Amasandugu yuzuye ivyibazwa ko ari cocaine yatowe mu muduga w'ubuserukizi bwa Sierra Leone

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Wycliffe Muia
- Igikorwa, BBC News
Sierra Leone yahamagaje uwuyiserukira mu gihugu kibanyi ca Guinée inyuma y'aho amasandugu indwi arimwo ibikekwa ko ari ikiyayuramwutwe ca cocaine atowe mu modoka y'ubuserukizi.
Ku wa mbere, abategetsi ba Guinée barafashe imodoka y'ubuserukizi bwa Sierra Leone baca bapfunga abari muri yo haketswe ko bafise ''ibintu bishobora kuba ari cocaine'', nk'uko vyatangajwe n'umushikiranganji wa Sierra Leone ajejwe imigenderanire Alhaji Musa Timothy Kabba.
''Kubera ibi bintu bikomeye vyashitse, reta yaciye itumako vyihuta uwuhagarariye Sierre Leone muri Guinée, Ambassadeur Alimamy Bangura, agaruke Freetown gutanga insiguro zikwiye z'ivyabaye,'' niko yongeyeko.
Uwo yahamagajwe ntiyari muri iyo modoka kandi we ntiyafashwe, nk'uko umushikiranganji yavuze.
''Ntakiragaragaza ko uwo aserukira igihugu afise uruhara muri urwo rudandazwa rwo mu kinyegero,'' nk'uko Kabba yavuze.
Amafaranga abona ashika hafi $2.000 yatowe hamwe n'ayo masandugu, ku bw'uwo mushikiranganji, atavuze ibiro ivyo bikekwa kuba ibiyayuramutwe vyapima.
Yavuze ko ivyo bihugu bibiri vyompi vyo muri Afrika y'uburengero biriko birakorana ''ku matohoza yimbitse'' ku vyashitse, yiyemeza ko ababifisemwo uruhara bose bazobibazwa.
''Uwo ari we wese azokwagirwa no kurenga ku mategeko ya Sierra Leone na mpuzamakungu ku bijanye n'urudandazwa rw'ibiyayuramutwe azokubitwa intahe mu gahanga n'amategeko.''
Afrika y'uburengero n'inzira ikomeye y'urudandazwa rwo mu kinyegero rwa cocaine ivuye muri Amerika y'Epfo, aho ikorerwa, ija i Buraya, imwe mu masoko akomeye y'ico kiyayuramutwe.
Ariko hari n'ibiyayuramutwe bikoreshwa aho nyene muri ico gihugu.
Mu kwezi kwa Ndamukiza (4) guheze, perezida wa Sierra Leone Julius Maada Bio yatangaje ko gukoresha ibiyayuramutwe ari ikibazo cihutirwa muri ico gihugu.
Ikimaze imyaka kihasibije cane cane ni Kush, uruvangatirane rw'ibiyayuramutwe.
Abanyagihugu basaba abategetsi kubafasha guhangana n'ico kibazo c'abakoresha ibiyayuramutwe.










