Rwanda: Kora amatohoza yigenga ku rupfu rwa Ntwali - amashirahamwe 90 yigenga

Ahavuye isanamu, FACEBOOK/NTWALI JOHN WILLIAMS
Amashirahamwe 90 adaharanira ivyicaro vya poritike n’ay’abamenyeshamakuru yasohoye itangazo asaba abategetsi b’Urwanda kwemera ko hakorwa "amahotoza yigenga, ataho yegamiye kandi yimbitse" ku rupfu rwa John Williams Ntwali,umumenyeshamakuru aherutse gupfa.
Muri uru rwandiko, aya mashirahamwe asaba Urwanda kwifashisha abahinga mpuzamakungu, akanasaba amakungu gutera igitsure abategetsi kugira bemere aya matohoza kandi bakorane n’abahinga mpuzamakungu.
Ntwali yagiye kumenyekana ko yapfuye ku wa 19 z’uku kwa mbere, igihe igipolisi c’Urwanda gihamagaye mwenewabo ngo aje kuraba ikiziga bari bafise mu buruhukiro ariko batazi uwo ari we, niko kubabwira ko ari John Williams Ntwali.
Igipolisi catangaje ko uyu yapfuye igihe ipikipiki yariko yagongwa n’imodoka i Kigali, ariko abaharanira agateka ka zina muntu bafise amakenga, bagasaba ko hakorwa amatohoza.
Leta y'u Rwanda ntaco irashikiriza ku vyavuzwe n'amashirahamwe yigenga asaba amatohoza ku rupfu rwa John Williams Ntwali.
Mw’itangazo ryayo, aya mashiramawe 90 yariteyeko igikumu avuga ko “inyuma y’indwi zibiri ibivugwa ko ari isanganya ribaye, abategetsi b’Urwanda bananiwe no kwerekana icegeranyo c’igipolisi, aho iri sanganya ryabereye, isanamu canke videwo n’imwe, canke n’amakuru arambuye ku bariteje”.
Aya mashirahamwe yiganjemwo ayo muri Africa nka Federation of African Journalists, African Editors Forum, n’ayandi nka Amnesty International, Commonwealth Journalists Association, International Federation for Human Rights (FIDH), na PEN International, avuga ko Ntwali yaguma aterwa ubwoba kandi yifatirwa mu gahanga n’ibinyamakuru vyegamiye reta kubera amakuru yiwe y’igendereza yakora.
Iri tangazo risubiramwo amajambo yabwiye ishirahamwe Human Rights Watch mu kwa gatandatu 2022, aho yavuze ati:
“Mbwirwa ko inyuma ya CHOGM [Inama y’abakuru b’igihugu bihurikiye muri Commonwealth], batazosubira kudufyinatisha. Maze kubibwirwa incuro zitanu cane zitandatu. Ndahamagarwa ku materefone atazwi. Bamwe [mu bajejwe igendereza] bamaze kuza kabiri muhira kubimbwira. NISS [urwego rw’igihugu rujejwe igendereza] rwambiye ruti: ‘Udahinduye imvugo yawe, inyuma ya CHOGM, uzoraba ibizogushikira’”.
Aya mashirahamwe asubiramwo amajambo yabwiye ikinyamakuru al-Jazeera ku bijanye n’amakuru y’impari ziri hagati y’abategetsi n’abatuye muri karitiye ya Kangondo birukanywe mu matongo yabo, aho yavuga ati:
“Nibanze ku butungane, agateka ka muntu no kuvugira abatagira aho bavugira...ibi bitatu hano mu Rwanda biragoye. Ariko nariyemeje...Abagerageza kubishira ahabona barapfungwa – barahohoterwa, bagaterwa ubwoba canke bagapfungwa. Ica kabiri, biba ngombwa ko bahunga. Ica gatatu, bamwe muri bo barazimangana. Canke mbere barapfa”.
Ntwali yafatwa nk’umwe mu bamenyeshamakuru bake cane mu Rwanda bakora bigenga mu kumenyesha amakuru y’ibitagenda neza mu gihugu nk’uko bivugwa n’aya mashirahamwe.
Abona ko ari ngombwa ko abategetsi b’Urwanda bakurikiza amategeko mpuzamakungu bagakora amatohoza ku rupfu rw’uyu munyamakuru.
Aya mashirahamwe kandi abona ko uru rupfu ruri mu zindi mpfu ziteye amakenga z’abanyaporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi canke ababunegura, abategetsi b’Urwanda bananiwe no gukorako amatohoza yizewe, agafatira ku rupfu rwa Kizito Mihigo muri Ruhuhuma (2) 2020.
Ati: “Rero, abahinga b’akarere na mpuzamakungu [...] bategerezwa kugira uruhara muri rino tohoza.
“Itohoza nyaryo rikeneye kuba ryigenga, ataho ryegamiye, ryimbitse kandi ririmwo umuco [...]”.










