Umuco: Ishure ryigisha ururimi n'umuco nyarwanda mu Bubiligi.

- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru mu Bubiligi
Mu gihe abana bamuka ku bavyeyi b'abanyafrika benshi baba ku mugabane wa Bulaya usanga batazi ururimi rw'igihugu bamukamwo canke imico yabo, abanyarwanda baba mu Bubiligi bobo baratoreye inyishu mu gushinga ishure ryigisha ururimi rw'ikinyarwanda, intambo (imbyino) hamwe na kahise k'ico gihugu(histoire).
Iryo shure ryiswe ''Umuco'' riri mu gisagara ca Liège mu bumanuko bw'Ububiligi.
Ishure Umuco ryashinzwe mu 2019 n'ishirahamwe ry'abanyarwanda baba mu gisagara ca Liège (Diaspora Rwandaise de Belgique).
Umwe mu barishinze, Eric Twagirimana, ari na we arirongoye yabwiye BBC Gahuzamiryango ko intumbero ari ukwigisha ikinyarwanda n'ugukundisha umuco nyarwanda abana bavukiye mu Bubiligi n'abahakuriye bamuka mu Rwanda.
Agira ati: ''Iri shure ryakira abarenga 100 bafise imyaka itandukanye kuva ku bato bafise imyaka iri munsi y'itanu gushika kubarenza imyaka 18.
"Abahiga ni abana b'abanyarwanda, abana b'imvange (métis) n'abazungu bipfuza kumenya Urwanda biga kabiri mu kwezi ururimi rw'ikinyarwanda, kuvyina ikinyarwanda hamwe na kahise»

Iryo shure risanzwe rifise abigisha indwi harimwo 4 bigisha ikinyarwanda, babiri bigisha gutamba ikinyarwanda n'umwe yigisha kahise(histoire). Uwo na we akaba ari umuzungu.
Ati: ''Uwigisha kahise k'Urwanda (histoire) ni umuzungu w'umubiligi. Hariho n'abazungu baza kwiga ikinyarwanda kandi barabikunda. Ni co gituma twishimiye intambwe tugezeko kandi uravye n'amahera y'ishure ntavuna. Ni ama euro 70 gusa ku mwana. Uravye uburyo dukoresha ntabwo ari menshi.''
Eka n'abavyeyi bahafise abana barashima ivyo iryo shure rigezeko. Abo ni nka Marie claire Mukashyaka.
Uyu muvyeyi agira ati: ''Twebwe abavyeyi biradutera akanyamuneza iyo tubonye abana bacu biga ikinyarwanda n'imvyino zacu. Bitwereka ko n'aho turi kure y'igihugu cacu, abana bacu bagifise akaranga k'iwacu kabafatanya n'igihugu twamukamwo''.

Eka n'abigisha kuri iryo shure nka Christophe Ikitegetse avuga ko ari intambwe ikomeye.
Agira ati: ''Nta bwo vyoroshe kwigisha ikinyarwanda abana bavukiye ngaha. Ariko uravye uko abana babikunda vyerekana ko ejo ari heza kuri bano bana kuko bakunda igihugu cabo n'umuco wabo.
"Ivyo vyerekana ko kazoza k'igihugu cacu ari keza kuko igihugu gitezwa imbere na beneco.''
Uretse kwigisha ururimi, umuco na kahise vy'Urwanda, iryo shure kandi rirarungika abana bavukiye mu mahanga kuruhukira mu Rwanda kugira babone ico gihugu n'ubwiza bwaco.
Ico gikorwa bakaba bipfuza kugikora buri mwaka kugira abana bavukiye mu mahanga bamenye neza igihugu cabo.













