Kizigenza mu rudandazwa rw'imibonano mpuzabitsina itesha agaciro mu bice bikize vya Dubai yashizwe ahabona na BBC

    • Umwanditsi, Runako Celina
    • Igikorwa, Amatohoza ya BBC Eye

Muragabe: Iyi nkuru irimwo ibishobora guhungabanya abasomyi bamwe bamwe n'amajambo yeruye avuga ibikorwa vy'ubusambanyi

Umugabo afise uruhererekane rw'ubusambanyi rukorera hanze y'ibice bikize vya Dubai, aho yikika mu kiza mu gukoresha abakobwa n'abagore b'intege nke, yamekanye uwo ari we n'amatohoza ya BBC.

Charles Mwesigwa, avuga ko yahora ari umushoferi wa bisi (bus) i Londres, yabwiye umunyamakuru wacu yakora yiyoberanije ko yashobora gutanga abagore bo gukoresha mu giterano c'ubusambanyi kuva ku giciro c'amadorari 1.000 (hafi miriyoni 3 mu mafaranga y'Uburundi ku rugero rwo muri banki), akongerako ko benshi bashobora gukora ''ibintu hafi vyose'' abakiriya baba bashaka ko babakorera.

Ibihuha vy'ibiteramo vy'ubusambanyi muri Reta Zunze Ubumwe z'Abarabu (Emirats Arabes Unis/ United Arab Emirates) bimaze imyaka bivugwa. Hastag #Dubaiportapotty, imaze kubonwa incuro zirenga miriyoni 450 kuri TikTok, gushika ku dukino twigana dutwenza kandi twerekana ivyibazwa ko bikorwa n'abagore bagirizwa kuba abavuga rikijana babahamiye amafaranga bakaronka ayo kubaho mw'ibanga mu gukora ibikorwa vy'ubusambanyi birenza ivyo umuntu ashobora kwibaza baba basabwe.

Igisata ca BBC gikora amatohoza cabwiwe ko ibintu ari bibi cane kurusha aho.

Abagore b'abanya-Uganda bakiri bato batubwiye ko batari biteze kuja gukoreshwa akazi k'ubushegabo ka Mwesigwa. Bamwe bamwe bibaza ko bagiye muri Reta Zunze Ubumwe z'Abarabu gukora mu bibanza nk'amaduka manini manini (supermarchés) canke mu mahoteri.

Nibura umwe mu bakiriya ba Mwesigwa arakunda gusaba kwituma kuri abo bagore, ku bwa ''Mia'', twahinduye izina kugira dukingire umwidondoro wiwe, uwo akavuga ko yisanze yaguye mu mutego w'urwo rufatangane rwa Mwesigwa.

Mwesigwa arahakana ibivugwa. Avuga ko afasha abagore kuronka aho barara aciye kuri bene amazu, akavuga ko abagore bamukurikira mu biteramwo kuko azinanye n'abantu b'amafaranga i Dubai.

Twaratoye kandi ko abagore babiri bafise aho bahuriye na Mwesigwa bapfuye, bakorotse bava mu mazu y'igorofa ndende. N'ubwo impfu zabo zavuzwe nk'uko kwabaye ukwiyahura, abagenzi n'imiryango yabo bumva ko igiporisi categerezwa kuba cakoze amatohoza aruta ngaho.

Mwesigwa avuga ko ivyashitse vyatohojwe n'igiporisi ca Dubai aca adusaba kuvugana na co kugira kiduhe amakuru. Nticishuye ubutumwa bwacu.

Umwe muri abo bagore bapfuye, Monic Karungi, yashitse muri Dubai avuye muri Uganda.

Yavuze ko yasanze asangira inzu n'abandi bagore mirongo bakorera Mwesigwa, ku bw'umwe muri abo bagore, ngaha twise Keira, avuga ko yabanye na Monic kuva mu 2022.

''Aho hantu[hiwe] hari hameze nko mw'isoko... Hari abakobwa nka 50. Ntiyari anezerewe kuko ivyo yari yiteze si vyo yaronse,'' niko Keira yatubwiye.

Monic yibaza ko akazi kiwe i Dubai kwari ugukora muri supermarché, ku b'uwo bavukana Rita.

''Yaraturubikana (Mwesigwa] iyo ndamubwiye ko nshaka gusubira iwacu,''niko Mia avuga, uwo nawe nyene akaba yari azi Monic i Dubai. Avuga ko igihe yashika ubwa mbere, yamubwiye ko yari aja amuheraniye $2.000 (ibihumbi bibiri vy'amadorari) kandi ko mu ndwi zibiri ayo mafaranga yari amaze kwigwiza na kabiri.

''Amafaranga y'amatike y'indege, ay'amaviza, ay'aho uryama, ivyo kurya,'' niko Mia yavuze.

''Ivyo bisigura ko utegerezwa gukora cane, cane, aho ari wewe usigara wisabira abagabo ngo baze muryamane [musambane].''

Monic yari aheraniye Mwesigwa amafaranga arenga $27.000 inyuma y'amayinga atari make, ivyo bivugwa n'umwe mu ncuti ziwe, ngaha twise Michael, avuga ko ari Monic yabimubwiye. Avuga ko yaronka ubutumwa bwiwe ariko ararira.

Mia yatubwiye ko abakiriya akenshi baba ari Abanyaburaya, kandi barimwo abagabo bafise ibintazi birenze.

''Hari umwe mu bakiriya yituma ku bakobwa. Arituma agaca ababwira kurya ayo madasahurwa,'' niko asigura yitonze.

Uwundi mugore ngaha twise Lexi, avuga ko nawe yaguye mu mutego w'urundi rufatangane, avuga nk'ibivugwa na Mia, ko ''gusabwa kuja [gukora] muri porta potty'' vyakunda gushika.

''Hari umukiriya yavuze ngo: 'Turakuriha ama Dirham 15.000 ($ 4.084) hanyuma tugusambanye turi benshi, tugusobe mu maso, tugukubite, hanyuma tukwongere 5.000 ($1.361)''' kugira ufatwe amasanamu uriko urarya amaziratonke.

Ivyo yaciyemwo vyamutumye kwibaza ko harimwo akantu k'ivanguramoko muri ivyo bintazi birenze urugero.

''Igihe cose navuga ko ntemeye kubikora, bisa n'uko vyatuma bavyitaho gusumba. Bashaka umuntu arira akaboroga hanyuma akiruka. Kandi uwo muntu [mu maso yabo] ategerezwa kuba umwirabure.''

Lexi avuga ko yagerageje kurondera ubufasha ku bantu yibaza ko ari bo bonyene babishoboye: abaporisi. Ariko avuga ko bamubwiye ngo: ''Mwebwe Abanyafrika ni mwe mwiterana ingorane hagati yanyu. Ntidushaka kuvyinjiramwo. Aho bagaca baca terefone.''

Ibi twarabibwiye igiporisi ca Dubai ariko nticishuye.

Lexi amaherezo yaratorotse arasubira muri Uganda ubu akaba afasha gutabara abandi no gushigikira abagore baciye mu bisa n'ivyo.

Kuronka Charles Mwsigwa ntivyari vyoroshe. Twashoboye kuronka ifoto yiwe imwe yonyene kuri internet - kandi iyo foto yari yafashwe ubwo mu mugongo. Kandi akoresha amazina menshi ku mbuga hwaniro.

Ariko hakoreshejwe igenderereza rishingiye ku makuru uwo ari we wese ashobora kubona, ubushakashatsi bwihishije, n'amakuru y'umwe mu bahoze bari mu rufatangane rwiwe, twarashoboye kumutora mu gace k'abantu bifashe mu gisagara ca Dubai - Jumeirah Village Circle.

Kugira tujanishe ico amasoko yacu yari yatubwiye ku bikorwa vyiwe - gutanga abagore bakoreshwa mu mibonano mpuzabitsina itesha agaciro cane - twarungitse umunyamakuru akora yiyoberanije agenda yigira uwutunganya ibirori arondera abagore bo kujana mu biteramo vy'abantu b'abatunzi.

Mwesigwa yagaragaye nk'umuntu atekanye kandi yifitiye icizere igihe yavuga ibijanye n'ivyo akora.

''Dufise abakobwa nka 25,'' niko yavuze. ''Benshi barugurutse mu mutwe...bashobora gukora hafi ikintu icari co cose.''

Yasiguye ikiguzi -kuva ku $1.000 ku mukobwa kw'ijoro, ariko ayandi menshi '' ku bintu vy'ibisazi''. Yaratumiye umunyamakuru wacu ngo aje ''kumuhonja ijoro rimwe''.

Abajijwe ku bijanye na ''Dubai porta potty'' yishuye ngo: ''Nakubwiye, barugurutse mu mutwe. Iyo mvuze ko bugurutse... nzokurungikira abo mfise muri bo bakora ibisazi kurusha abandi.''

Muri ico kiyago, Mwesigwa yavuze ko yabaye umushoferi wa bisi i Londres. Twarabonye ivyemeza ko yashize uwo murimo ku nyandiko y'icese mu buseruko bwa Londres mu 2006.

Yabandanije ayagira umunyamakuru wacu ko akunda ako kazi.

''Naho notsinda akamari [lottery], miriyoni y'ama £ (pound-amafaranga y'Abongereza], aka kazi noguma ndagakora... ubu twabaye umwe na ko.''

Troy, umugabo avuga ko yigeze gukora nk'uwushinzwe ibikorwa vy'urufatangane rwa Mwesigwa, yaraduhaye ayandi makuru ku buryo ivyo bitunganijwe.

Avuga ko Mwesigwa ariha amafaranga abacungera inzu z'ubutambiro zitandukanye kugira bareke abakobwa biwe binjire baje kurondera abakiriya.

''Narumvise havugwa ubwoko bw'uguhuza ibitsina ntari bwigere mbona mu buzima. Ntaco bivuze ivyo uba uriko uracamwo mu gihe abatunzi biwe baba banezerewe... [abo bagore] nta nzira bafise yo guhunga... bahura n'abaririmvyi, abakinyi b'umupira w'amaguru, barahura n'abakuru b'ibihugu.''

Mwesigwa arashobora gukora ivyo bikorwa ata nkomanzi, niko Troy avuga, kuko Troy n'abandi ntibakoreshwa nk'abashoferi gusa. Avuga ko amazina yabo nayo akoreshwa na Mwesigwa mu gukotesha imiduga n'amazu, kugira izina ryiwe ntihagire na hamwe rigaragara mu mpapuro.

Ku wa 27 Ndamukiza (4), Monic yashize ahabona ifoto yifashe wenyene (selfie) ari Al Bashra - agace ko kubamwo kazwi cane ku bakozi b'abanyamahanga i Dubai. Haheze iminsi ine, yaciye apfa. Yari amaze amezi ane muri ico gihugu.

Ku bwa Mia, Monic na Mwesigwa bama bashwana muri ico kiringo c'imbere y'uko agenda. Mia avuga ko Monic yanka ivyo asabwa na Mwesigwa hanyuma araronka ingene yivana muri urwo rufatangane rwiwe.

''Yari yaronse akazi. Yari akanezerewe cane. Yabona ko agiye kwidegemvya, yagira asubire kuronka ubuzima bwiwe kuko ubu ako kari kagiye kuba akazi nyakazi, atari uko kuryamana n'abagabo,'' niko Mia avuga.

Monic yaciye yimukira mu yindi nzu iri nko ku rugendo rw'iminota 10. Kw'ibaraza ry'iyo nzu yo mw'igorofa niho yakorotse ava ku wa 1 Rusama(5) mu 2022.

Incuti ya Monic, Michael, yari muri UAE igihe Monic yapfa, avuga ko yagerageje kurondera inyishu.

Igiporisi camubwiye ko cahevye gukora amatohoza, kimaze gusanga inzoga n'ibiyayuramutwe mu nzu Monic yakorotse avamwo, hamwe n'amakanda y'intoke ziwe gusa kuri iyo baraza, niko avuga.

Yararonse urupapuro rw'ibitaro rwemeza ko umuntu yapfuye, ariko ntirwavuga ingene yapfuye. Kandi umuryango wiwe ntiwashoboye kuronka icegeranyo c'ibipimo vy'ubumara bushobora kuba bwari mu mubiri wiwe.

Ariko umugabo w'umunya-Ghana yaba muri iyo nyubakwa yarafashije gusumba, niko avuga, mu kumujana ku yindi nyubakwa guhura n'umuntu yavuze ko ari we yari umukoresha wa Monic.

Michael aravuga ivyo yabonye ahashitse hanyuma akabona aho abo bagore baba.

Avuga ko arabiye mu mwotsi wa shisha mu cumba co kwicaramwo, yabonye ikintu kimeze nk'ikiyayuramutwe ca cocaine ku meza n'abagore bariko barasambana n'abakiriya ku ntebe.

Avuga ko yabonye umugabo yari yamenye imbere nka Charles Mwesigwa ari mu gitanda n'abagore babiri, kandi ko agerageje kumukwega ngo amushire igiporisi Mwesigwa yishuye ati: ''Maze imyaka 25 i Dubai. Dubai ni rwanje...We ntushobora kuja kunyitwarira... Ambasade ni jwe, nije ndi ambasade.

''[Monic] si we wa mbere apfuye. Kandi siwe azoba uwa nyuma'', niko yongeyeko, ku bwa Michael.

Mia na Keira bompi umwe umwe ukwiwe bavuga ko ariho bari igihe havugwa ivyo kandi bompi baremeje amajambo vyavuzwemwo. Tubajije Mwesigwa ico yashaka kuvuga ngaho, yarahakanye ko atavyo yigeze avuga.

Urupfu rwa Monic rusa mu buryo bubabaje n'urwa Kayla Birungi, uwundi mugore w'umunya-Uganda yaba muri karitiye imwe na we, akaba yapfuye mu 2021 akorotse mu nzu yo mw'igorofa ndende yo muri Dubai dufise ivyemezo vyerekana ko nayo ari Charles Mwesigwa yayikoresha.

Terefone ya nyene inzu, twahawe n'umuryango wa Kayla, vyagaragaye ko yari imwe mu nomero za terefone za Mwesigwa. Troy nawe nyene aremeza ko Mwesigwa ari we yagenzura iyo nzu, nk'uko vyemezwa kandi n'abandi bagore bane twavuganye turiko turakora aya matohoza.

Incuti za Kayla zivuga ko - co kimwe n'umuryango wa Monic - zumvise ko urupfu rwa Kayla rwavuzwe ko rwari rufise aho ruhuriye n'inzoga hamwe n'ibiyayuramutwe.

Ariko icegeranyo c'ubumara buba buri mu mubiri cabonywe na BBC cerekana ko ata na kimwe muri ivyo cari mu mubiri wiwe igihe yapfa.

Mu gihe umuryango wa Kayla washoboye gutahana ikiziga ciwe ukamugandarira, ibisigarira vya Monic ntivyigeze bitahanwa.

Amatohoza yacu yatoye ko bishoboka ko yahambwe mu gace k'akaburi ka Al Qusais muri Dubi kazwi nka ''The Unknown [Uwutazwi''. Karimwo imirongo n'imirongo y'imva zitagirako amazina, vyibazwa ko ahanini ari iz'abimukira ababo bataba bashoboye gutahana ibiziga vyabo.

Monic na Kayla bari mu muhora munini gusumba ngaho utazwi icese ufatanya Uganda n'ibihugu vy'ikigobe c'Abarabu.

Mu gihe Uganda ihanzwe n'ubushomeri bw'abakiri bato buguma bwiyongera, kuja gukora mu mahanga - na cane cane mu bihugu vyo mu kigobe c'Abarabu - bisigaye ari igisata c'imirimo gikomeye cinjiriza igihugu miriyaridi $1,2 z'amakori buri mwaka.

Ariko ayo mahirwe hari igihe ashobora kujana n'amahano.

Mariam Mwiza, umunya-Uganda agwanya gucinyiza abandi ku nyungu bwite, avuga ko amaze gufasha abantu barenga 700 mu bihugu vy'ikigobe c'Abarabu.

''Turaronka ama dosiye y'abantu baba bemerewe akazi, tuvuge, muri supermarché. Hanyuma [uwo muntu] akisanga yagurishijwe nk'umumaraya,'' niko yatubwiye.

Ku bw'umuryango wa Monic, intuntu n'agahinda ubu bifatanye n'ubwoba. Ubwoba ku yindi miryango ishobora kubura nk'uko nawo wabuze.

''Twese turaraba urupfu rwa Monic,'' niko incuti yiwe Michael yatubwiye. ''Ariko ni nde ababaye abakobwa bakiri bazima? Baracari hariya. Baracariko barahura n'amakuba.''

BBC yarabajije Charles ''Abbey'' Mwesigwa kwishura kuri ivyo vyose bivugwa mu matohoza yacu. Yarahakanye kuba afise urudandazwa rw'ubumaraya butemewe n'amategeko.

Yavuze ati ''Ivyo vyose [bivugwa] ni ibinyoma.

''Narababwiye ko ndi umuntu akunda ibiteramo hanyuma ngatumira abantu basohora amafaranga cane tukicarana ku meza yanje, gutyo abakobwa benshi bagaca bayihundara. Ivyo bituma menya abakobwa benshi kandi n'ivyo nta bindi.''

Yavuze kandi ati: ''[Monic] yapfuye afise igitabo ciwe c'inzira [passport] bisigura ko ata n'umwe yariko aramwaka amafaranga ngo amutware. Imbere y'uko apfa, hari haheze amezi arenga ane ntamubonye.

''[Monic na Kayla] Nari ndabazi kandi baba mu nzu zibiri zitandukanye. Niba ata muntu n'umwe yafashwe muri ayo mazu canke n'umwe muri bene amazu, ngaho rero hari impamvu. Ivyashitse vyompi vyaratohojwe n'igiporisi ca Dubai, kumbure ngira cobafasha.''

BBC yararondeye igituro c'igiporisi ca Al Barsha kugira isabe kubona dosiye za Monic Karungi na Kayla Birungi. Ntaco cishuye kuri ubwo busabe canke ku bivugwa ko impfu za Monic na Kayla zitigeze zitohozwako neza.

BBC ntiyashoboye kubona ivyegeranyo vy'ibipimo vy'ubumara buba buri mu mubiri w'umuntu ku vyerekeye Monic Karungi, canke kuvugana na nyene inzu aho yaba igihe yapfa.

  • Hamwe womenya amakuru wokwongera kuri aya matohoza, turagusavye wandikire [email protected]
  • Ibikenewe kumenya ku mashirahamwe atanga amakuru ku gufasha umuntu yahohotewe bishingiye ku gitsina canke yihebuye urayasanga kuri bbc.co.uk/actionline.