Uganda: Uwigize umuhanuzi w'idini yakubise abayoboke yapfunzwe

Umugabo wo muri Uganda yigize umuhanuzi w'idini yagirijwe ivyaha vyo guhohotera no gukora urudandaza rw'abantu.
Umuhanuzi Kintu Dennis w’ishengero Hoima Empowerment Church International yabonetse muri video yarabwe cane ariko arakubita inkoni abayoboke b’ishengero ryiwe.
Igipolisi cafashe uwo mugabo w’imyaka 42 kuwa gatatu w’ino ndwi ari kumwe n’abandi bayoboke b’iryo shengero bane nyuma y’aho iyo video yitwariwe.
Afatwa amasanamu ariko arategeka abakozi bo mw’ishengero ngo baje imbere y’isengero bakubitwe canke bahebe kugaruka mu masengesho bace banatakaza amahirwe yo gukora kuri microphone yiwe.
Ico gihe cose, abaje gusenga bagumye barorera mu gihe abo bakozi baza barakubitwa umwe inyuma y’uwundi hariko haravuga akaziki koroheje ka piano.
Umuhanuzi Kintu yabariye abakora itohoza ko yariko arasubiramwo ivyo Yezu yakoze, igihe yasanga abantu bariko baradandariza mw’isengero, nk’uko biri mu rwandiko rw’igipolisi.
Abajejwe intwaro kandi bavuga yuko yayobora iryo shengero atavyemerewe n’amategeko.
Ugusaka kwakozwe m’iryo sengero kwatoye inkoni zitatu igipolisi kivuga yuko ari zo zakoreshwa mu gukubita abayoboke.
Kintu Dennis yagumijwe mw’ibohera gushika itari indwi Nyakanga (9).
Uganda ifise amashengero menshi ya gi-Kristu akorera hose mu gihugu.
Ntagenzurwa kandi menshi muri yo atwarwa n’abagabo canke abagore biyita intumwa z’Imana.










