Isi iri mu bibazo bikomeye vya Covid, monkeypox n'intambara - OMS/WHO

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru w'ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi (OMS/WHO) agabisha ko isi ihanganye n'ibibazo "bitoroshe", harimwo Covid, intambara yo muri Ukraine hamwe na monkeypox/variole du singe.
Tedros Adhanom Ghebreyesus yashikirije ibi mw'ijambo yavugiye i Genève/Geneva, aho abahinga b'iri shami rya ONU rijejwe amagara y'abantu bariko baganira ku ngwara y'icaduka ya monkeypox/variole du singe (ubundi variole mu kirundi n'ikinyarwanda ni ibihara, monkey/singe nayo ni inkende), imaze kwibonekeza mu bihugu 15 hanze ya Afrika.
Abantu barenga 80 nibo bamaze kumenyekana ko banduye iyi ndwara i Bulaya, muri Amerika, Canada, Australia na Israel.
Hagati aho, ingaruka ku banyagihugu benshi bivugwa ko zikiri hasi.
Monkeypox/variole du singe - umugera ukunze kwibonekeza mu turere two mu misozi muri Afrika yo hagati n'iy'uburengero - isa n'uko itoroherwa gukwirakwira hagati y'abantu kandi mu bisanzwe ni indwara itabangamye.
Abantu bose bandura iyi ndwara bakira mu ndwi nkeya, nk'uko bivugwa n'ikigo c'Ubwongereza kijejwe amagara y'abantu, NHS.
Iki kiza cahababuye abahinga, Ubwongereza bukaba bwasohoye ibwirizwa rishasha, aho buvuga ko abikekwa ko babonanye n'abanduye bokwitaramura mu kiringo c'indwi zitatu. Ku wa gatanu, Ububirigi cabaye igihugu ca mbere catangaje ikiringo c'indwi zitatu co kwitaramura ku bantu banduye.
Ikinyamakuru Guardian kivuga ko mu Bwongereza hitezwe ko abandi banduye batangazwa kuri uno wa mbere.
Mw'ijambo ryo kwugurura ikoraniro ry'ishiraahamwe OMS arongoye ku wa Mungu, Dr Tedros yavuze ati: "Ni vyo koko, ikiza karanda ca Covid si co kibazo conyene gihanze isi yacu.
"Muri kano kanya turiko turavuga bagenzacu kw'isi yose bahanganye n'ibiza vya Ebola muri Repuburika ya Demokrasi ya Congo, monkeypox n'indwara y'igitigu tutazi ico ivako hamwe n'ibibazo vy'imibereho y'abanyagihugu muri Afghanistan, Ethiopia, Somalia, Sudani y'Epfo, Syria, Ukraine na Yemen.
"Duhanganye n'uruvangatirane rw'indwara, kigoyi n'intambara, bitewe n'ihindagurika ry'ikirere, ubusumbasumbane n'ugukebana muri poritike z'igihugu".
OMS yari yavuze ko hari abandi bikekwa kwandura monkeypox bariko bakorwako amatohoza - ariko akaba ata bihugu yavuze - ikagabisha ko hashobora gutangazwa n'abandi banduye.
Inyuma y'aho habonekeye umuntu wa mbere yanduye iyi ndwara mu Bwongereza, umugera waciye utangura gutorwa i Bulaya hose - aho ibisata bijejwe amagara y'abantu muri Espagne, Portugal, mu Budagi, mu Bubirigi, mu Bufaransa, mu Buholande, mu Butaliyano no muri Suede vyatangaje ko vyatoye abanduye.
Abandi banduye batangajwe muri Autriche n'Ubuswisi ejo ku wa Mungu.
Igisata kijejwe gukinga indwara mu Bwongereza (Health Security Agency, UKHSA) kivuga ko kimaze gutora abantu 20 banduye gushika ubu, umuhanuzi mukuru waco ajejwe ubuvuzi Dr Susan Hopkins akaba yabwiye ikiganiro Sunday Morning ca BBC ati: "Tubandanya dutora abandi banduye ku musi ku musi".
Avuga ko uwu mugera uriko urakwiragira mu bantu - aho abatowe banduye batigeze babonana n'umuntu n'umwe yagendeye Afrika y'Uburengero, aho iyi ndwara isanzwe yariraye.
Ariko, Dr Hopkins avuga ko ingaruka ku banyagihugu muri rusangi zikiri "ntoya cane", aho abenshi mu bamaze gusanga baranduye ari abo mu bisagara bimwe bimwe hamwe n'abo muri wa murwi w'abahuza ibitsina babisangiye.
N'aho ata rucanco rwihariye rwa monkeypox ruraboneka, ibihugu bitari bike bivuga ko biriko biregeranya incanco z'ibihara, zikora ku rugero rwa 85% mu gukingira umuntu kuko iyi migera ibiri isa.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ntibiratomoka neza igitumye iki kiza caduka ubu.
Kimwe mu bishoboka ni uko umugera ufise kuba warihinduye ukuntu, n'aho ata vyemezo bikomeye vy'uko ari umugera wihinduye.
Iyindi nsiguro ni uko umugera wisanze mu kibanza nyaco mu gihe nyaco co kugwirirana.
Monkeypox ishobora kandi kwiyongera mu buryo bworoshe gusumba uko vyari bimeze muri kahise, igihe urucanco rw'ibihara rwakoreshwa ahantu henshi.










