 'Luis Enrique yubatse igihangange'

Luis Enrique

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Luis Enrique yatsindiye igikombe c'isi ari umumenyereza wa Barcelona mu 2015
    • Umwanditsi, Emlyn Begley
    • Igikorwa, BBC Sport journalist

Paris St-Germain iboneka ko iriko iba urutare inyuma y'aho nijoro itabaguriye uwundi murwi w'igihangange c'umupira w'amaguru i Bulaya, Real Madrid 4-0, maze ishika mu rukino rwa nyuma (finale) mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose rihuza imirwi.

Hari haciye amayinga atanu n'igice itsinze Inter Milan 5-0 muri finale y'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (ligue des champions/Champions League) i Bulaya – kandi rero nta na kimwe cerekana ko iriko iraturura.

Mu gihe hari ababona ko ihiganwa ry'igikombe c'isi rihuza imirwi (Club World Cup) nk'uko umengo ryoba ari ihiganwa rya kivandimwe, siko ryakinywe pe! Abakinyi bararifashe nk'ihiganwa rikomeye cane nk'ayandi mahiganwa.

PSG yarameze nk'iyicumbagira igihe yahura n'umurwi Botafogo wo muri Brezili wayitsinze 1-0, ariko yarirahiye Atletico Madrid 4-0 na Real Madrid 4-0 nyene muri iri higanwa ririko ribera muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Shirako kandi Bayern Munich yatsindiye ihiganwa ry'Ubudagi yakubiswe 2-0, igitsindo kigira kabiri ikaba yaje kucinjiza yari isigaranye abakinyi icenda gusa mu kibuga, inyuma y'uko abakinyi babiri bayo bahawe amakarata atukura.

PSG kandi nta mpuhwe yagiriye uwahoze ari umusatirizi wayo Lionel Messi n'umurwi wiwe Inter Miami, umurwi wonyene wa Amerika wari washoboye gushika mu gice c'umunani gishira ica nyuma muri iryo higanwa.

Vyagiye vyigaragaza ko ata murwi ushoboye kujana n'umuvuduko wabo, amapase (passes) n'isatira ryabo - aho bagenda batabagura imirwi yose bahura.

Mu minota 24 gusa, bari bamaze gutera 3-0 ku bitsindo bibiri vyinjijwe na Fabian Ruiz n'ikindi catewe na Ousmane Dembélé ariko arwanira Ballon d'Or (Umupira w'Inzahabu), imbere y'uko Goncalo Ramos atera ica kane hasigaye iminota itatu ngo urukino rurangire.

Umurwi usigaye mu nzira ni Chelsea muri finale izokinirwa ku kibuga ca New Jersey ku wa Mungu.

Abatari bake bararindiriye kuraba ko PSG izotahukana igikombe kigira gatanu muri uno mwaka wa 2024/2025, inyuma y'aho itsindiye;

  • Trophée des Champions (igikombe c'imirwi yabaye iya mbere iwabo) itsinze AS Monaco 1–0 i Doha mu kwa mbere 2025
  • Igatwara ihiganwa ry'Ubufaransa Ligue 1
  • Igikombe c'Ubufaransa (coupe de France)
  • Na UEFA Champions League

"Luis Enrique yubatse igihangange", niko Andros Townsend - yahoze akinira imirwi itandukanye yo mu Bwongereza ubu akaba akinira Antalyaspor yo muri Turukiya - yabwiye imboneshakure Dazn yo mu Bwongereza yerekana inkino.

Gareth Bale yahoze ari umusatirizi wa Real Madrid na we nyene niko abibona, aho yongeyeko ati: "Biboneka ko ari umurwi ugiye kumara igihe kirekire ari uku.

"Baracari bato cane, ntibaruha kandi batesha umutwe imirwi yose bahura".

Vyagenze gute ngo bivyukiranye?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu kiringo c'umwaka umwe gusa, PSG yarahinduye isura - aho kubandanya uboneka nk'umurwi abatari bake mu bafana b'umupira w'amaguru babona ko ataco umaze, umurwi ugayana, mbere bipfuza ko muri ligue des champions wokubitwa – maze uza kuba umurwi ukunzwe cane kubera umukino wawo urimwo ubuhinga bwinshi n'abakinyi bakorera hamwe, eka werekana urukino ruryoheye ijisho.

Abakinyi babiri bahora ari ibihangange muri 'PSG ya kera' - ariko bamwe babonamwo ukwikunda n'ubwibone – bompi babaye mu mirwi yambitswe ibara na PSG muri Amerika, umw'umwe wose ukubitwa 4-0.

Abatari bake barabazi, ni Lionel Messi wa Inter Miami mu gice c'umunani gishira ica nyuma, hamwe na Kylian Mbappé wa Real Madrid mu rukino rwa nijoro mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.

Kuva Mbappé, umusatirizi wa mbere amaze kwinjiriza PSG ibitsindo vyinshi kuruta abandi bose, yavuye muri uno murwi mu ci riheze yimukira muri Real Madrid, igihe amasezerano yari afitaniye n'uwo murwi wo mu Bufaransa arangiriye, maze Enrique aca yubaka gushasha uruhande rw'abasatirii.

Dembélé, Désiré Doué na Khvicha Kvaratskhelia ni ibishirira. Rimwe na rimwe, Bradley Barcola na we nyene arajamwo mu guteza akaga.

Abakinyi batatu bo hagati – abanya-Portugal babiri Joao Neves na Vitinha, hamwe n'umunya-Espagne Ruiz yaraye ateye bibiri – bariganzira urukino.

Inyuma y'igice ca mbere c'uru rukino rwa nijoro, John Obi Mikel yahoze akina hagati muri Chelsea, yavuze kuri Dazn ati: "Iyo aba batatu biganziye umupira hagati nk'uku, nta n'umwe ashobora kubitambika imbere. Ni umurwi w'ubuhinga bwo hejuru cane".

Callum Wilson na we yahoze ari umusatirizi wa Newcastle yongeyeko ati: "Ubuhinga PSG yerekanye mu bihe bimwe bimwe vy'uru rukino wamengo umuntu yariko arorera ya mavidewo ya FIFA akinirwa ku mashini nyabwonko. Vyari biteye igomwe".

Aha umuntu ntavuze Achraf Hakimi na Nuno Mendes basatira baciye ku ruhande, na bo nyene bakaba bafise uruhara rudasanzwe mu mukenyuro wa PSG.

Chelsea ifise igikorwa kitoroshe kugira ngo ibaturuze muri 'finale' yo ku wa Mungu.

Aha womenya ko kuva muri 'finale' y'igikombe c'Ubufaransa, PSG imaze gutsinda inkino zitanu zo mu gice co gukuranamwo, aho imaze kwinjiza ibitsindo 18-0 ubiteranije vyose hamwe.

Luis Enrique ubu ariyerekanye ko ari umwe mu bamenyereza b'ibihangange mu mupira w'amaguru kw'isi, akaba amaze gutsindira ibikombe bitatu bitatu mu mwaka umwe mu mirwi ya Barcelona na PSG.

Bale ati: "Yabaye intangarugero. PSG yinjiriye mu gihe gishasha.

"Bageze ku rwego rwo hejuru cane, ku buryo abantu bose mu mupira w'amaguru bazorondera kubigana, ariko kandi bagerageze no kubahagarika".

Ingorane yonyene ishobora gushikira PSG ni uburuhe.

Urukino rwo ku wa Mungu ruzoba rugize urwa 65 kuva umwaka w'inkino wa 2024-25 utanguye.

Mu kwezi kumwe neza na neza inyuma y'urwo rukino rwo ku wa Mungu, bazohura na Tottenham mu rukino rw'igikombe Super Coupe de l'UEFA/Uefa Super Cup ruhuza umurwi watsindiye Ligue des Champions hamwe n'uwatsindiye Ligue Europa, mu gutangura umwaka mushasha w'inkino 2025-26.

'Ibitigiri bidasanzwe kuri Dembélé'

Ousmane Dembélé

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ousmane Dembélé arashobora gutsindira Ballon d'Or uno mwaka? birashoboka

Muri uno mwaka w'inkino, Dembélé nta nkeka yarigobotoye mu cijiji ca Mbappé cari kimuzibiye.

Uno mufaransa w'imyaka 28 yinjije ibitsindo 35 yongera atanga n'imipira 16 yavuyemwo ibitsindo mu nkino 52 muri 2024-25, harimwo n'iri higanwa.

Gushika ubu, umwaka Dembélé yari amaze kwinjizamwo ibitsindo vyinshi gusumba ibindi bihe vyose cari igihe yinjiza ibitsindo 14 akinira Barcelona.

Uno mukinyi acaragurika cane ahagaze neza mu bariko barwanira Ballon d'Or – ikintu gishobora kuba caboneka ko yari indoto mu mwaka umwe canke ibiri iheze.

Luis Enrique ati: "Ni rwo rukino rwa mbere muri iri higanwa dushoboye gutanguza Ousmane kandi ndibaza ko ari we yatubereye umukinyi wa mbere mwiza muri uno mwaka w'inkino".

"Birakwiye ko yotsindira vyose, aritangira umurwi uko ari kwose kandi nta kintu na kimwe atakoze mu mwaka wose".

Wilson w'imyaka 33 yahoze ari umusatirizi w'Ubwongereza na we ati: "Ni ibitigiri bidasanzwe kuri Dembélé .

"Ari nka hamwe yotsindira iki gikombe c'isi gihuza imirwi, inyuma yo gutsindira ibikombe bitatu mw'ihiganwa ry'Ubufaransa, nta nkeka, atagerezwa gutahukana Ballon d'Or".

Ariko kandi si ivyo bikombe amaze gutsindira be n'ibitsindo yinjije vyonyene vyerekana ubuhinga bwiwe.

Mu gihe yariko avuga ku rukino ruryoheye ijisho rwa PSG, Townsend yagize ati: "Vyose bitangurira ku gikorwa ca Dembélé – afise ubuhinga bwo kwinjiza abakinyi mu makosa".

Urukino Alonso yaraye atsinzwe 'ruzomwigisha vyinshi'

Xabi Alonso

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Inyuma y'akaruhuko ko mu ci, Xabi Alonso nta mwanya munini azoba afise wo gutegura Real Madrid kugira yinjire mw'ihiganwa rishasha rya La Liga

Xabi Alonso aracagerageza kwiga umurwi wiwe Real Madrid, siko bimeze kuri mugenziwe Luis Enrique.

Uno munya-Espagne yahawe uno murwi ihiganwa rya Espagne La Liga rirangiye, igihe Carlo Ancelotti yawusezera akaja muri Brezili – urukino rwa nijoro rukaba rwerekanye ko afise igikorwa kinini.

Alonso amaze imisi agerageza imikenyuro itandukanye, agerageza gukinisha bane canke batanu inyuma.

Umwongereza Trent Alexander-Arnold akina ku ruhande rw'inyuma i buryo ntiyakinye nijoro kubera imvune, akaba yasubiriwe na Federico Valverde asanzwe akina hagati.

Intege nke zaranze bamwe mu basatirizi zaratumye ibintu bitoroha.

Townsend ati: "Vinicius Jr na Mbappé nta kintu na kimwe bafashije abakinyi b'inyuma ku ruhande, iki ni ikibazo gikomeye kuri uno murwi.

"Fran Garcia [w'inyuma ku ruhande rw'ububamfu] arashavuye, nta muntu yigeze amufasha inyuma ku ruhande rw'i bubamfu".

Alonso aravyemera: "Bamaze imyaka ibiri bagerageza, ubu naho niho tugitangura, rero bizodufata akanya. Ibibaye uno musi bizoduha icigwa, ariko muri iki gihe turumva ko tudahagaze neza.

"Dukeneye akaruhuko keza. Iyi si intango y'umwaka uza, ni iherezo ry'uno mwaka w'inkino. Inyuma y'indwi zitatu gusa hano, nibaza ko dushobora kwiga vyinshi. Tuzohigira vyinshi mu rukino rwuno musi".