Abarongoye abatavuga rumwe na reta ya Tanzania bari bafashwe barekuwe batanze ingwati

Umukuru w'umugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta mur Tanzania, Chadema, Freeman Mbowe ari mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Dar es Salaam, Tanzania - mu kwezi kwa gatatu 2022

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ihagarikwa ry'uwurongoye umugambwe utavuga rumwe na reta Freeman Mbowe risugiye kuzana amakenga ku bwisanzure mu bikorwa vya politike muri Tanzania
    • Umwanditsi, Alfred Lasteck
    • Igikorwa, BBC News, Dar es Salaam

Abakuru b'umugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta muri Tanzania, Chadema - harimwo uwuwurongoye Freeman Mbowe n'icegera ciwe Tundu Lissu - barekuwe batanze ingwati, inyuma yo guhagarikwa imbere y'uko haba ikoraniro ry'urwaruka.

Abantu boba bashika 520 barahagaritswe mu gihugu cose mu musako wari ufise intumbero yo kubuza Chadema kugira ikoraniro mu gisagara ca Mbeya kiri mu bumanuko bushira uburengero bwa Tanzania ku musi wa mbere.

Igipolisi kivuga ko bamwe muri bo bagumijwe mu gasho kuko bananiwe gutanga ingwati.

Iryo hagarikwa vyavyuye ubwoba ko igihugu ca Tanzania gisubiye mu ntwaro y'umukazo y'umuhisi John Magufuli, n'aho uwamusubiriye Samia Hassan yari yakuye itegeko ryabuza ko abatavuga rumwe na reta bagira amakoraniro anabemerera kugarukana ihiganwa muri politike.

Igipolisi cahagaritse ikoraniro ryateguwe n'umugambwe Chadema, kivuga ko ryari rifise intumbero yo guhungabanya umutekano.

Basubiramwo akamo katerwa n'uwo mugambwe ku bantu ko boja hamwe "nk'urwaruka rwo muri Kenya" - basa n'abashaka kuvga imyiyerekano imaze idwi zitari zike yo kwiyamiriza reta yahitanye abantu benshi muri ico gihugu kibanyi co mu karere k'ubuseruko bwa Afrika.

Ishami ry'urwaruka mu mugambwe Chadema rivuga ko ryari riteze abantu 10.000 bazitaba iryo koraniro, ku civugo "fata mu minwe kazoza kawe".

Ku musi wa kabiri, uwo mugambwe wanditse ku rubuga rwa X ibiro vyawo i Mbeya "bikikujwe n'igipolisi kandi ko batariko baremerera abantu kwinjirayo".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umuvugizi wa Chadema, John Mrema yemeje ko benshi mu bategetsi b'uwo mugambwe barekuwe - harimwo Mbowe na Lissu - ariko ko hakiri benshi basigaye mu gasho.

Ariko igipolisi kivuga ko "abategetsi bose bakuru ba Chadema bari bahagaritswe, inyuma yo kubazwa, basubiye iyo bari baje bava".

Chadema ivuga ko Lissu yari yafashwe ku wa Mungu, Mbowe na we ku musi wa mbere igihe yari ashitse ku kibuga c'indege ca Mbeya aje kurihira ingwati abategetsi bakuru b'uwo muhari harimwo n'uwurongoye ishami ry'urwaruka, John Pambalu.

Lissu yacitse kw'icumu mu 2017 arashwe incuro 16, yagarutse muri Tanzania mu 2023 inyuma y'imyaka 2 yamaze mu buhungiro mu gihugu c'Ububiligi.

Samia yashitse ku butegetsi mu 2021 inyuma y'urupfu giturumbuka rwa Magufuli, yarashimagijwe cane kuba yarakuye nyinshi mu ngingo zari zarafashwe n'uwo yasubiriye.

Ariko inyuma y'iryo hagarikwa, bamwe mu banye politike batavuga rumwe na reta baramunebaguye, bavuga ko atiteguye ugusubiza hamwe muri politike.

Bitegekanijwe ko haba amatora y'umukuru w'igihugu n'ayo abashingamateka muri Tanzania mu mpera z'umwaka uza.