Ni iki kija gutanga intsinzi mu matora ya Amerika kandi ni kubera iki amajwi yegeranye cane?

- Umwanditsi, Anthony Zurcher
- Igikorwa, Umunyamakuru wo muri Amerika y'Uburaruko
- Yakoze inkuru ari, Washington, DC
Nta na rimwe muri kahise ka vuba ka politike ya Amerika ibiva mu matora y'umukuru w'igihugu vyari bwatere amadidane gutya - iri si ihiganwa ry'abafise imitima ihuha.
Naho mu matora yaheruka habayemwo kurutana amajwi make, intsinzi yo mu 2000 ya George W Bush kuri Al Gore yabaye ku majwi aharurwa mu majana muri reta ya Florida- hama hariho ukuntu umuntu abona umurongo ihiganwa ririko rirafata mu minsi ya nyuma.
Na rimwe rimwe ariko haraba n’ukwihenda mu kuraba iyo ibintu bitera bija, nko mu 2016,ibigereranyo vy’amajwi vyarashikuje mu kugereranya inguvu za Hilary Clinton, ntivyabona ingene Donald Trump yariko arivyukiranya ku munota wa nyuma.
Ariko rero ubu, ibimenyetso vyerekana inzira zitandukanye. Nta n'umwe yovuga neza iyo bitera bija.
Guterera ikingorongoro hejuru
Vyinshi mu bigereranyo vy'amajwi vya nyuma vyama bisiga ikibanza co kwihenda, yaba mu gihugu cose yaba mu mareta indwi azofata ingingo ya nyuma y'amatora.
Bishingiye ku biharuro fatiro n'ingero z'ubunini gusa, bisigura ko umukandida uyu canke uwundi ashobora kuza imbere.
Uko kutamenya iyo ibintu bija niko kumena umutwe abahinga mu vya politike n'abo mu matora.
Hari igihe haba ibintu bimwe bimwe bitangaje - nk'akarorero kamwe gakomeye - itohoza riheruka gukorwa muri reta ya Iowa ishigikiye aba republikani, ryerekana ko Harris aza imbere cane mu majwi.
Ariko uravye amatora ariko araba, n'ibiharuro bitegekanijwe kuvamwo, vyose vyerekana ko ari nko guterera hejuru ikingorongoro utazi uruhande ruja kugwa munsi n'uruja kugwa hejuru.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ariko ntibisigura ko hadashobora kuba uwuzotahukana intsinzi mu buryo bugaragara. Bivana n’ivyohinduka mu buryo abantu baja kwitaba amatora ugereranije n’ayamaze kuba.
Nka hamwe ibintu bitogenda uko bisanzwe bimenyerewe, abagore canke abataba mu bisagara bakayitaba ku bwinshi, canke abasanzwe ataco amatora ababwira ubu bakayitaba, ivyo vyohindura cane ivyoyavamwo.
Nta wuzi ko Trump azokwegeranya amajwi y’abirabure n’abaLatino bakiri bato nk’uko abatunganya imyiyamamazo yiwe bavyiteze.
Canke ko Harris azotsinda mu bagore bo mu nkengera z’ibisagara basanzwe batora aba Republicain nk’uko abamufasha bavyizeye.
Nta n’uwuzi uko abageze mu za bukuru uyu mwaka bazotora, ubundi ntibasiba amatora kandi akenshi bahengamira ku ba Republicain, kiretse uyu mwaka bagiye ku rundi ruhande.
Uwuza gutsinda nta nkeka araza kuboneka
Aya matora niyahera, turaza gushobora kuvuga igituma uwatsinze amatora yaje imbere.
Kumbure umuntu avyishweje neza ata guhengama, inyishu iraza kuboneka. Ariko uwovuga ingene ibintu biza kugenda ubu yoba ariko aratubesha nawe kandi yibesha.

Amareta ashigikiye Abademokrate n'ayashigikiye Abarepublikani
Mu mareta menshi yo muri Amerika, ibizova mu matora y'umukru w'igihugu kenshi biba bizwi ata nkeka. Ariko hariho amareta indwi akomeye azofata ingingo y'aya matora.
Nyamara ayo mareta yose ntangana. Umukandida umwe wese afise ico umuntu yogeretanyab n'uruhome rw'amareta 3 amushikana mu biro vy'umukuru w'igihugu (Maison Blance/White House).
Harris ashigikiwe n'abari mu mareta ya blue wall (uruhome rw'ubururu), bayise uko kubera ibara ry'ubururu ry'umugambwe w'amademokrate, ayo mareta akaba ari Pennsylvania, Michigan na Wisconsin mu karere k'ibiyaga binini. Ibi vyabaye mu biganiro vyinshi vya politike kuva mu 2016 igihe Trump yatsinda n'amajwi make mu mareta atatu asanzwe azwi ko ashigikiye abademokrate.
Joe Biden yarayisubije mu 2020. Harris ashoboye kuzigumana, ntakeneye ahandi aja guhiganwa, mu gihe yotsinda no muri reta ya Nebraska.
Nico gituma yagumye umwanya munini muri ayo mareta amushigikiye mu gihe c'imyiyamamazo akamarayo umunsi wose muri reta imwe imwe.
Mw'ijoro ryo ku wa mbere,yiyamamaje ubwa nyuma muri Philadelphia, Pennsylvania, ari hejuru y'ingazi zigana mu gisagara kirimwo inzu ndangakaranga.
Amareta ashigikiye Trump (red wall) aherereye mu buseruko bwa Amerika. Ntavugwa cane ariko arangana mu kumuha amahirwe yo gutsinda. Ayo mareta atangurira muri Pennsylvania, akabandanya gushika muri North Carolina na Georgia. Agumanye izi reta, azotsinda.
Nico gituma yiyamamaje incuro zitanu muri North Carolina mu ndwi iheze gusa.
Reta ihuza abashigikiye impande zompi ni Pennsylvania - hazobera uguhiganwa gukomeye ku ntsinzi y'amatora. Akazina k'iritazirano bayihaye ni Reta y'Ibuye ry'urufunguruzo, ntiryari bwigere riyibera nko muri iki gihe.
Kazoza ka America mu mayira abiri
Rimwe na rimwe gutsindwa mu nteguro y'amatora ni insiguro ya kahise k'aya matora y'umukuru w'igihugu.
Harris naTrump babona Amerika mu nzira zibiri zitandukanye cane - ku bimukira n'abarondera ubuhungiro, urudandanzwa, ibibazo vy'imico na politike y'imigenderanire n'ibindi bihugu.
Umukuru w'igihugu azotwara imyaka ine iri imbere azoshobora guha intumbero reta ya Amerika - harimwo sentare nkuru z'igihugu- ku buryo buzoshobora kugira ingaruka no ku bazokwaruka mu myaka myishi iri imbere.
Ivya politique yo muri Amerika vyagiye birahinduka cane mu myaka ine iheze, bikaba vyaragize impinduka ku mice y'abashigikiye imigambwe yompi.
Umugambwe w'abarepublikani wo mu myaka 10 uratandukanye cane n'uwo Trump arongoye, ukwega abifise n'abo amikoro make.
Umugambwe w'bademokrate uracashingiye cane ku bakiri bato n'abirabure ariko uzeye runini ku batunzi n'incabwenge.
Ibiza kuva mu matora yo kuri uyu wa kabiri bishobora kuba ikindi cemeza c'ingene izo mpinduka zikomeye zabaye muri politike muri Amerika, urabiye gusa ku myaka 8 iheze, ziriko zirasubiramwo ikarata ya politike ya Amerika.
Iri higanwa rishibora kuba irya 50 ku 50, ariko ivyo ntibisigura ko ariyo izoba ibaye ingendo igiye kumenyerwa muri politike ijanyeb n'umukuru w'igihugu muri Amerika.










