Ethiopia: Umukuru w’igihugu ca Eritrea yagiriza Amerika gufasha inyeshamba za Tigray

Perezida Isaias Afwerki nta makuru atanga ku gitigiri c’ingabo za Eritrea zapfiriye mu ntambara ya Ethiopia

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Perezida Isaias Afwerki nta makuru atanga ku gitigiri c’ingabo za Eritrea zapfiriye mu ntambara ya Ethiopia

Umukuru w’igihugu ca Eritrea Isaias Afwerki yagiriza Reta Zunze Ubumwe za Amerika ko zari zifashe mu mugongo ingabo za Tigray mu ntambara yarangwa mu buraruko bwa Ethiopia.

Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru b’ico gihugu mu gisagara ca Massawa kiri ku nkengera y’ikiyaga gitukura, Perezida Afwerki yavuze ko amasezerano y’amahoro aherutse guterwako igikumu na reta ya Ethiopia hamwe n’umugambwe TPLF wa Tigray yihutishijwe na Amerika kugira ngo inyeshamba ntizitsindwe ku rubuga rw’intambara.

Asmara kandi ivugwa ko yemereye ingabo za Ethiopia gukoresha ubutaka bwa Eritrea mu bitero vy’urutavanako ku nyeshamba mu ntara ya Tigray iri mu buraruko.

Perezida Afwerki yavuze ko vyari bigoye kwumva ingene inyeshamba za Tigray zariko ziratakaza bikomeye kandi ku murindi udasanzwe ku rubuga rw’intambara.

Ati: "Mu kiringo kidashika indwi zitatu, akarwi karongoye TPLF katanguye kurira kanitegura guhunga kubera ingene ibintu vyariko bihinduka [ku rubuga rw’intambara] mu buryo bukomeye kandi ku muvuduko udasanzwe”.

Avuga kandi ko Amerika yari ifise impungenge gusumba abategetsi ba TPLF ku kungene ibintu vyariko biragenda.

Perezida Afwerki ati: “Amasezerano yarateguwe hanyuma [TPLF] itegekwa kuyaterako igikumu, ivyo baciye bakora, kubera ata bundi bukiriro bari bafise. Ibi nshobora kuvyita ko ari amayeri yatubangamiye”.

Ku ncuro ya mbere yemeje ko abantu ibihumbi amajana n’amajana bapfuye muri ino ntambara yadutse muri Munyonyo (11) 2020, n’aho ata makuru menshi yatanze ku gitigiri c’ingabo za Eritrea zapfiriye muri iyo ntambara.

Mu majambo akunze gushikiriza gake mu ndwi iheze, uyu mutegetsi adakunze kwibonekeza arahakana amakuru avuga ko ingabo za Eritrea zakoze ivyaha vyo mu ntambara muri Ethiopia, iyo zari zarungitswe kwifatanya n’ingabo z’iki gihugu mu kurwanya inyeshamba za TPLF.

Amasezerano yateweko igikumu muri Afrika y’Epfo muri Munyonyo 2022 yarangije intambara yo hagati mu gihugu yahitanye ibihumbi mirongo, abaharurwa mu mamiriyoni nabo bakaba bari mu kangaratete.