Ukraine: Moscou ivuga ko Russia izohagarika intambara igihe OTAN/NATO itazoba ikiyibangamiye

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibikorwa vya gisirikare vya Moscou bizorangira mu gihe OTAN/NATO izohagarika gukoresha ubutaka bwa Ukraine mu kubangamira Uburusiya, niko Alexey Polishchuk, umutegetsi mukuru wo mu bushikiranganji bw'imigenderanire w'Uburusiya yabwiye ikinyamakuru cegamiye reta, Tass.
Polishchuk ati: "Igikorwa kidasanzwe kizohagarara mu gihe intumbero zaco zizoba zishitsweko. Muri zo harimwo gukingira abanyagihugu bibereyeho mu mahoro ba Donbas, gusambura igisirikare hamwe no gukura ivyiyumviro vy'iki-NAZI muri Ukraine, co kimwe no gukuraho ikintu cose cobangamira Uburusiya kivuye ku butaka bwa Ukraine kubera bwifatiwe n'ibihugu vya OTAN".
Hagati aho, nta nsiguro atanga z'ukungene OTAN ibangamiye Uburusiya ku butaka bwa Ukraine.
Uyu mutegetsi wo mu bushikiranganji bw'imigenderanire yongerako y'uko iki gikorwa ca gisirikare "kibandanya uko categuwe" kandi ko "intumbero zaco zose zizoshikwako".
Avuze aya majambo mu gihe ingabo z'Uburusiya zibandanya ibitero mu bice bitandukanye vy'igihugu, aho zivugwa ko ejo ku wa gatatu zateye intambwe ntoya muri iyo ntambara.
Umutegetsi wo mu kigo gikora ubushakashatsi ku ntambara, Institute for the Study of War, ca Amerika yavuze ko ejo ku wa gatatu Uburusiya bwateye intambwe ntoya mu bitero vyo hasi no mu kirere ku ruganda ruhingura ivyuma rwa ca gisagara ca Mariupol kigoswe.
Abarwanyi ba Ukraine muri ico gisagara co ku nkengera y'ibahari cugarijwe n'Abarusiya bugaraniwe muri urwo ruganda rwa Azovstal.
Ico kigo kivuga kandi ko ingabo z'Uburusiya zigaruriye uduce duto dukomeye tw'ibisagara vya Rubizhne na Popasna mu buseruko.
Congerako y'uko ata kintu kinini ingabo z'Uburusiya zirashikako, ariko ko zibandanya ibitero mu turere turwiriyemwo abantu twa Kharkiv na Kherson.
Ukraine iriteguriye ibiganiro kuri Mariupol 'ataco irinze gusaba'
Uwuserukira Ukraine mu biganiro, Mykhailo Podolyak, avuga ko afise umunezero wo kuja "mu biganiro bidasanzwe" n'Uburusiya mu gisagara ca Mariupol kigoswe ata kirinze gusabwa.
Podolyak yanditse kuri Twitter ko yemeye ivyo mu ntumbero yo "kurokora abantu bacu, batayo ya Azov, abasirikare, abasivire, abana, abakiriho n'abakomeretse".
Mariupol iracagoswe n'ingabo z'Uburusiya. Bamwe mu basivire bamaze amayinga bazibiriweyo barashoboye kuvayo ejo ku wa gatatu - ariko abategetsi bavuga ko ari bake cane gusumba abari bitezwe.
Kuganira na Putin ni nko kuganira n'ingona - Boris Johnson

Ahavuye isanamu, PA images
Hagati aho, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza avuga ko ibiganiro n'Uburusiya bivugwa vyo kurangiza intambara biboneka ko ataco bizoshikako.
Boris Johnson avuga ko kuganira na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya ari nk'uguharira "n'ingona iyo yamaze kugucakira ukuguru".
Avugana n'abanyamakuru mu gihe yagomba yurire indege imushikana mu Buhindi, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza yavuze ko Putin ashobora kuganira mu gihe gusa yamaze gushinga rukaguma muri Ukraine.
Aragabisha ko uyu mukuru w'igihugu c'Uburusiya ashobora gusubira gutegura igitero ku mugwa mukuru Kyiv.
Nayo ku ruhande rwa Ukraine, Boris Johnson yibaza ko Perezida Zelensky yipfuza kubona ingabo z'Uburusiya zirukanywe mu buseruko bwa Ukraine.
Perezida Xi w'Ubushinwa yasubiye kwiyamiriza ibihano vyafatiwe Uburusiya

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'igihugu c'Ubushinwa Xi Jinping yasubiye kwiyamiriza ibihano nk'ivyo ibihugu vyo mu Burengero vyafatiye Uburusiya.
Mw'ijambo yashikirije ikoraniro ry'akarere ryo kwiga ibibazo vy'ubutunzi, Xi yavuze ko Ubushinwa budashigikiye amategeko y'igikenye, kandi ko amayeri yo gutera igitsure kirenze urugero no kuzibira imihora ataco bizoshikako.
Ariyamiriza ico yise "ivyiyumviro vyo mu gihe c'intambara yo kwikekana", kutaja inama no kwigira kibirengeye - amajambo Ubushinwa bukunze gukoresha mu kunegura ingingo za Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Hagati aho, Pekin/Beijing yanse kwiyamiriza igitero c'Uburusiya kuri Ukraine, mbere ica yiyemeza kubandanya ukuri kwamye imigenderanire y'ubudandaji n'iki gihugu ivuga ko ari umufatanyabikorwa ngirakamaro.
Amerika yemereye Ukraine iyindi mfashanyo ya gisirikare

Ahavuye isanamu, Getty Images
Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko atangazwa n'ingene igisirikare ca Ukraine cihagazeko mu guhangana n'umwansi.
Mu nama y'ejo ku wa gatatu yamuhuje n'abategetsi bakuru bo mu gisata co kwivuna abansi, yavuze ati: "Barakomeye kandi bariyemera gusumba uko navyiyumvira".
Perezida Biden yongerako y'uko "ubumwe, kuguma ku ntumbero imwe hamwe n'ishaka" vya OTAN vyataye mu gahundwe Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya.
"Ibirwanisho bibandanya vyisukira buri musi ubu tukaba turiko turabona akamaro k'ubucuti n'ubufatanyabikorwa kw'isi yose".
Amerika yiteze gutanga iyindi mfashanyo ya gisirikare mu misi iza, inyuma yo kwemerera Ukraine imiriyoni 800 z'amadorari y'abanyamerika mu ndwi iheze.
Umunyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru muri Maison Blanche/White House, Jen Psaki, ntavuga ibizoba biri muri iyi mfashanyo yindi.
Ariko avuga ko ubutegetsi "buzokora uko bushoboye kwose mu guha inguvu reta ya Ukraine n'abategetsi ba Ukraine kugira ngo yivune mu ntambara yayo ya gisirikare".
Uburusiya bwasohoye ireresi yerekana igerageza rya misire irasa kure
Mu yandi makuru Uburusiya bwasohoye ireresi buvuga ko yerekana igerageza rya misire irasa kure (missile balistique intercontinental/intercontinental ballistic missile).
Perezida Putin avuga ko iri gerageza ry'iki gisasu ca misire, Sarmat, kirasa kure, rizotuma abo bose barondera kubangamira igihugu ciwe babanza kuzungurutsa umutwe.
Raba ingene vyagenze:













