Kubera iki basanze ikiyayuramutwe ca cocaine mu mafi ya roquins mu nyanja?

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Felipe Souza na Leandro Machado
- Igikorwa, BBC News Brasil
Abahinga bariko bagerageza gutahura igituma amafi yo mu bwoko bwa requins/sharks yapimwe bakayasangamwo ikiyayuramutwe ca kokayine (cocaïne/cocaine).
Abahinga mu binyabuzima vyo mu mazi bo ku kigo Oswaldo Cruz Foundation bapimye ama-requins 13 mu mazi yo ku nkengera ya Rio de Janeiro bayasangamwo urugero runini rw'iki kiyayuramutwe mu mitsi no mu gitigu.
Ubu ni bwo bushakashatsi bwa mbere butoye kokayine mu ma requins. Urugero bazisanzemwo rusumba incuro hafi 100 urwari rumaze gutorwa mu bindi bikoko vyo mu.
Hari ivyiyumviro vyinshi ku kungene iki kiyayuramutwe cashitse mu mubiri w'ivyo bikoko.
Bamwe mu bahinga bemeza ko kokayine ishika mu nyanja biciye mu bigo bitemewe n'amategeko bihingura iki kiyayuramutwe, canke mu mazirantoke n'amsobe y'abanywa iki kiyayuramutwe.

Ahavuye isanamu, Oswaldo Cruz Foundation
Umwe mu banditsi b'ubwo bushakashatsi, Rachel Davis, umuhinga mu bijanye n’ibinyabuzima akongera akaba n'umushakashatsi muri laboratware (Laboratoire/Laboratory) y’ikigo gishinzwe gusuzuma no guteza imbere ubuzima bushingiye ku bidukikije ku kigo Oswaldo Cruz (IOC / Fiocruz), asigura ati:
“Ubushakashatsi bwacu bwerekana ko ibi vyiyumviro vyompi bishobora kuba iimvo y’iyi kokayine yabonywe: kumara igihe kinini uhura na kokayine ikoreshwa n’abantu muri Rio de Janeiro ... [no] mu malaboratware atemewe n’amategeko”.
Amapaki ya kokayine atakara canke atabwa mu nyanja n’abayicuruza nayo ashobora kuba isoko y’iki kiyayuramutwe, ariko abashakashatsi bafata ko iki kitoshoboka.
Ati: "Ntidukunze kubona udusaho twinshi twa kokayine twatawe canke twatakariye mu nyanja hano, ibitandukanye no muri Mexique na Florida. Rero ni co gituma dufata izo mvo za mbere [ko ari zo mpamvu nyamukuru]. ”

Ahavuye isanamu, Oswaldo Cruz Foundation
'Ubushakashatsi buteje impungenge'
Sara Novais – umuhinga mu bijanye n’ubumara bwandukira inyanja mu kigo Center for Environmental and Marine Sciences cegukira kaminuza Polytechnic University of Leiria muri Portugal – yabwiye ikinyamakuru Science ko ivyatowe muri ubu bushakashatsi ari ikintu “gikomeye cane kandi giteje impungenge”.
Ifi zose z’ingore za roquins zakoreweko amatohoza zifise amezi (zirakuriwe/ziratwite), kandi nta wuzi ingaruka kokayine ishobora kuba igira ku bana bazo bari mu nda.
Harakenewe ubundi bushakashatsi kugira ngo hamenyekane nimba iki kiyayuramutwe gishobora guhindura inyifato y’ama-requins.
Ubushakashatsi bw’imbere y’aha bwerekana ko ibiyayuramutwe bishobora kuba bigira ingaruka zimwe ku bantu no ku bikoko.
Abashakashatsi bakoreye ku bwoko bumwe gusa bwa requins, ariko babona ko n’ayandi moko ari muri ako karere nayo nyene ashobora kuba arimwo kokayine.
Rachel Davis agira ati: "Ama-requins arya ibindi bikoko kandi inzira nyamukuru yo kwanduriramwo imicafu y’ubumara ni inzira y’ivyo kurya. Birashoboka cane ko ibikoko biribwa n’aya mafi bishobora kuba vyaranduye”.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Inzira ya kokayine
Hari kokayine nyinshi cane muri Brezili bitewe n’uko aho iki gihugu giherereye biha akaryo abakora magendo kuhacisha iki kiyayuramutwe mu buryo bwa magendo mu kugishora ku yandi masoko – cane cane i Bulaya no muri Afrika, nk’uko bisigurwa na Camila Nunes Dias, umuhinga mu bijanye n’imibereho kw’ishure kaminuza ya São Paulo (USP) muri Brezili.
Nk’uko abivuga, ibi vyatumye iki gihugu kiba ihuriro rikomeye ry’inkozi z’ikibi zihagararira uru rudandazwa.
“Kuba igihugu kiri mu karere kirimwo ni ikintu gikomeye kubera ku ruhande rw’uburengero gihana urubibe n’ibihugu vyimbura iki kiyayuramutwe - Peru, Colombia na Bolivia – kandi ikaba Ishika kw’ibahari Atlantiki iciye ku bivuko bitandukanye.
"Nibaza ko iki ari co gisigura igituma igice kinini c’iki cimburwa kija i Bulaya na Afrika gica muri Brezili. Igihugu ni kinini cane kandi gihagaze ahantu heza”.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abibira mu mazi boshobora kuba bakwiragiza iki kiyayuramutwe ?
Hagati aho, Nunes Dias abona ibitandukanye n’ivyo aba bashakashatsi bavuga, aho yemeza ko amazi atacafujwe na kokayine ihingurirwa mu ma laboratware yo mu karere.
Uno mupfasoni abona ko bishoboka ko yoba yacafujwe n’abibizi bagenda batekeye iki kiyayuramutwe mu mato.
Ati: “Twarashoboye kubona amayeri menshi y’ingene abibizi bashira kokayine ku mato. Umwihwezo wanje, ndabirabiye kure, ni uko iyi nsiguro yumvikana gusumba”.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uno muhinga mu mibereho avuga ko kokayine yinjira muri Brezili iciye mu nzuzi no mu mabarabara imbere y’uko irungikwa i Bulaya iciye ku bivuko n’ibibuga vy’indege bitari bike muri ico gihugu.
Nunes Dias asigura ko kokayine irungikwa muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika itwarwa cane cane n'abakora magendo ba Mexique na Colombia. Hagati aho, Brezili ni ihuriro rikomeye.
“Ibivuko vyose vyo muri Brezili birasohoka. Ikoreshwa rya buri kivuko rigenzurwa n’imirwi itari mike y’inkozi z’ikibi, nka PCC (Primeiro Comando da Capital) na Comando Vermelho.”

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kokayine irashobora kwinjira m mubiri w'umuntu ariye inyama y'ifi ya requin?
Kokayine itera aya mafi ya requins ishobora kwinjira mu bantu biciye mu mfungurwa.
Umushakashatsi Rachel Davis avuga ko iki kiyayuramutwe bishobora kurangira cinjiye mu mubiri wa kiremwamuntu biciye mu kwihereza utu-requins duto nk’imfugurwa muri Brezili.
“Kokayine yaramaze kwinjira mu ndya, [kubera] amafi ya requins asanzwe ari imfungurwa ya misi yose muri Brezili no mu bindi bihugu bitari bike, harimwo Amerika, Ubwongereza, Mexique n’ibindi vyinshi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ariko ntibizwi neza nimba urugero rw’iki kiyayuramutwe rwinjira ruciye mu gufungura ibi bikoko rushobora kugirira nabi abantu.
Davis agira ati: “Impungenge ku magara y’abantu zitewe no gufungura ibi bikoko ntizirashobora kwerekanwa, [kubera] nta rugero ntarengwa rurashirwaho kubera ingaruka mbi ku magara”.
Ama-requins n’ayandi mafi arinjiza amazi biciye mu rukoba no mu mpumekero zayo, Davis akavuga ko nimba kokayine ishongeye mu mazi yo mu nyanja, ntivyitezwe ko yohava igira ingaruka ku bantu boga mu nyanja.
"Ku bijanye n’ingaruka ku magara ya kiremwamuntu mu bundi buryo, harimwo no kwitega ayo mazi – twizeye ko ari nke cane”.










