Russia - Ukraine: Wagner itangaza ko yafashe Bakhmut, Kyiv ikabihakana

Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yakeje umurwi Wagner w’abacangero inyuma y’aho utangarije ko wigaruriye igisagara ca Bakhmut muri Ukraine.
Uwashinze Wagner, Yevgeny Prigozhin – ari kumwe na bamwe mu barwanyi biwe – yabitangarije muri videwo yacishijwe ku mbuga hwaniro nijoro ku wa gatandatu.
Icegera c’umushikiranganji wa Ukraine ajejwe kwivuna abansi yamirira kure ivyo, ariko akemera ko ibintu vyifashe “nabi cane” muri ico gisagara.
Ico gisagara kirangwamwo imwe mu ntambara zikomeye cane kuva mu kwezi kw’umunani.
Ingabo z’umurwi Wagner ni zo zafashe iya mbere mu kurwanira ico gisagara – abihweza ibintu n’ibindi babona ko ata kamaro kanini gifise kuri Moscou – kikaba catikiriyemwo ibihumbi n’ibihumbi vy’ingabo.
Ukraine, ku ruhande rwayo, yafashe ingingo yo kutarekura muri iyo ntambara ya mbere ndende kandi ihitanye abantu benshi gushika ubu.
Ariko mu vyashikirijwe n’ibinyamakuru vya reta y’Uburusiya, Putin avuga ko ingabo za Wagner, zifashwe mu mugongo n’indege z’intambara z’Uburusiya, zarangije “igikorwa co kubohoza” Bakhmut ku wa gatandatu inyuma y’amezi atari make y’intambara z’urutavanako.
Prigozhin, incuti ya hafi ya Putin, arongoye uyu murwi wa gisirikare wigenga ugizwe n’ibihumbi vy’abarwanyi.
Imbere y’aha yari amaze gutangaza ko ingabo ziwe zafashe Bakhmut – canke igice hafi cose cayo – ubwo nyene abanya-Ukraine bagaca babibeshuza.
Prigozhin arifatira kandi mu gahanga abategetsi bakuru ba gisirikare b’Uburusiya, abanegura ku mugaragaro ko badaha uburyo bukwiye ingabo ziwe.
Muri ino videwo yasohoye avuga ko yigaruriye Bakhmut, Prigozhin yavuze ati: "Nta n’umwe ubu ashobora kutwagiriza ko ata n’agace na gatoya turafata”.
Amabombe aracasirana, vyumvikana ko intambara zikibandanya hafi y’iki gisagara, niba atari hagati muri co.
Yiyemeje kandi gushikiriza iki gisagara ingabo z’Uburusiya mu misi iri imbere.
Amajambo yiwe yasubiwemwo n’ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi mw’ijoro ry’ejo ku wa gatandatu, nk’uko ibinyamakuru vya reta i Moscou bibivuga.

Ahavuye isanamu, Telegram
Ariko mw’itangazo ryacishijwe ku rubuga hwaniro rwa Telegram haciye akanya, icegera c’umushikiranganji wa Ukraine ajejwe kwivuna abansi, Hanna Maliar, yavuze ati: "Intambara zikomeye cane muri Bakhmut. Ibintu bimeze nabi.
"Kugeza ubu, abarwanyi bacu bagenzura ibigo bimwe bimwe vy’amahinguriro n’ibikorwa remezo muri ako karere ndetse n’abikorera utwabo".
Abategetsi b’uburengero bavuga ko ingabo z’Uburusiya ziri hagati ya 20.000 na 30.000 ziciwe canke zigakomerekera muri Bakhmut, mu gihe n’ingabo za Ukraine nazo nyene zahatakarije bikomeye.
Kugira ushobore kubona inzu imwe gusa igihagaze ntivyoroshe, kandi n’abanyagihugu bose baba muri ico gisagara baromotse.
Ibi bitagajwe na Wagner bije mu gihe Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yari yagiye mu Buyapani kwitabira inama y’abategetsi b’ibihugu bitunze kurusha ibindi kw’isi, G7.
Ibihugu vy’incuti ziwe z’Uburengero vyaramwemereye iyindi mfashanyo, harimwo ingingo ikomeye vyafashe yo kumuha indege z’intambara zo mu bwoko bwa F-16, bica bitangaza n’ibindi bihano bifatiye Uburusiya.
Ingabo z’Uburusiya zatanguye igitero kuri Ukraine ku wa 24 Ruhuhuma (2) mu mwaka uheze, ubu zikaba zigenzura uduce twayo mu buseruko.
Ukraine yari yiteze gutangura igitero rurangiza co kubohoza uturere yatakaje, ariko Perezida Zelensky aherutse kumenyesha ko bagikeneye umwanya wo kwitegura.
Yavuga ko Bakhmut ari "urutare" rwerekana ubutwari bwa Ukraine.
Ukraine yizeye ko intambara ya Bakhmut yagabanije ubushobozi bw’Uburusiya bwo gukora ibitero vyabwo, mbere inatwara n’uburyo bwinshi yongera inaniza n’igisirikare cabwo.










