Burundi: Ba banya-Gatumba bomorwa n'amazi bari mu myidogo iyo bimuriwe i Gateri muri zone Buganda

Abagore harimwo abariko bonsa abana
    • Umwanditsi, Patrick Wasso
    • Igikorwa, Umunyamakuru i Bujumbura

Ugeze aho muri Gateri ka Buganga y'icahoze ari intara ya Cibitoke, ubu ni mu ntara ya Bujumbura, ni ku musozi ku rucekeri, wakirwa n'abana bamaze imisi batiga, bariko barakina, abakuze na bo bariko baratera rya renga hafi y'amahema yabo yera asakaje amabati mashasha.

Bavuga ko babayeho ubuzima bubi muri iyo site. Bazuriyeko Melaniya agira ati: "Turyama kuri aya mabuye, nta matela dufise, turenzako ihema n'akarago gusa".

Nduwimana Maritha, umukenyezi w'imyaka 63, agira ati: "Yoooo sinibuka ryari twaronse imfashanyo ya PAM. Turonse ivyo dufungura ku mugoroba, ejo ntidufungura".

Bavuga ko n'ishirahamwe ryahora ribaha imfungurwa ryahagaritse, ubu bakaba bafashwa n'umugambi wa reta y'Uburundi ifatanije n'Ibanki y'isi yose, uzwi nka MERANKABANDI, ukaba ari uwo kubafashisha amafaranga, ariko ko bidashemeye.

Umwe muri bo agira ati: "Kera PAM yaraduha imfashanyo ariko ubu yarahagaritse, haca haza Merankabandi. Kuva itanguye gukora, Merankabandi iracishamwo igasivya. Isibije nk'ukwezi abantu bariko babaho nabi nabi, binjira mu madeni, na twa tundi umuntu aronka mu kwezi gukurikira usanga atwifashisha kubera amadeni".

Ibibazo ntibiri gusa ku kuronka ivyo bafungura n'aho bakika umusaya. Abana biga na bo nyene bari mu bibazo, aho bama birukanywe kwishure kuko ata mahera y'ishure abavyeyi babo bafise mu gihe ari ba ntahonikora.

Nishimwe Arlène w'imyaka 18 agira ati: "Bamaze imisi birukana abanyeshure. Abanyeshure ntibariko biga neza. Bariko babirukana kw'ishure kubera amahera y'ishure".

Uwundi munyeshure agira ati: "Kare hoho vyaracamwo amashirahamwe akaduha udufaranga dukeya ariko ubu umenga baratwibagiye, ni ukuri barakwiye kutwibuka".

Hageze ku bigeme hoho, ibibazo biba ibibazo aho, hampande y'ukubura ivya nkenerwa vyihariye kuri bo, abana b'abigeme bahatwarira inda zitifuzwa.

Amahema
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umwe muri bo ati: "I muhira, mama aronse ivyo dufungura turafungura, atabironse turihangana. Ivya nkenerwa ku mukobwa nka Cotex, biratugora kuronka ngaha".

Uwundi mukobwa na we ati: "Hari igihe umuhungu akugurira amavuta, ibirato n'utundi, ariko aca akubwira ati 'ndabikuguriye ariko na wewe utegerezwa kumpa ibi na biriya', aca asaba ko turyamana".

Umwe mu bagize komite nyobozi y'iyo site aremeza ingorane abo banyagihugu barimwo mu buzima bwabwo bwa misi yose.

Jean Marie Mpawenayo agira ati: "Vy'ukuri ubuzima tubayemwo ni ubuzima bubi cane. Ndavye iyo twari no kuba turi ngaha biratandukanye cane rwose, kuko iyo twari turi twarishira tukizana ariko aha ntitwishira ngo twizane".

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe imfungurwa kw'isi PAM ryahagaritse ibikorwa muri iyo site kuva mu kwezi kw'umunani uyu mwaka, nk'uko vyemezwa n'umuhuzabikorwa w'umugambi Merankabandi.

Nyabenda Michel aremeza ko ubu uwo mugambi ari wo uriko ufasha muri iyo site, kandi ko ingorane abo banyagihugu bafise bazizi, akavuga ko bariko barazitorera umuti.

Ati: "Dusanzwe tubaha imfashanyo biciye mu ma terefone, hari abo usanga bazanye amakarata karangamuntu yabo ugasanga ntahuye n'inomero zabo za terefone batanze, kuko dusaba inomero za terefone ducishako ayo mafaranga.

"Tugiye guhemba, hari aho abo bahemba basanga ibiharuro bidahuye, ibiri kuri karangamuntu bidahuye n'inomero yatanze. Rero, hari abantu batararonka iyo mfashanyo, ariko ni vyo turiko turakosora kugira ngo ishobore kubashikira".

Inzu z'amahema, inyuma y'aho haboneka uruzi Rusizi

Abo banyagihugu ni ba bandi bomorwa n'amazi ya Tanganyika yahitanye ibitari bike muri zone Gatumba mu yahoze ari komine Mutimbuzi, mu kwezi kw'indwi mu mwaka uheze.

Babanje kwimurirwa muri Mubimbi y'icahoze ari intara ya Bujumbura ya kera, ku birometero 33 uva mu gisagara ca Bujumbura, mu nyuma bimurirwa muri site Gateri muri zone Buganda mu bururako bushira uburengero bw'Uburundi, nko ku birometero 60 uvuye mu gisagara ca Bujumbura. Ni hafi y'uruzi Rusizi rugabura Uburundi na Repubulika ya Demokarasi ya Congo.