Abategetsi ba SADC bumvikanye kwongereza ikiringo c’ingabo zayo muri RD Congo

Ubutumwa bwa SAMIDRC bugizwe n'ingabo za Afrika y'Epfo, Tanzania na Malawi zarungitswe mu buseruko bwa DR Congo gufasha igisirikare c'iki gihugu kurwanya inyeshamba za M23

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ubutumwa bwa SAMIDRC bugizwe n'ingabo za Afrika y'Epfo, Tanzania na Malawi zarungitswe mu buseruko bwa DR Congo gufasha igisirikare c'iki gihugu kurwanya inyeshamba za M23

Abakuru b’ibihugu n’amareta bo mw’ishirahamwe SADC bumvikanye kwongereza ikiringo c’umwaka ubutumwa bwa gisirikare mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

Mw’ikoraniro ridasanzwe ryabereye i Harare muri Zimbabwe ejo ku wa gatatu, igenekerezo rya 20 Munyonyo (11), abategetsi b’ibi bihugu harimwo Zimbabwe, Zambia na Afrika y’Epfo biyemeje gutanga uburyo kugira ngo ingabo zarungitswe muri DR Congo kuva muri Kigarama (12) umwaka uheze zibandanye igikorwa cazo, mu ntumbero yo gukingira abasivire no kubungabunga umutekano.

Mw’itangazo basohoye inyuma y’iri koraniro, barashima abarongoye ingabo za SAMIDRC n’abandi bose barungitswe muri ubu butumwa ku kungene bitangira amahoro, ituze n’umutekano mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

Bashikirije impungenge kw’itituka ry’umutekano muri iki gihugu, baniyamiriza ihonyangwa ribandanya ry’amasezerano yo guhagarika intambara yateweko igikumu muri Myandagaro (8) na reta ya DR Congo n’inyeshamba za M23.

Uno muryango ugizwe n’ibihugu 16 vyo mu bumanuko bwa Afrika utera akamo impande zompi gushira mu ngiro ivyo ziyemeje mu kugarukana amahoro n’umutekano.

Iri koraniro ryashimangiye ivyo SADC yiyemeje mu bijanye n’amasezerano yo gutabarana, ko “igitero ku gihugu kimwe kizofatwa nk’ikibazo c’amahoro n’umutekano gihanze akarere kose’, baca barashima ingene ibihugu bigize uno muryango vyerekana ubumwe mu gukorera hamwe mu gushigikira ingabo za SAMIDRC.

Ingabo z’umuryango wa SADC zarungitswe muri ico gihugu mu ntumbero yo gusubirira iz’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko zari zarungitswe muri ico gihugu ariko reta yaco ikaba yahavuye isaba ko zitahukanwa kuko yabona ko ataco zariko zirayifasha mu kurwanya inyeshamba za M23 zari ziyigeramiye.

Ingabo za SADC (zizwi nka SAMIDRC) zarungitswe muri ico gihugu zifise uruhusha rwo kurwana. Mu 2013, izo ngabo za SADC nyene ni zo zatujije uwo muhari imbere y'uko usubira kuvyura umutwe mu 2021.

Hagati aho, gushika ubu, nta kintu kigaragara kinini kirahinduka ku rubuga mu buseruko bwa DR Congo kuko gushika ubu M23 iracatsimbataye ku turere yigaruriye kuva intambara isubiye kwaduka mu mpera za 2021, mbere ikaba iherutse no kwigarurira utundi turere mu ntara ya Kivu ya Ruguru.

M23 kandi iherutse no gushinga inzego zirongora uturere imaze kwigarurira.