US: Joe Biden yashigikiye Kamala Harris inyuma yo guhagarika kwiyamamaza

Joe Biden ahagaze hamwe na Kamala Harris

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Joe Biden ahagararanye na Kamala Harris
    • Umwanditsi, Michael Sheils McNamee
    • Igikorwa, BBC News

Perezida wa Leta zunze Ubumwe za Amerika Joe Biden yatangaje ko yahagaritse kwiyamamaza kwongera guhiganirwa intebe y'umukuru w'igihugu, aho yavuze ko "biri mu nyungu z'umugambwe no mu nyungu z'igihugu".

Ibi bibaye hasigaye amezi ane gusa ngo muri Amerika baje mu matora, bikaba bigiye guhindura burundu isekeza ryo kwiyamamariza amatora y'umukuru w'igihugu.

Bikurikiye kandi amayinga yari aheze abo mu mugambwe w'aba Democrates bamuhimiriza gukura meza, inyuma yo kugaragaza ubushobozi buke, igihe yari mu kiganiro n'umukandinda wo ku ruhande rw'aba Republicains Donald Trump, mu mpera z'ukwezi kwa gatandatu.

Inyuma yo gutangaza ko akuyemwo akarenge ku muhingamo wo kuri uyu w'Imana, perezida Biden yaciye ashigikira icegera ciwe Kamala Harris agiye gufata ico kibanza co kwiyamamariza intebe y'umukuru w'igihugu.

Mw'ikete yashize ku rubuga hwaniro, yavuze ko kabaye agateka gahambaye ku buzima bwiwe kubona yajejwe ayo mabanga y'umukuru w'igihugu.

Yanditse ati: " N'ubwo ari je narondeye gusubira kwiyamamaza, ndizera ko gukuramwo akarenge biri mu nyungu z'umugambwe n'izo igihugu, no kwitaho kurangura amabanga njejwe nk'umukuru w'igihugu mu kiringo nshigaje".

Akamo ko gusaba Biden ngo asigeho kwiyamamaza, katanguye gukura inyuma y'aho mu mpera z'ukwezi kwa gatandatu, ikiganiro yakoze hamwe na Donald Trump kigenze nabi cane.

Muri ico kiganiro baramuneguye ko yasohora amajambo ataroranye, kandi yari afise ijwi rigaragaza inguvu nkeyi cane, ivyo abo mu mugambwe wiwe bavuga ko vyaturutse ku kamangu.

Inyuma y'aho, amajwi yabaye menshi aturuka mu mugambwe wiwe, bamusaba gukuramwo akarenge, aho benshi bibaza ko ukwo kwiyamamaza kwiwe gushobora kubangamira amahirwe yabo yo gusubira gutsinda mu matora yo mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Abakenguzamateka bakeyi, nabo nyene bari bamuhamagariye gutanga imihoho.

Mu gihe Kamala Harris yamaze kuronka umuhezagiro wa perezida, nta wuzi nimba abandi mu mugambwe bazoheza bakamushigikira nk'umukandida rukumbi ata wundi bahiganywe mu mugambwe.

Muri kino gihe inguvu zigiye gushirwa cane cane mu gutegura ikoraniro ry'umugambwe w'aba Democrates ryo kwemeza umukandida wabo, rizobera Chocago mu kwezi kuza.

Rizotangura kuwa 19 z'ukwezi kw'umunani, ariko umugambwe wa Biden watanguye kunyarutsa imyiteguro ku buryo umukandida wo muri leta ya Ohio azoba yemejwe imbere y'itariki indwi z'ukwo kwezi nyene kuza, bisobanura ko umukandida mushasha azoba yamenyekanye mu ndwi zibiri zirenga gato.

'Yashimye bivuye ku mutima'

Mw'itangazo riwe, perezida Joe Biden yashimiye icegera ciwe Kamala Harris, aho yamwise 'umufatanyabikorwa w'igitangaza'

Mu majambo yiwe yongeyeko ati: "Kandi reka nshimire bivuye ku mutima Abanyamerika ku bw'icizere mwangiriye."

"Uyu munsi ndizera kandi niko namye nizera, ko ata kintu Amerika idashobora gukora - iyo tubikoreye hamwe. Dukwiye kwama tuzirikana na ntaryo ko turi Leta zunze ubumwe z'Amerika."

Yanditse ko mu ndwi iza azoshikiriza ijambo ku gihugu kuri iki kibazo.

Mu ndwi iheze yasubiye iwe i Delaware inyuma yo gufatwa na Covid, ariko ku wa gatanu avuga ko arindiriye "gusubira mu nzira yo kwiyamamaza mu ndwi iza".

Yabanje kuvuga ko "Uhoraho Mushoboravyose" ari we wenyene ashobora kumutuma avanamwo akarenge, ariko mu nyuma aza kuvuga ko ashobora kuvyihweza nimba ari ngombwa ko akinjura biturutse ku kibazo c'amagara.

Aciye ku rubuga rwiwe , Donald Trump yavuze ko Joe Biden "adakwiriye kwiyamamariza kuba Perezida".