US: FBI yatesheje umugambi w'iterabwoba wo kwica George W Bush

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umunywanyi wa wa muhari wiyita Reta ya ki-Islam (Etat Islamique/Islamic State) yari yateguye kugandagura uwahoze ari umukuru w'igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika George W Bush ariko uwu mugambi ukaba wahinyuwe na FBI, nk'uko bivugwa n'abategetsi ba Amerika.
Uwikekwa, akaba aba muri Ohio, yagirizwa ko yarondeye kwinjiza abarwanyi muri Amerika abavanye muri Mexique kugira bakore iki gitero.
Ubu arapfunzwe, ejo ku wa kabiri akaba yararengukishijwe muri sentare y'igihugu i Ohio.
FBI yakoresheje inderetsi hamwe n'ubuhinga bwo gucungera bwa elektroniki mu gutesha uwu mugambi.
Nk'uko vyerekanwa n'inzandiko zo muri sentare, uyu muntu yikekwa - azwi kw'izina rya Shihab Ahmed Shihab w'imyaka 52 - ni umunyagihugu wa Irak abaye muri Amerika kuva mu 2020 akaba yari akirindiriye ubuhungiro yasavye.
FBI ivuga ko Shihab yabwiye umwizigirwa wiwe, yigize uwinjiza abantu mu buryo bwa magendo, ko yari mu murwi uzwi nka Al-Raed - ijambo ry'icarabu risigura umuturagaro - ufise icicaro muri Qatar.
Mu biganiro yagiranye n'isoko rya FBI, Shihab avuga ko yashaka kwica George Bush kubera "yishe abanya-Irak benshi" yongera "asambura" Irak.
Avuga kandi ko na we nyene yari kuba muri ico gitero "kandi ntiyaraba ko yari gupfa, kuko yari kuba yishimiye kuba mu bakora ico gitero".
Shihab avugwa ko yariko arondera ibiranga abapolisi vy'amanyanga kandi ko yariko aratohoza kugira amenye ko abarwanyi biyitirira idini rya Islam bashobora kwinjizwa muri Amerika mu kinyegero baciye ku rubibe rwa Mexique kugira ngo bakore iki gitero, hanyuma bagashobora gusubizwa inyuma mu kubahungisha.
Abantu babiri yari yizeye kwinjiza muri Amerika bavugwa ko bahoze bakora mu gisata c'igendereza ca Irak kandi ko bamenyereye ibitero vyo kugandagura.
Shihab avugwa kandi ko yavuganye n'irindi soko rya FBI yigize umukiriya mu vyo kwinjiza abantu mu kinyegero. Aba bareretsi bompi bafashe amajwi y'ibiganiro bagiriraniye nawe.
Shihab avugwa ko yabwiye aya masoko ko yari yizeye gukoresha aba bantu mu kwinjiza abanywanyi ba Reta ya ki-Islam muri Amerika, n'aho atagirizwa kuba umunywanyi w'uyu muhari w'iterabwoba.
Igihe kimwe, Shihab n'umwe muri aya masoko barajanye i Dallas muri Texas gufata amashusho y'umuhana wa Bush hamwe n'ay'ikigo George W. Bush Institute.
Muri Ntwarante (3) 2022, avugwa ko yakoresheje inama mw'ihoteri y'i Columbus muri Ohio yo kurondera ibirwanisho n'imyambaro y'amanyanga y'abajejwe umutekano.
Ashobora gucirirwa umunyororo w'imyaka 10 ku caha co kugerageza kwinjiza umuntu muri Amerika bidaciye mu mategeko, hamwe n'iyindi 20 ku caha co gufasha no gukokeza abashaka kugandagura uwahoze ari umutegetsi wa Amerika.
Umuvugizi wa Bush avuga ko uyu yahoze arongoye iki gihugu "yizeye cane amakungu n'igisata ca Amerika kijejwe igendereza, hamwe n'abajejwe umutekano n'ibindi bisata bijejwe igendereza".
BBC irarindiriye ico FBI ibivugako.










