Umuriro ku bitaro muri Senegal: Inzoya cumi na rumwe zikivuka zishwe n'umuriro i Tivaouane

Ahavuye isanamu, Reuters
Abana b'inzoya cumi n'umwe baguye mu muriro wadutse mu bitaro mu gisagara ca Tivaouane kiri mu burengero bwa Senegal, nk'uko vyavuzwe n'umukuru w'ico gihugu, Macky Sall.
Amakuru ya mbere yavuze ko uwo muriro wavuye ku ngorane z'umuyagankuba (court circuit/short circuit), ku bw'abanyaporitike aho muri Senegal.
Inzoya zitatu zarashoboye kurokorwa, nk'uko vyemezwa n'umukuru w'igisagara, Demba Diop Sy.
Imiryango yashitse ku bitaro vya Mame Abdou Aziz Sy Dabakh kuraba ko abana bayo barokotse. Bamwe barengewe n'agahinda igihe bumva ivyabaye.
Moustapha Cissé yabwiye Reuters ko umwana w'uwo bavukana yari amaze indwi zitatu, Mohamed, ari mu bapfuye.
Umuvyeyi Ramata Gueye yapfuye ahejeje kuvyara. We n'umugabo wiwe, El Hadj Gueye, bari bamaze imyaka bagerageza kuronka umwana, Mohamed akaba yari we mwana wabo umwe rudende.
Bwana Cissé yagize ati: "Birakomeretsa ku mutima kubona abuze umugore n'umwana akivuka. Sinshobora no kumuraba mu maso.
"None ni umugambi w'Imana canke ni kubera ibitaro vyo muri Senegal vyananiwe? Iki kibazo dutegerezwa kugishikiriza leta".
Ibi bitaro vyaheruka kwugururwa vuba, nk'uko ibiro ntaramakuru AFP bibivuga, bibikuye mu bitangazamakuru vyo muri Senegal.
Prezida Macky Sall yatangaje ikigandaro c'iminsi itatu. Ku butumwa kuri Twitter yanditse ati "Abavyeyi babo n'imiryango, ndabahojeje bivuye ku mutima."

Ahavuye isanamu, Reuters
Ndeye Absa Gueye, mu nyuma nawe yahavuye asanga yaburiyemwo umwuzukuru yavuze ati: "Numvise inkuru y'uwo muriro nijoro, ariko sinabwira umukobwa wanje. Narindiriye ko buca kugira ndamubwire".
Umwe mu baba Tivaouane, Ousmane Kane, yabwiye Reuters ati: "Ibi biradukomeretsa nk'abanya-Senegal twese".
Nawe umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu Abdoulaye Diouf Sarr yanditse ari Geneve mu nama y'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS ati: "Birababaje cane kubona ibintu nk'ibi vyashitse".
Yaciye amenyesha ko hatanguye amatohoza kandi ko agiye guhagarika ivyo yari arimwo kugira yihute gusubira mu gihugu buno nyene.
Ivyashitse vyashegeshe abantu ku mbuba hwaniro bidogera ingene bitabwaho mu bijanye n'amagara.
Umushingamateka atavuga rumwe n'ubutegetsi Mamadou Lamine Diallo yaneguye reta mu kwandika kuri twitter ati: "Izindi nzoya zahiriye mu bitaro vy'igihugu… Ibi ntawovyihanganira".

Ahavuye isanamu, Reuters
Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Amnesty International ryasavye reta gushiraho umugwi wigenga wo gukora amatohoza kugira hamenyekane ababifisemwo uruhara hanyuma bahanwe, hatarabwe urugero bariko mu butegetsi bw'igihugu.
Amnesty yasavye kandi ko ivyumba vyose vy'abana bavutse bataragera bisuzumwa, mu gihe ibintu nk'ivyo vyari bimaze gushika mu gisagara kiri mu buraruko ca Linguère mu mwaka uheze.
Ico gihe abana bane bavutse batageze barapfuye inyuma y'aho umuriro wadukiye mu gice c'abavyeyi c'ivyo bitaro. Ico gihe umukuru w'igisagara yavuze ko hari habaye ikibazo c'umuyagankuba mu cuma co gutanga akayaga co mu cumba c'abavyaye.
Ivyashitse ku wa gatatu bishitse kandi hamaze iminsi hari ishavu ryinshi mu gihugu kubera urupfu rw'umugore yari ku gise, Astou Sokhna, yapfuye nk'uko bivugwa ariko arasaba ko yokorwa (yobagwa) kugira avyare, mu kiringo c'amasaha 20 yamaze ari ku nda gushika aho apfa.
N'umwana yari mu nda nawe nyene yarapfuye.










