Brazil: Lula yarahiye kuzohana abashigikiye Bolsonaro inyuma y'imigumuko

Na Frances Mao i Brasilia hamwe na Matt Murphy i London

BBC News

Insiguro ya video, Abashigikiye uwahora ari umukuru wa Bresil bariko baramena amadirisha y'inyubakwa z'inzego nkuru z'igihugu

Prezida wa Bresil Luiz Inácio Lula da Silva yarahiye ko azohana abashigikiye uwo yasubiriye, Jair Bolsonaro, inyuma y’aho batereye inyubakwa z’inama nshingamateka na nkenguzamaketa (Congress).

Abo bashigikiye Bolsonaro bateye kandi sentare ntahinyuzwa bongera bakikuza ikirimba c’umukuru w’igihugu.

Ariko igiporisi cahavuye gisubira kuba ari co kigenzura izo nyubakwa ku murwa mukuru Brasilia ku wa mungu inyuma y’amasaha menshi y’ugutana mu mitwe.

Ashitse muri ico gisagara, Lula yagenzuye inyubakwa za sentare ntahinyuzwa kugira yibonere ubwiwe ivyononekaye.

Igiporisi ca Brasilia kivuga ko hafashwe abantu 300.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umukuru w’igisagara, Ibaneis Rocha, yahagaritswe mu kazi kiwe mu kiringo c’iminsi 90 na sentare ntahinyuzwa.

Umucamanza Alexandre de Moraes yamwagirije kutabuza iyo migumuko no kuba yagumye ‘’mu gacerere’’ mu gihe igisagara cariko kiraterwa.

Rocha yasavye imbabazi ku vyabaye ku wa mungu.

Imyiyerekano y’abashigikiye demokrasi iriko irahamagarwa mu gihugu cose.

Abantu ibihumbi bambaye udupira tw’umugwi w’umupira w’amaguru n’amabendera vy’igihugu bararengeye igiporisi barasambagura umutima wa reta ya Brezil, ivyo bikaba vyabaye haheze indwi imwe gusa Lula ashikiriye amabanga yo kurongora igihugu.

Uwo mutama amaze imyaka myinshi muri poritike mu ruhande rw’aba Socialiste [mukeba wiwe Bolsonaro we n’uwo muri extreme-droite], vyabaye ngombwa ko aca akoresha ububasha nk’ubwo mu bihe vyo mu ntambara imbere y’uko arungika ingabo zicungera inzego kugira zigarukane umutekano.

Yaciye kandi yugara akarere ko hagati mu gisagara – harimwo n’ibarabara rikuru ahari inyubakwa reta ikoreramwo- mu kiringo c’amasaha 24.

Vandals inside a room in the presidential palace

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abitavye imigumuko barashitse n'imbere mu nyubakwa zy'ikirimba c'umukuru w'igihugu

Umushikiranganji w’ubutungane Flavio Dino yavuze ko ama bus 40 yakoreshejwe mu kuzana abaza mu migumuko mu gisagara yafashwe hanyuma avuga ko ivyabaye ari ‘’ukugerageza gucisha aho bashaka [abagize imyiyerekano] ku nguvu’’.

Bolsonaro yagumye yanka kwemera ko yatsinzwe mu matora yo muri Gitugutu (10) hanyuma ku ndwi iheze aca ava mu gihugu aho kwitaba ibirori vyo kurahiza uwamusubiriye, muri ivyo birori akaba yategerezwa kumushikiriza igitambara c’umukuru w’igihugu.

Bolsanaro w’imyaka 67 -ubu vyibazwa ko ari muri Florrida- yariyamirije ico gitero hanyuma ahakana ko ata ruhara yagize mu gukokeza abaja mu migumuko abicishije ku butumwa bwo kuri Twitter haheze amasa atandatu imigumuko itanguye.

Imbere y’uko ashika muri Brasilia, Lula yavuze ati ‘’nta bisa n’ivyo vyari bwigere biba muri kahise k’igihugu’’.

Yanagirije kandi inzego zijejwe umutekano ‘’kudashobora akazi, umutima mubi canke uburyaya’’ mu kuba zitabujije abari mu myiyerekano gushika ku nyubakwa z’inama nshingamateka na nkenguzamateka.

Yavuze ati : ‘’Muzobona mu masanamu ko [abaporisi] bereka abantu aho baca bagana Praca dos Tres Powers’’.

‘’Tugiye gutohoza tumenye abatanze uburyo kuri abo gaumutsi baje Brasilia abo ari bo hanyuma babibazwe hisunzwe amategeko y’igihugu.’’

Ama video yatanzwe na O Globo, urubuga rwo muri Bresil, yerekana bamwe mu ba porisi bariko baratwenga bifotoza hamwe n’abari mu myiyerekano bigaruriye ikigo c’inama nshingamateka na nkenguzamateka.

Bolsonaro supporters vandalising the interior of the presidential palace

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abashigikiye Bolsonaro bariko barasambagura imbere mu kirimba c'umukuru w'igihugu

Bamwe mu bari mu myiyerekano baramenye amadirisha, abandi bashika aho inama nkenguzamateka isasa, basimbira ku ntebe batangura kuzikoresha mu kunyereza.

Ama video ku mbuga hwaniro yerekana abari mu myiyerekano bariko barakwega umuporisi bamuvana kw’ifarasi yariko bamukubagura hanze y’inyubakwa.

Amasananu yaciye mu binyamakuru vy’igihugu yerekana abaporisi bafashe abantu baharurwa mu mirongo bambaye udupira tw’umuhondo hanze y’ikirimba c’umukuru w’igihugu.

Abandi bikekwa - amaboko abahoye i mugongo – nabo berekanwa bariko baravanwa muri iyo nyubakwa.

Abitavye imyiyerekano bari bazindutse begeranira imbere y’inama nshingamateka hegeranye n’ahari ubushikiranganji bwa reta n’ivyibutso vy’igihugu.

N’ubwo vyagenze uko, mu masaha y’imbere y’uko akajagari kaduka, umutekano wasa n’uwakajijwe, amabarabara amwe yari yugaye hafi y’inama nshingameteka kandi hari abaporisi bagenzura ubwinjiriro bwose.

BBC ku wa mungu mu gitondo yarabonye abaporisi bashika 50, imodoka nazo zisubizwa inyuma ku bwinjiriro bwose, mu gihe abagenda n’amaguru nabo bategerezwa gusakwa.

Bolsonaro supporters storm the National Congress in Brasilia, Brazil, 08 January 2023.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Igiporisi cakoresheje imyuka ikoroza amasozi kugira gishwiragize abari mu myiyerekano

Abaje muri iyo myiyerekano ntibatevye gushigikira ibikorwa vyabo igihe abamenyeshamakuru babegera.

Lima, umu-enjeniyeri w’imyaka 27 ati: ‘’Dukeneye gusubiza ibintu mu buryo inyuma y’ayo matora y’ubusuma.’’

Yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP ati: ‘’Ndi ngaha kugira nandike amateka, ndi ngaha kubwo abakobwa banje.”

Ariko hari abandi ku murwa mukuru biyamirije ivyariko biraba bavuga ko ari umunsi w’umubabaro ku gihugu.

Daniel Lacerda, w’imyaka 21, yabwiye BBC ati : ‘’Natoye Bolsonaro ariko sinemera ivyo bariko baragira.

‘’Udahuza n’umukuru w’igihugu, bivuge hanyuma ubuzima bubandanye. Ntuca uja mu migumuko ngo utere intureka nk’uko bariko barabikora.’’

Benshi bageraranya ivyabaye n’igihe haterwa inyubakwa ya Capitol muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku wa 6 Nzero (1) mu 2021 n’abashikgikiye Donald Trump, incuti ya Bolsonaro.

Ibihugu vyo muri Amerika y’Epfo vyiyamirije iyo ntureka. Prezida wa Colombia Gustavo Petro yavuze ko ‘’fascism [ivyiyumviro vy’intwaro y’umukazo] yigaragaje’’ kandi Colombia hamwe na Mexique bivuga ko bishigikiye vyuzuye prezida Lula.

 No mu bindi bihugu habaye ukwiyamiriza ivyabvaye no kwifatanya na Lula.

Umukuru wa Amerika Joe Biden yavuze ko yiyamirije “gutera demokrasi n’ihererekaywa ry’ubutegetsi mu mahoro muri Bresil” mu gihe umushikiranganji wa mbere w’Ubudagi Olaf Scholz nawe yavuze ko “igitero kuri demokrasi … ntigishobora kwihanganirwa”.

 Ubwongereza, Ubushinwa na Turkia navyo biri mu bihugu vyiyamirije ivyakozwe n’abagumutse.

A police officer inspects damage at the Supreme Court

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umuporisi ariko araraba ivyononekaye kuri sentare ntahinyuzwa