Umwe yapfuye mu mishamirano hagati ya Afghanistan na Iran - Taliban

Si bwo bwa mbere aba Taliban batana mu mitwe n'ingabo za Irani ku rubibe (Isanamu yo muri Ruhuhuma, 2022)

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Si bwo bwa mbere aba Taliban batana mu mitwe n'ingabo za Irani ku rubibe (Isanamu yo muri Ruhuhuma, 2022)

Ingabo z’aba Taliban bari ku butegetsi muri Afghanistan zatanye mu mitwe n’ingabo za Iran izijejwe gucungera imipaka ku rubibe ibi bihugu bihana.

Aba Taliban bavuga ko umwe mu basirikare babo yishwe muri ino ngwano y’ejo ku wa Mungu, yabereye mu karere kari hagati y’intara ya Nimroz ya Afghanistan n’akarere ka Hirmand ka Iran.

Kimwe cose cagiriza ikindi ko ari co casotoye.

Kuva abarwanyi b’aba Taliban bigaruriye ubutegetsi muri Afghanistan, haraciye umwaka, hama haba ukurasana ku rubibe ibi bihugu bihana.

Icateye iyi mishamirano y’ubu ntikiramenyekana.

Bahram Haqmal , umuvugizi w’igipolisi mu ntara ya Nimroz, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ati: "Dufise umwe yishwe n’uwundi yakomeretse”.

Mu ntara ya Sistan va Baluchestan ya Irani, umutegetsi wa Hirmand, Maysam Barazandeh, yasubiwemwo n’itororokanirizo ry’amakuru Fars ryo muri Irani avuga ko ku ruhande rwa Irani ata n’umwe yapfuye canke ngo akomereke.

Itororokanirizo ry’amakuru Tasnim ryo muri Irani ritangaza ko iyi ngwano yadutse igihe ingabo z’aba Taliban zigeragereje kuduza ibendera ryabo “mu karere kategukira Afghanistan”, haca haduka ukurasana kwamaze “iminota itari mike”.

Barazandeh ati: "Ingabo zacu zarishuye uko vyari bikenewe”.

Mu kwezi guheze, umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire yatangaje ko hari umwe mu ngabo zayo zijejwe gucungera imbibe yishwe mu mishamirano yabereye muri ako karere nyene.

Afghan Iran