Caster Semenya yise abarongozi ba 'athletisme' muri Africa ba 'niryo' ku ngingo ya sentare ya siporo.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwigeze gutwara umudari wa olempike incuro zibiri n'uwo ihiganwa ry'isi yose incuro zitatu, Caster Semenya, yise abategetsi ba Afrika muvyo kwinonora imitsi, ba "niryo" kuba barananiwe guhagarara bakagwanira abanonotsi b'abapfasoni bahanganye n'ikibazo co gukurwa mu mahiganwa.
Uwo munonotsi w'imyaka 31 yarakuwe ku rutonde rw'abahiganwa ku metero akunda gusiganwako 800 hisunzwe amategeko agenga inkabuzo ya "testostérone" umuntu aba afise mu mubiri, y'ishirahamwe mpuzamakungu ryo kwinonora imitsi mu 2019.
Abanonotsi bafise inkabuzo nyinshi za "testostérone" basabwa gukoresha umuti mu kuzigabanya kugira bashobore guhiganwa ku metero ziri hagati ya 400 na 1500.
Semenya yagize ati: "Nibaza ko, kuri uyu musi, dufise abategetsi ba 'niryo'".
"Kuri uyu mugabane, abantu baranumye. Sintahura igituma batavuga. Ntibagwanira abanonotsi babo.
"Mutegerezwa guseruka mugakora, mukagwanira abanonotsi banyu, gutyo abanonotsi ba Afrika bazoba beza cane. Ubu uko bimeze birababaje."
Igihe BBC Sport Africa yabaza Maboum Kalkaba, prezida w'urunani rw'amashirahamwe yo kwinonora imitsi muri Afrika (CAA), ivyerekeye ivyo Semanya avuga, n'uko abategetsi barongoye ishirahamwe ryo kwinonora imitsi muri Afrika bakoreye ibikwiye abo barongoye, yishuye ati: "Nimundeke, nta nyishu mfise".
Hari n'ahandi bimeze uko ku mugabane wose
Abanonotsi benshi bo muri Afrika barakozweko n'iyo ngingo, harimwo umunonotsi w'umurundikazi yatahukanye umudari w'ifeza mu nkino za olempike, Francine Niyonsaba, hamwe na mugenzi we wo muri Kenya bahiganwa ku metero 800.
Mu mwaka uheze, abayabaga babiri bo muri Namibia, Christine Mboma na Beatrice Masilingi, barahatiwe kuva mw'ihiganwa rya metero 400, imbere y'imisi mike ngo habe inkino za olempike za Tokyo inyuma yo kumenyeshwa ko bafise urugero runini rw'inkabuzo za testostérone.
Bompi Mboma na Masilingi batinze bahiganwa mu metero 200 mu Buyapani, aho Mboma yatahukanye umudari w'ifeza wa mbere wa olempike w'ico gihugu.
Ariko Semenya, ubu ahiganwa ku metero 5000, yaranebaguye ingene abategetsi b'ishirahamwe rya Afrika riraba abanonotsi bitwaye kuri ico kibazo c'abo bayabaga co kimwe n'"agacerere" ku ngingo yafashwe yo kubabuza guhiganwa muri rusangi.
Uwo munye Afrika y'epfo yagize ati: "Igihe nari mfise imyaka 18, sinashobora kuvuga. Ubu ndakuze bikwiye, ndashobora kuvuga.
"Nimwiyumvire ivyaciye mu mitwe y'iyo miyabaga. Nta co bashobora gukora, ariko abategetsi bariyicariye gusa binezerererwa gusa n'uturusho bafise, mu bibanza biberamwo amanama.
Umuyobozi mukuru wa CAA, Lamine Faty yavuze ko Semenya "afise uburenganzira bwo gushikiriza ivyo yiyumvira" kandi ko ibibazo ku ngingo zatumye bakurwa mw'ihiganwa vyashikirijwe n'iryo shirahamwe "kera cane" kandi ko vyaganiriweko mu misi ya vuba mu kanama ka CAA mu nama yabereye muri Ile Maurice.
Impari kw'itorwa ry'abagore bagira uruhara muri siporo zabaye nyinhsi, na cane cane zikaba zashimikiye ku banonotsi bameze nk'abagabo kandi ari abakobwa.
Mu ndwi iheze, prezida w'ishirahamwe mpuzamakungu ryo kwinonora imitsi, Seb Coe, yavuze ko iryo shirahamwe rishobora gukurikizako igisata co kwoga, mu kubuza abagore biyumva nk'abagabo kuja mw'ihiganwa, avuga ashimitse ko "kutarenganya bidashobora guharirwako".
Yabwiye BBC Sport ati: "Tubandanya twiga, tugira ubushakashatsi ku bwinshi bw'inkabuzo ya testostérone ko ari kimwe mu bituma umuntu akomera gusumba , tukaba twarategekanije ibiganiro ku mategeko yacu mu kanama kacu mu mpera y'umwaka."
'Ntituzigera duhagarika urugamba'
Semenya, yatwaye umudari w'inzahabu ku metero 800 mu myaka ya 2012 na 2016 mu nkino za olempike, yari yunguruje ku ngingo zafashwe n'ishirahamwe ry'abanonotsi kw'isi, ariko aratsindwa muri sentare ica imanza z'inkino mu 2019.
Yaratsinzwe kandi muri sentare y'iyungururizo no muri sentare ntahinyuzwa y'Ubuswise mu mwaka wakurikiye, imbere yo kwitura sentare ya Buraya ijejwe agateka ka zina muntu aho urwo rubanza rutarumvirizwa.
Yagize ati: "Ntituzigera duhagarika uru rugamba."
"Ubu ibi ntibiraba jewe gusa, biraba abana bakiri bato ubu bariko baravuka bazohangana n'iki kibazo.
"Hari abana benshi bipfuza guhiganwa ku metero 400, 800 na 1500, ariko ntibashobora kubemerera.
Bavuga ko siporo ari iya bose, ariko ubu si iya bose."










