Umuganura uvuze iki ku Banyarwanda baba mu Bubiligi?

- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru
- Yakoze inkuru ari, Mu Bubiligi
Abanyarwanda baba mu Bubiligi bahimbaje umunsi mukuru w'Umuganura wo gusangira umwaka biyemeza kwunga ubumwe kurushirizaho.
Ni umwe mu minsi mikuru ya kera mu bihugu vy'Urwanda n'Uburundi (umuganuro) imbere y'ubukoloni aho abahinga muri kahise bavuga ko watanguye hagati y'ikinjana ca 9 n'ica 15.
Mu gihugu c'Ububiligi, ku bilometero birenga 7000 uvuye mu Rwanda, bamwe mu banyarwanda n'incuti zabo ku wa gatandatu bahuriye mu gisagara ca Brugges ku nkegera y'Ikiyaga c'Uburaruko (Mer du Nord), baje guhimbaza uwo munsi.
Amajana y'abambaye impuzu z'akaranga n'imbega bari basidukanye n'iyonka, abakuze n'abato, bagamije no gutsimbataza ubumwe hagati yabo muri kino gihe ata biro vy'ubuserukizi bw'Urwanda mu Bubiligi bihari.
Gahutu, umunyarwanda w'imyaka 74 amaze imyaka 40 aba mu Bubiligi, avuga ko baje guhimbaza Umuganura kugira barwanye gucanamwo no gushihana gutyo babumbatire ubumwe bw'abanyarwanda.
''Ubundi umuganura wari umunsi ukomeye aho abantu bose baba bimbuye bagasangira umwaka, bagatangura uwundi'', niko Gahutu asigura.
''Natwe tuje hano kwerekana ko ibi dupfa by'ubuhutu n'ubututsi ataco bimaze twese turi abanyarwanda dutegerezwa kuraga aba bana bacu twavyariye mu mahanga urukundo n'umubano vyiza''.
Avuga ko Umuganura ari ''umugozi wo kwunga abanyarwanda bose nk'uko vyamye kera, biyumvemwo ko ari abanyarwanda''.
Ikigo Fondation Baudouin cegeranya ibiharuro vy'abanyamahanga baba mu Bubiligi, mu 2024 cagereranya ko muri ico gihugu haba Abanyarwanda bari hagati y'ibihumbi 35 na 45.

Ivyo abihuzako na Gakuba Ernest arongoye ishirahamwe ry'Abanyarwanda baba mu Bubiligi.
Yemeza ko ibihe abanyarwanda baba mu Bubiligi babayemwo bidasanzwe kubera politique ari naco gituma bategerezwa kwiyunga gusumba.
Umuganura rero ngo ni ''uw'abanyarwanda bose, bategerezwa kuwiyumvamwo kugira batsinde inzankano''.
Yvette Umutangana nawe arongoye abanyarwanda baba mu Bubiligi igice kivuga ururimi rw'igiholande, ahabereye ivyo birori. Avuga ko ari umunsi wo kwirimbura.
Ati : ''Umuganura ni ukurya umwaka, kwerekana ivyo twasaruye, ... twazanye imbuto zose zirimwa mu Rwanda. Ni ahacu ho kwirimbura ata buryarya ku co twagezeko mu bikorwa vyacu tukigaya, tukinegura canke tukitera amashurwe iyo twakoze neza''.
Uwo munsi wabaye uwo gusangira ibifungurwa kavukire birimwa mu Rwanda no kwerekana umuco nyarwanda biciye mu mvyino no mu ntambo.
Yvette avuga ko Umuganura ari wo munsi uhuza abanyarwanda bose bo mu moko yose n'ivyiyumviro vyose kugira bayage badahezanyayo ibihanze Urwanda n'uko bobikemura.
Umuganura mu Rwanda uhimbazwa mu kwezi kwa mu munani bisunze ikirangaminsi c'Urwanda rw'imbere y'ubukoloni aho umwaka watangura mu kwezi kw'icenda.
Ukwezi kw'umunani nikwo rero kwari ukwa nyuma mu Rwanda rwa kera bazosererako umwaka ari naho bahimbaza Umuganura.
Ibaye incuro y'icenda abanyarwanda baba mu Bubiligi bahimbaje Umuganura.














