Umunyamakuru wa Al Jazeera yiciwe mu gitero ca Israel muri Cisjordanie/West Bank

Ahavuye isanamu, Reuters
Umunyamakuru w'umunyamerika akomoka muri Palestina yishwe arashwe mu gihe yariko atanga amakuru kuri Al Jazeera ku gitero c'ingabo za Israel mu gisagara ca Jenin kiri mu karere ka Cisjordanie/West Bank kigaruriwe na Israel.
Iki kinyamakuru gifise icicaro muri Qatar kivuga ko Sherine Abu Aqla w'imyaka 51 yishwe "n'ibigirankana" n'ingabo za Israel. Uwafata amasanamu bakorana nawe yakomeretse.
Umushikiranganji wa mbere wa Israel avuga ko "bisa n'uko" barashwe n'abantu bitwaje ibirwanisho b'abanye-Palestina igihe haba ukurasana.
Ibi bibaye mu gihe imishamirano hagati ya Israel na Palestina igenda yiyongera.
Umukuru w'ubutegetsi bwa Palestina yagiriza reta ya Israel ko ari yo yakoze ico yita "icaha c'agahomerabunwa".

Ahavuye isanamu, Al Jazeera
Igisirikare ca Israel kivuga ko ingabo zaco n'abajejwe umutekano bakoze igitero kw'ikambi y'impunzi ya Jenin mu gaturuturu ko kuri uno wa gatatu mu ntumbero yo "guhagarika abikekwa ko ari intagondwa".
"Muri ico gikorwa, abanye-Palestina bitwaje inkoho baharurwa muri mirongo barashe bongera batera ibiturika ku basirikare bacu. Aba basirikare bivunye abo bitwaje inkoho".
Umushikiranganji wa Palestina ajejwe amagara y'abantu yavuze ko Sherine Abu Aqla yarashwe urusasu mu mutwe igihe yariko yegeranya amakuru kuri ico gitero. Yaciye anyarukanwa ku bitaro ameze nabi cane, mu nyuma atangazwa ko yacikanye.
Uwundi munyamakuru w'umunye-Palestina akorera Al Jazeera nyene afata amasanamu, Ali Samoudi, yarashwe mu mugongo ariko akaba ameze neza aho ariko aravurirwa mu bitaro, nk'uko bivugwa n'uyu mushikiranganji w'amagara y'abantu.
Al Jazeera isubiramwo Samoudi avuga ati: "Twari tugiye gufata amashusho y'igikorwa ca gisirikare ca Israel ubwo nyene baca baraturasa batanadusavye ko tuhava canke ngo tureke gufata amashusho.
"Urusoro rwa mbere rwafashe jewe, urwa kabiri rufata Sherine.
Yongerako ati: "Nta munye-Palestina n'umwe yariko arivuna igihe ivyo vyaba".
Itangazo rya Al Jazeera rivuga riti: "Mu bwicanyi bw'agahomerabunwa, buhonyanga amategeko mpuzamakungu, ingabo za Israel zigaruriye ubutaka bwacu zagandaguye umunyamakuru wa Al Jazeera muri Palestine Sherine Abu Aqla zimurashe amasasu mu gatondo ka kare...mu gihe yari ku kazi kiwe nk'umumenyeshamakuru, bigaragara neza ko yari yambaye umwambaro w'akazi umwerekana ko ari umunyamakuru".
Iki kinyamakuru gitera akamo amakungu ko yiyamiriza reta n'igisirikare vya Israel kuri "iri raswa n'igandagurwa" ry'umunyamakuru.
Umukuru w'ubutegetsi bwa Palestina Mahmoud Abbas ariyamiriza iraswa rya Abu Aqla na Samoudi, akavuga ko "kurasa abanyamakuru biri muri poritike yo kwifatira uturere mu ntumbero yo gukora amabi ata camira".
Umushikiranganji wa mbere wa Israel Naftali Bennett yagirije Perezida Abbas gushikiriza "ibirego bidafise ishingiro".
Mw'itangazo yasohoye, yavuze ati: "Ku makuru tumaze kwegeranya, bisa n'uko abanye-Palestina bitwaje ibirwanisho - ico gihe barasa mu rudavagi - aribo bafise uruhara mw'igandagurwa ry'uyu munyamakuru".
"Mbere abanye-Palestina i Jenin bafashwe amashusho bariko barirata: 'Twarashe umusirikare, aryamye hasi'. Hagati aho, nta musirikare n'umwe [wa Israel] yakomeretse, ibi bikerekana ko intagondwa z'abanye-Palestina ari bo bashobora kuba barashe uyu munyamakuru".
Umushikiranganji wa mbere Bennett avuga ko Israel yasavye ubutegetsi bwa Palestina ko bokorera hamwe amatohoza kugira ukuri kumenyekane, ariko ko abategetsi ba Palestina gushika ubu bavyanse.
Igisirikare ca Israel kirakunze gukora ibitero mw'ikambi y'impunzi ya Jenin. Barongereje ibi bitero muri ino misi ya vuba inyuma y'urukurikirane rw'ibitero bikorwa n'abarabu b'abanya-Israel n'abanye-Palestina ku mabarabara ya Israel no muri Cisjordanie mu ndwi ziheze vyahitanye ubuzima bw'abanya- Israel 17 n'abanya-Ukraine babiri.
Abanye-Palestina n'imiburiburi 26 barishwe - harimwo abarwanyi barashwe igihe bakora ivyo bitero, canke abitwaje ibirwanisho n'abasivire bishwe mu bitero vya Israel n'ukurasana muri Cisjordanie.
Ibikorwa vya gisirikare vya Israel vyashimikiye ku karere ka Jenin, ahavugwa ko ariho hazananye bane mu banya-Palestina bakoze ivyo bitero muri Israel.










