Intambara ya Ukraine: US yagiriza Russia ubumenja n'ubugome

Ahavuye isanamu, Reuters
Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bwagiriza umukuru w'igihugu c'Uburusiya Vladimir Putin ko akorana "ubumenja" mu gitero cabwo muri Ukraine.
Umuvugizi wabwo John Kirby yaboneka ko yahatswe gukorora amosozi igihe yabaza nimba hari umuntu uwo ari we wese "akomeye neza mu mutwe" yoshobora gusigura amabi akorwa n'Uburusiya.
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine ejo ku wa gatanu yavuze ko yari aciteguriye ibiganiro vy'amahoro na Putin.
Ariko yavuze ko hari igihamana kibi kinini ko bishobora gupfa kubera ubugome bw'Uburusiya ku gihugu ciwe.
Avugana n'ikinyamakuru co muri Pologne, Perezida Zelensky yavuze ko yipfuza kubonana na Perezida Putin kubera "umuntu umwe rudende ari we afata ingingo ku bintu vyose" mu Burusiya.
Ariko ubwononyi bwakozwe n'ingabo z'Uburusiya mu turere zigaruriye bwatumye ibiganiro ivy'ari vyo vyose ataco bishikako, nk'uko yabivuze. "Inyuma ya Bucha na Mariupol, abantu bashaka kubica. Iyo ibintu bimeze uko, biragoye kuvuga ikintu ico ari co cose".
Ku wa kane, Ukraine yatangaje uruhigi ku basirikare cumi b'abarusiya bagirizwa ivyaha vyo mu ntambara i Bucha - akarere kari mu buraruko bwa Kyiv aho abasivire n'imiburiburi 400 bishwe.
Ejo ku wa gatanu, Kirby yavuze ati: "Sinibaza ko hari umuntu yokwishimira na gato urugero rw'ubukozi bw'ibiki n'ubugome [vya Putin]".
Yarateye ivyatsi ivyitwazo vya Putin mu gukora iki gitero - aho avuga ko ariko arakingira abarusiya n'abanya-Ukraine ivyiyumviro vy'Abanazi - akongerako ati: "Biragoye guhuza ayo majambo n'ivyo ariko arakorera inzirakarengane muri Ukraine, kubarasa inyuma mu mutwe, baboheye amaboko mu mugongo, abakenyezi bibungenze bariko baricwa, ibitaro biterwa amabombe".
Umunyamakuru wa BBC i Kyiv, Joel Gunter, avuga ko hari ivyemezo ko Uburusiya bwatwaye ku nguvu abasivire benshi bakabajabukana mu Burusiya kuva iki gihugu gitanguye intambara mu kwa kabiri.
Umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburusiya Sergei Lavrov yavuze mu kiganiro yagiranye n'abanyamakuru ku wa gatandatu ko abarenga umuliyoni bahungishijwe bavanwa muri Ukraine bagatwarwa mu Burusiya kuva intambara itanguye mu kwa kabiri.
Lavrov yabwiye ikinyamakuru cegamiye reta y'Ubushinwa Xinhua ko harimwo abanyamahanga bababa 120.000, hampande y'ibihumbi amajana n'amajana bavuye mu turere dushigikiwe n'Uburusiya dushaka kwiyonkora kuri Ukraine mu buseruko - Donetsk na Luhansk.
Icegera c'umushikiranganji wa mbere wa Ukraine yabwiye BBC ko Moscou yagerageje kuguza abasivire ba Ukraine n'abasirikare b'Uburusiya bagizwe imbohe - ingendo ibujijwe n'amasezerano ya Geneva.
Ejo ku wa gatanu, Uburusiya bwaremeje ko bwakoze igitero c'indege ku mugwa mukuru wa Ukraine igihe umunyamabanga mukuru wa ONU yari mu rugendo muri iki gihugu. Umunyamakuru Vira Hyrch yarishwe muri ico gitero - imbere nk'ico inyuma y'indwi hafi zibiri - inyuma y'aho inzu yabamwo iterewe na misire.
Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw'Uburusiya bwavuze ko bwarungitse "ibirwanisho bikoreshwa n'indege, birasa kure kandi bidahusha" gutera uruganda rwa misire i Kyiv.
Ayandi makuru ku mfashanyo ya Amerika iha Ukraine
Mu gihe haciye amezi arenga abiri ubu intambara itanguye, Perezida Joe Biden wa Amerika asaba ko Inama nshingamateka na nkenguzamateka zimuha imiriyaridi 33 z'amadorari y'abanyamerika yo gufashisha Ukraine mu vya gisirikare, ubutunzi n'ubutabazi - imfashanyo nini cane Amerika yoba ihaye Ukraine.
Iyi mfashanyo idasanzwe yaracerejwe n'impari ku bijanye n' ivyoshirwa imbere muri Amerika, ariko umukuru w'inama nshingamateka Nancy Pelosi avuga ko yizeye ko iyi mfashanyo "izokwemezwa" vuba bwango.
I Kyiv, Zelensky yasavye ko mu gihe iyi nteguro yokwemezwa coba ari ikintu kigaragara cerekana ko ubwigenge bushobora kwiganzura agahotoro.
Mw'ijambo yashikirije mw'ijoro ry'ejo ku wa gatanu, yavuze ati: "Ndazi ko iyi mfashanyo yofasha Ukraine n'ibihugu vyigenga gutsinda aba bantu basubiye kudusotora".
Eka n'Ubwongereza buvuga ko buriko burarungika ingabo 8000 mu myimenyerezo mu bihugu vyo mu buseruko mu ntumbero yo kwerekana ko ibihugu vyo mu Burengero vyiyemeje kurwanya agasotoro k'Uburusiya kabandanya.











