Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abanya-Afrika boba bararetse n'ibigirankana ngo Umushinwa abe uwa mbere?
Abatunganije ihiganwa mu gusiganwa ku nusu ya marathon (21km) ry'i Beijing bariko baratohoza ibivugwa ko abanonotsi batatu b'Abanya-Afrika baretse n'ibigirankana umwirutsi rurangiranwa w'Umushinwa He Jie ngo atsinde isiganwa ryo ku wa mungu.
Amasanamu ya video yerekana abanonotsi b'abanya-Kenya Robert Keter na Willy Mnangat hamwe n'umunya-Ethiopia Dejene Hailu berekana umurongo wa nyuma imbere y'uko bareka He akabarengana.
He, w'imyaka 25, yaciye atanga gushika abo batatu umusekunda umwe gusa, bo baca banganya ikibanza ca kabiri.
Vyaraneguwe na bamwe mu bakoresha imbuga hwaniro mu Bushinwa.
Umuvugizi w'ishirahamwe ry'inkino i Beijing yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko bariko baratohoza ivyashitse, yongerako ati: ''Tuzomenyesha abantu ivyavuyemwo niyo amatohoza yarangira.''
Xstep, kompanyi y'ibikoresho vyo mu nkino yatanze uburyo muri iryo siganwa ikaba inafise amasezerano na He, yabwiye ikinyamakuru ca reta y'Ubushinwa The Paper iti: ''Ibintu biriko biratohozwa ngo bihinyuzwe n'impande zitandukanye. Ayandi makuru azoshikirizwa niyo yaboneka.''
He, w'imyaka 25, yatsindiye umudari w'inzahabu muri marathon mu nkino za Asia zo mu 2023 i Hangzhou akaba ari nawe wa mbere kuri iyo ntera mu gihugu.
Itangazo urwego ruraba inkino z'ubunonotsi kw'isi (World Athletics ) rwarungikiye BBC rivuga riti: ''Twarabonye iyo video iriko irazunguruka ku mbuga hwaniro ... kandi twamenye ko hariko harakorwa amatohoza n'ababijejwe.
''Ubuziranenge mu nkino zacu nico kintu dushira imbere muri World Athletics. Mu gihe ayo matohoza akibandanya, nta bindi birenze aho dushobora kuvuga.''
Yaba He, Hailu, Keter canke Mnangat nta n'umwe aragira ico avuze kuri ayo matohoza.