Perezida wa Malawi yategetse ko abasirikare biwe bava muri RD Congo

Ababa muri Goma barundanye ku kibuga ca Stade de l'Unite, bamanitse amaboko.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abarwanyi ba M23 bafashe umuji wa Goma mu ndwi iheze
    • Umwanditsi, Paul Njie in Rusizi & Basillioh Rukanga in Nairobi
    • Igikorwa, BBC News

Perezida wa Malawi Lazarus Chakwera yategetse ko ingabo ziwe zitangura kuva mu butumwa bwo kugarura amahoro mu nteko za SAMIDRC mu buseruko bwa Republika ya Demokarasi ya Congo.

Ingabo za Malawi ni zimwe mu zigize inteko z'umuryango w'ibihugu vyo mu bumanuko bwa Africa, SADC, zizwi mu mpfunyapfunyo nka SAMIDRC, zarungitswe muri RD Congo gufasha kurwanya imigwi yitwaje ibirwanisho.

Abatari munsi ya 20 muri izo nteko, barimwo abo muri Afrika y'Epfo 14 n'abo muri Malawi 3, baheruka gupfira mu ntambara mu ndwi iheze, igihe umugwi M23 wafata umuji wa Goma, umugwa mukuru w'intara ya Kivu ya Ruguru.

Perezida Chakwera yavuze ejo ku musi wa gatatu ko iyo ngingo yiwe ijanye no "kwubahiriza agahengwe impande zirwana zemeye" n'ubwo intambara zikomeza.

Mw'itangazo yasomye kuri tereviziyo y'igihugu ejo ku wa gatatu, yavuze ko ingabo zizoba "ziciye inzira y'ibiganiro izo mpande ziteganya mu kurondera gushikira amahoro arama".

Umushikiranganji wa Malawi wo kumenyesha amakuru Moses Kunkuyu yabwiye BBC ko uwo mugambi wo kuvana ingabo muri Congo "wakozwe mu ntumbero nziza".

Yavuze ko inama yahuje abategetsi b'umuryango w'ibihugu vyo mu bumanuko bwa Afrika SADC ku ruhande rw'inama yari yerekeye amasoko ntanganguvu yabereye muri Tanzania, humvikanywe ingingo "yo guhamagarira impande zirwana, guca inzira yerekeza ku biganiro vy'amahoro".

Ati "ni muri iyo ntumbero y'iyo ngingo yumvikanyweko perezida wa Malawi yabonye ko bikwiye guterera umuganda mu nzira y'amahoro, mu gukurayo izo ngabo z'akarere, kugirango habe ibiganiro."

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ntiyatangaje ryari abo basirikare bazovirayo, ariko yavuze ko igisigaye ari "ibijanye n'uburyo bizokorwa", kandi ko yamaze kubibwira perezida wa Republika ya Demokarasi ya Congo n'umuryango w'ibihugu vyo mu bumanuko bwa Afrika.

Ku munsi wa mbere, umugwi M23 watangaje ko utanze agahengwe ataco urinze gusaba, ku mvo zo kworohereza "ibikorwa vyo kuramira abanyagihugu basanzwe", kategerezwa gutangurana n'ejo ku munsi wa kabiri.

Ariko intambara zarongeye, kandi abo barwanyi bivugwa ko bamaze kwigarurira igisagara ca Nyabibwe, kirimwo ikibanza gicukurwamwo amabuye y'agaciro, mu ntara ya Kivu y'Epfo.

Perezida wa Malawi yakomeje gushirwako igitutu ngo akureyo ingabo kuva bamwe muri zo bamaze gupfira muri RD Congo.

Afrika y'epfo nayo yashizweko igitutu nk'uko, ariko perezida Cyril Ramaphosa yararahiye ko azogumizayo abasirikare, yemeza ko bategekwa mu butumwa bwa SAMIDRC, nabwo "bukaba bufise ikirangaminsi n'isango buzorangirirako".

Ingabo za SAMIDRC zarungitswe mu 2023, umwaka uheze zongerwa ikiringo kizorangirana n'impera z'uyu mwaka.

Inteko za SAMIDRC zemewe n'umuryango SADC, zigizwe n'abasirikare 5000, barimwo abo muri Afrika y'Epfo, Malawi na Tanzania.

Afrika y'epfo ari nayo iza imbere, yemeye gutanga abasirikare 2900, abandi bakagabanganwa hagati ya Malawi na Tanzania, n'aho bitazwi neza igitigiri kiri muri Congo iki gihe.

Malawi isanganywe abasirikare muri RD Congo bari mu nteko z'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Monusco.

Abategetsi ba SADC bateganya guhura ku munsi wa gatandatu muri Tanzania, mu nama idasanzwe izobahuza n'abakuru b'ibihugu bo mu muryango wa Afrika y'ubuseruko EAC, kuri ico kibazo c'indyane mu buseruko bwa Congo.

Abakeba muri iki kibazo aribo perezida Félix Tshisekedi wa RD Congo na Paul Kagame w'Urwanda, bompi bitezwe kwitaba iyi nama.

Hagati aho, igisirikare ca Uganda gihakana amakuru avuga ko carungitse abasirikare mu buseruko bwa RD Congo kubera intambara zo mu muji wa Goma no mu micungararo yawo.

Kuva aho bamariye gufata Goma, abarwanyi ba M23 bakomeje gusatira utundi turere two muri Kivu y'Epfo cane cane Bukavu, umurwa mukuru w'iyo ntara. Abategetsi ba Congo bashize ku rutonde abanyagihugu bo muri uwo muji bifuza gufasha muri iyi ntambara.

Uyu murwi washizeho abagize inzego z'intwaro, harimwo bulamatari wa Kivu ya Ruguru.

Ubwa mbere kuva bafata Goma, M23 kuri uyu wa kane, yahamagariye abantu kuja mw'ikoraniro muri uwo muji, ahabonetse umukuru wawo Corneille Nangaa, ashikiriza ijambo isinzi ry'abantu ku kibuga ca Stade de l'Unité.

Sentare ya gisirikare yasohoye umutahe wo gufata Nangaa, bamwagiriza ivyaha vyo mu ntambara no guhemuka.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko abantu 3.000 bishwe mu gihe c'intambara zikomeye za M23 zo gufata Goma.

Hari ubwoba ko ingwara za Mpox na Cholera zishobora gutandukira hanze y'uwo muji.

Sentare mpanavyaha mpuzamakungu imenyesha ko abashikirizamanza bariko barakurikirana neza ibiriko bibera muri RD Congo "harimwo iyi ntambara yatanguye gukara kuva mu ndwi iheze.