Intureka zirimwo amasasu mw'ikambi y'impunzi z'Abarundi i Nyarugusu muri Tanzania

Icapa ca HCR c'ikambi ya Nyaruguru muri Tanzania

Ahavuye isanamu, UNHCR

Amakuru ava mw'ikambi y'impunzi ya Nyarugusu mu karere ka Kasulu k'intara ya Kigoma muri Tanzania avuga ko hari umuntu yarashwe arapfa abandi batanu barakomereka barashwe n'igipolisi mu ntureka zadutse muri iyo kambi ku wa kabiri.

Ababa muri iyi kambi bemeza ko umusi wa kabiri wabaye umusi w'induru, aho amajwi n'amashusho vyakwiragijwe ku mbuga hwaniro vyumvikanamwo urwamo rw'amasasu n'impunzi ziriko zirashwiragira.

Hari mbere n'amashusho yerekana impunzi zakomerekejwe n'amasasu.

BBC yabajije abategetsi ba Tanzania n'ishirahamwe rijejwe impunzi nimba ibivugwa ari vyo, abaserukira HCR muri Tanzania bavuga ko bavyumvise, ariko ko ata makuru aramvuye bafise, bemera kugira ico bavuze bamaze kumenya ido n'ido ry'ingene vyagenze.

Ikambi ya Nyarugusu igabuyemwo ibice bibiri: igice kirimwo impunzi z'Abarundi n'ikindi kirimwo Abanye Congo. Intureka zadutse ku ruhande rw'Abarundi.

Nk'uko umwe mu mpunzi yabibwiye BBC Gahuzamiryango, izi ntureka zatanguye mu gatondo ko ku wa kabiri. Asigura ko, vyatanguye igihe imodoka zibiri zatera iduka y'impunzi, zipakira ibicuruzwa vyiwe, incuro zibiri.

Avuga ko ku ncuro ya gatatu impunzi zaciye zigumuka, zitera amabuye izi modoka, zimena ibiyo vyazo, ari naho igipolisi caca cisukira kigatangura kurasa ku mpunzi gikoresheje amasasu n'ivyuka bikoroza amosozi.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Iyi mpunzi yavuganye na BBC imenyesha ko mu nyuma, mu masaha y'umuhingamo abapolisi baciye batangura kumena n'amazu.

Ati: "Na jewe iwanje baramenaguye imiryango n'amadirisha, ibintu vyose barasanzaza".

Uru ni uruhande rumwe, kandi BBC ntiyashoboye guhinyuza ibi bivugwa n'iyi mpunzi iba muri iyo kambi ya Nyarugusu.

Ariko, ayandi makuru nayo avuga ko intureka zadutse igihe abapolisi baja gusaka ibintu bitemewe n'amategeko mw'ikambi, ivyoba bitaguye neza izi mpunzi.

Uwujejwe kumenyesha amakuru mw'ishami rya ONU riraba impunzi HCR muri Tanzania aremeza ko baronse amakuru y'izo ntureka "twumva ko zarimwo n'amasasu" ariko ko ata do n'ido ry'ivyabaye araronka. Yabwiye BBC ko barungitse intumwa mw'ikambi kubiraba.

Eka n'umuvugizi wa reta ya Tanzania, Gerson Msigwa yabwiye BBC ko yari akirondera amakuru kuri izo ntureka zivugwa mw'ikambi ya Nyarugusu.

Ibi bibaye inyuma y'imisi mike hadutse intureka zisa n'izi nyene mw'ikambi ya Nduta y'Abarundi nyene iri mu karere ka Kibondo muri iyo ntara ya Kigoma, aho impunzi zivuga ko hadutse akaguma gaturutse ku wabo yari yatwawe mw'ijoro ahantu hatazwi, zozo zikaba zemeza ko yanyurujwe.

Abategetsi bahavuye baja guhumuriza, impunzi zirashikiriza imyidogo yazo, abategetsi nabo bazisaba ko mu gihe hagize ingorane yaduka, zokurikiza amategeko hanyuma zikitura inzego zibijejwe kugira ngo zitunganirizwe.

Tanzania ifise kahise ko kwakira impunzi ziva mu bihugu bitandukanye zihunga indyane mu bihugu ziturukamwo, harimwo n'Uburundi.

Ibiharuro vy'ishirahamwe HCR rijejwe impunzi kw'isi vyerekana ko gushika muri Nyakanga (9) 2023, Tanzania yari ihaye indaro impunzi 250.522, ahanini ziva mu Burundi no muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo. Nyinshi muri zo ziri mu makambi ya Nduta na Nyarugusu.

Mu makambi y'impunzi z'Abarundi ziri mu ntara ya Kigoma harakunze kuvugwa intureka, impunzi zikidogera bamwe mu bazirongoye no mu bajejwe umutekano ko bama bariko barondera aho bazica, mu ntumbero yo kugerageza kuzihatira guhunguka.

Zivuga ko zitukwa, ziterwa ubwoba, zibwirwa ko Tanzania itazikeneye, zikaba zifise ubwoba ko zishobora gutahukanwa ku nguvu.

Mu kwezi kwa mbere umwaka uheze wa 2024, umukuru w'igisirikare ca Tanzania yabwiye Perezida Samia Suluhu Hassan ko impunzi ari ikibazo ku mutekano w'igihugu, nawe yemeza ko reta yiwe yari igiye kurondera ingene zotahukanwa, "cane cane iz'Abarundi n'iza Repubulika ya Demokarasi ya Congo". Ivyo vyaraziteye ubwoba ko zishobora kwirukanwa, ariko mu nyuma ishirahamwe HCR rikaba ryarazihumurije ko zitazotahukanwa ku nguvu.

Vyongeye, reta ya Tanzania ibandanya ivuga ko umugambi wo guhungura izi mpunzi z'Abarundi ugikorwa ku gushaka, ariko ko ihimiriza ribandanya.

Ariko, impunzi zibona ko ingingo zimwe zimwe zifatwa n'abarongoye amakambi - nk'akarorero iyugarwa ry'amasoko - ari uburyo bwo kuzihatira guhunguka ku nguvu.