Akazi: Woshika gute ku bintu vyinshi ukoresheje umwanya muto?

Ahavuye isanamu, Evgeniia Siiankovskaia
Ukivyumva, bishobora kuba ata nsiguro bifise. Wokora gute umwanya muto kugira uronke umwimbu mwinshi? Aha turabasigurira ingene ivyo bishoboka n'ingene bishobora kubafasha mu migambi imwe imwe.
Gukora ata gukebaguzwa
Cal Newport, ikigo c'ubuhinga mu kugwiza umwimbu, kiratanga impanuro ku kungene ushobora akazi ku rwenge. Izo mpanuro harimwo ikintu citwa "gukora udakebaguzwa".
Mu gutahura ico ari co gukora udakebaguzwa, birakenewe kumenya ico ari co akazi kadashemeye. Kusoma ubutumwa bwa mail, kuraba imbuga hwaniro, gukoresha amanama ku bintu bitihuta cane, ivyo vyose bishobora gufatwa nk'akazi kadashemeye.
Ushobora kutavyirengagiza gose, ariko ushobora kubikura ku rutonde rw'ibintu vyo gukora mu mwanya umwe, kugira wihatire ku kandi kazi udakebaguzwa. N'ukwihatira cane ku bikorwa bikenewe cane no kuvyitondera cane. Ushobora no kwiherera kugira ntusamare. Ni vyo umwanditsi Maya Angelou yakunda gukora, mu gihe umugwizatunga Bill Gates azwi nk'umuntu yakunda kwiyugarana ahantu hiherereye kugira akore.
Kurondera gushika ku ntumbero
Hari uburyo bwinshi bwo gushika ku ntumbero mu buzima. Umugwizatunga Warren Buffet ahanura kugira urutonde rw'ibintu 20 nkenerwa vyo gukora mu buzima, hanyuma ugaca akarongo musi y'ikigira gatanu. Hanyuma, ibindi 15 biri kuri urwo rutonde ivyihoze, gushika ubonye uhejeje ivyo bitanu vya mbere.

Ahavuye isanamu, AFP
Indinganizo y'intumbero wipfuza gushikako
Umwarimu wa kaminuza Angela Duckworth n'umuhinga muvyo inyifato yateguye indinganizoy'intumbero umuntu yipfuza gushikako. N'ukubigaburamwo ibice vyinshi, ikija hejuru kikaba ari co gekenewe cane (nko kuba umuganga canke gutwara umudari wa olempike).
Intera ikurikira irimwo intumbero zito zito zikenewe kugira ushike ku ntumbero nyamukuru. Nk'akarorero, ubushakashatsi bukenewe kugira ukore ibibazo vyotuma uba umunyeshure wa kaminuza muvyo amagara y'abantu, canke imyimenyerezo ikenewe kugira wirukw imetero 100 kugira uronke umudari w'inzahabu. Intera yo hasi irimwo ibikorwa bishigikira ibiri mu ntera yo hejuru, gutyo gutyo gutyo. Mu gihe akazi kamwe katagushikana ku ntumbero nyamukuru, intera iyo ari yo yose kariko, ntugakore.
Fata akaruhuko

Ahavuye isanamu, AFP
Gukora umusi wose akazi ku muvuduko wa 100km/h si ikintu ciza. Akaruhuko karakenewe, kandi nawe karashobora kugufasha.
Francesco Cirillo, umuhinga mu gukoresha neza umwanya, yaratoye igipimo c'akaruhuko ku cuma giharura iminota gifise iforoma y'urutomati yasanze mu gikoni ciwe. Ubwo buhinga buzwi kw'izina rya pomodoro (kivuye mw'izina urutomati mu gitaliyano), bukora mu kugabura akazi kawe mi bice vy'iminota 25. Ugakurikizako iminota 5 y'akaruhuko ifasha mu mwimbu. Sohoka hanze gutembera gato hakuguma uraba imbuga hwaniro - ubushakashatsi bwerekanye ko utwo turuhuko dushobora umererwa neza gusumba mu kwitegurira iyindi minota 25 y'akazi.
Menya aho uhagarikira akazi- kandi ubivugire hejuru

Ahavuye isanamu, AFP
Cal Newport arafise uko afata akazi umuntu adakebaguzwa, ariko arazi kandi kugahagarika no kugira umwanya wiwe. Kugira aheraheze umusi w'akazi, yari afise akamenyero ko guhagarika. N'ukuvuga kumenya ko umusi uheze, kwihweza akazi katashoboye kurangira, gutegura ibizokorwa bukeye, no kugara inyabwonko ngendanwa canke ikaye y'imyimenyerezo no kuvuga ijambo nka "ndaheje kugara burundu".
Uko wobivuga kose bikuvako, ariko ayo majambo ategerezwa kwerekana ko uhejeje akazi k'uyo musi n'intango y'akaruhuko, ko widegemvya ushobora kwinezereza. Ako kanya utegerezwa kukaronka!
Inkuru yo kuri BBC Bitesize










