Burundi: Umusore aje kundesha mbanza kumubaza ko afise ikinga- umwigeme w'i Gihanga

- Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
- Igikorwa, Umunyamakuru i Bujumbura
"Umusore aje kundesha singenda atampaye ikinga. N'aho yoreka inkwano ariko akampereza ikinga".
Bivugwa na Cimpaye Karamiriza, umukenyezi aba ku mugwa mukuru wa komine Gihanga, intara ya Bubanza, mu burengero bw'Uburundi.
Cimpaye arishimira kubona anyonga ikinga avuga ko yatanguye gukoresha afise imyaka ine.
Ati: "Ubu mpakira ibiro amajana abiri vy'umuceri. Ikinga ni bwo buzima bwanje. Ikinga ni ryo dukoresha mu kuvoma, ni ryo tugendako mu murima, ni ryo dukoresha tugiye kurangura, ni ryo dukoresha tugiye gusenya".
Yavuze ibi ku musi wa Mungu. igihe hari haramutse hatunganywa ihiganwa ryo gusiganwa ku makinga, mu ntumbero yo kwigina ikinga no gushimangira agaciro ka ryo mu kibano.
Ni ihiganwa ryitabiriwe n'isinzi ry'abantu, bamwe muri bo babona nk'igitangaza kubona abigeme, mu bintu bitamenyerewe, bariko barasiganwa muri iri higanwa ryo kunyonga ikinga ku birometero 37.
N'umurwayi wanje namusize wenyene nza gusamara-umurorerezi
Hari igihe c'isaha indwi z'umuhingamo. Abanyagihugu isinzi, abato n'abakuze, bashwabadutse. Bahagaze ku mabarabara. Baje kuratira ijisho.
Amakinga aguma arenga ayandi arenguka.
Abasore n'inkumi baturuka mu mazone yose ya komine Gihanga baje kwitabira ihiganwa ryo gusiganwa n'amakinga.
Uko abahiganwa barengana ni ko abo banyagihugu bakoma amashi, abandi bagakoma akaruru. Hari n'abavuza amafirimbi abandi nabo bagashaka gusimbira mw'ibarabara. Igipolisi gisa n'icananiwe kubaturuza.
Izuba rimena imbwa agahanga, ariko abanyagihugu ntaco ribabwiye.
Abahiganwa bose uko ari 231 bambaye umwambaro wisa, uriko n'inomero ziranga umwe wese.
Harimwo n'abakobwa 113 n'abahungu 118. Espérance Manirakiza ari mu munezero mwinshi, aho yaje gushigikira abakenyezi bagenzi we.
Ku bwiwe, ibiriko biraba ni "ikimenyetso ko abagore dushoboye ".
Yabwiye BBC Gahuzamiryango ati : "Uno musi twiyumva neza. Ibi bintu bituma abantu biyumvanamwo kandi n'umutekano ugashishikara kugenda neza cane".
Mu barorerezi harimwo abaje bava mu ntara za ruguru, bakemeza ko batari bwabone abagore canke abakobwa bariko baragendesha amakinga.
Bernadette Manirakiza w'imyaka 53 aturuka mu Kayanza avuga ko vyamunaniye kwihangana agata n'uwo yari arwaje kugira aje kuratira ijisho.
Ariko aramwenyura, yabwiye BBC Gahuzamiryango ko ivyo yabonye ari bishasha kuri we.
Ati: "Nanezerewe cane. Mbonye badusumvya ubumenyi. Amakinga ku bigeme burya vyambereye bishasha. N'umugwayi wanje namusize wenyene nza gusamara.
"Numvise ngo abakobwa bari ku makinga ! Nti 'abakobwa?' [atwenga] No ngaha i Gihanga, itariki ni iy'uno musi ndahabonye".

Inyuma y'iri higanwa ryo kunyonga ikinga ku ntera y'ibirometero 37, hagiye hatangwa ubushimwe bw'amafaranga bivanye n'ingene bagiye barushanywa.
Uwa mbere ahabwa akabahasha k'ibihumbi 400 vy'amafranga y'Uburundi, ayo akaba aciye ikinga rishasha matazira 'Matabaro'.
Abaza mukibanza ca kabiri bahabwa ibihumbi 300, aba gatatu ibihumbi 200 nayo aba kane bagatahana ibihumbi 100.
Ku ruhande rw'abakobwa, Adelphine Nimfasha niwe yabaye uwa mbere.
Ku ruhande rw'abahungu, Claude Kwizera ni we yabaye uwa mbere. Ivyo birometero yabigenze mu minota 30 irenga gato.

Uwu musore asanzwe akora akazi ko kwisumamwo ku mugwa mukuru wa komine Gihanga, akavuga ko intsinzi yaronse ari iteka kuri we no kuri zone aturukamwo.
Avuga ko muri kahise yigeze kwitaba ihiganwa nk'iri ariko ngo riramwanikira. Ico gihe yatahukanye ikibanza c'indwi mu gihe yipfuza kuba uwa mbere.
Avuga ko kuva ico gihe yagumye ahiga, none ko indoto yiwe igiye mu ngiro.
Ati: "Igihe naba uw'indwi vyarambabaje cane. Mu bandushije harimwo uwitwa Mwarabu. Ariko nanje uno musi namurushije".
Ubukene bw'amazi bwatumye ikinga ryiganza
Bamwe n'abandi baguma bibaza iyo uwu mugenzo wo kugendesha ikinga muri Gihanga wazananye.
Musitanteri w'iyi komine Léopold Ndayisaba asigura ko mu myaka ya 70 iyi komine yigeze kugira ingorane zikomeye z'ubukene bw'amazi.
Ati: "Kubera ata modoka zari bwaboneke i Gihanga, abanyagihugu bikora ku makinga mu kuja kuvoma mu burere bwa kure. Ibi babikoze imyaka myinshi".
Uno mutware avuga ko vyaciye biborohera cane kubera ari ikiyaya. Ati: "N'umwana mutoya yarashobora gutwara ikinga iyo ashaka hose akongera akagaruka arigendesha".
Avuga ko ibi bitandukanye no mu zindi ntara, aho usanga hamwe hamanuka ahandi hakaduga.
Léopold Ndayisaba avuga ko hageze igihe ivyo gukoresha ikinga biba nk'akaranga canke umugenzo. Baba abaja mu mirima, baba abashora ibintu bitandukanye, bose bikora ku makinga.

Mu gihe Gihanga ari akarere kororerwamwo cane inka, n'amata yakoreshwa mu gisagara ca Bujumbura ni yo yava nk'uko vyemezwa na musitanteri.
"Mu myaka iheze, abana bo mu gisagara ca Bujumbura bari bazi ko amata ava kw'ikinga".
Uwu mugenzo wagiye ukomera urashinga imizi no mu bakobwa n'abagore.
Anique Kaneza ashigikira mugenziwe Karamiriza, aho na we nyene avuga ko iyo umusore aje kumuresha abanza kumubanza ko afise ikinga.
" Ata kinga ndamubwira nti : nimba uzi ko uzoza uzanye umukozi wo kuvoma canke ukaba ufise urupangu rurimwo ibombo, aho nta ngorane "
Uyu mwigeme na we nyene asanzwe ari umukunzi w'ikinga.
Yipfuza ko iri higanwa ryo gusiganwa ku makinga ryoshigikirwa kugira abanya Gihanga batere imbere muri iki gisata.
Abona ko hakwiye gushingwa ishirahamwe (Club) ry'abanya Gihanga bagendesha amakinga kugira bashobore gukurikiranwa neza n'abahinga.
"Kenshi abahiganwa babakura mu mihana iyo hageze ihiganwa. Riheze baca basubira gusanzara. Ni yo mpamvu badashika kure ", ni ko Anique Kaneza yabwiye BBC Gahuzamiryango.
Abandanya ati: "Nipfuza ko hoshingwa Club umwuga wabo ukaba kwimenyereza imisi yose, bakaronswa ivya ngombwa n'ivyo gufungura bijanye.
"Amakinga barayazi. Bicwa no kubura ikibakurikirana".
Mu bitavye ibirori vy'iri higanwa hagaragayemwo uwuserukira Ububirigi mu Burundi Michael Wimmer hamwe n'uwurongoye ishirahamwe rya ONU riraba ibijanye n'iterambere PNUD.










