Russia yahaye amasaha indwi ingabo za Ukraine ziri i Mariupol ngo zikishikane, zanse

Igifaru

Nta kintu na kimwe cerekana ko ingabo za Ukraine zirwanira mu gisagara ca Mariupol cugarijwe zihava zishikana ku ngabo z'Uburusiya, nk'uko zari zatewe akamo n'iki gihugu kimaze igihe cugaye iki gisagara kiri ku nkengera y'inyanja mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Ukraine.

Umuhanuzi w'umukuru w'igisagara ca Mariupol, Petro Andriushchenko, yavuze abicishije ku rubuga rwa Telegram ko "n'aho Uburusiya bwatanze 'akanya ko kwishikana' ku ngabo zacu zisigaye" muri ico gisagara "abarwanyi bacu barabandanya urugamba".

Umushingamateka wa Ukraine aserukira akarere ka Odesa, Oleksiy Goncharenko, yabwiye BBC ko ingabo za Ukraine ziri i Mariupol zitazokwishikana ku ngabo z'Uburusiya.

Ati: "Naravuganye nabo ejo, kandi ndazi ko bazorwana gushika ku wa nyuma".

Uburusiya bwari bwemereye ingabo za Ukraine zirwanira mu gisagara ca Mariupol ko zishobora kuticwa - ariko gusa mu gihe zari gushira ibirwanisho hasi kuri uyu wa Mungu zikishikana.

Reta y'Uburusiya yavuga ko ingabo za Ukraine "n'abacangero mvamakungu " bakirwana i Mariupol - igisagara Uburusiya buvuga ko bwigaruriye hafi cose - bari bafise amahirwe yo gushira ibirwanisho hasi hagati y'isaha cumi na zibiri z'agatondo (06h00) gushika isaha indwi z'umurango (13h00) mu masaha ya Moscou hanyuma bagashobora gukira.

Yavuga ko abakora ivyo bashobora gufatwa neza hisunzwe amasezerano ya Geneva agenga impfungwa z'intambara.

Iri tangazo ntirivuga icoba mu gihe hogira umusirikare n'umwe wa Ukraine yokwanka gushira ikirwanisho ciwe hasi - ariko rikavuga ko reta yemeye ibi "mu kwubahiriza iteka rya kiremwamuntu".

Uburusiya buvuga ko ingabo za Ukraine zigisigaye muri ico gisagara zazibiriwe mu gace gatoya ka Azovstal gahingurirwamwo ivyuma.

Iri tangazo ryavuga ko ingabo z'Uburusiya "zari kubandanya zisohora" ibiri mu vyo izi ngabo za Ukraine zikiri i Azovstal zemerewe uko iminota 30 iheze ijoro ryose.

Uburusiya buvuga ko ingabo za Ukraine ni zemera kwishikana, ingabo z'Uburusiya zari kumanika amabendera atukura isaha cumi na zibiri hanyuma iza Ukraine nazo zigashobora kumanika amabendera yera.

Rihimiriza kandi izo ngabo ko zitorinda kurindira uruhusha ruva i Kyiv kugira ngo zishikane, ariko ko zokwifatira ingingo zo nyene.

Imbere y'aha, Perezida Volodymyr Zelensky yari yatangaje ko "guhonya" abarwanyi bakirwanira i Mariupol gushobora gutuma ibiganiro n'Uburusiya bihagarara burundu.

Ni inyuma y'aho umukuru w'intara ya Donesk iherutse gutangazwa n'Uburusiya ko ari igihugu cigenga (Donetsk People's Republic, DPR) atangarije ko abarwanyi ba Ukraine basigaye i Mariupol bazokwanka kwishikana bazohonywa.

Afatiye ku kungene igisagara kiri hafi ya Kyiv casambuwe n'ibibombe, Perezida Zelensky yabwiye urubuga ngurukanabumenyi Pravda ati: "Mariupol ishobora kuba nka Borodyanka incuro cumi".

Zelensky: Ibintu i Mariupol biracifashe nabi cane

Ejo k uwa gatandatu, Zelensky yavuze ko ibintu bitifashe neza na gato i Mariupol

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ejo k uwa gatandatu, Zelensky yavuze ko ibintu bitifashe neza na gato i Mariupol

Inyuma y'aho ejo ku wa gatandatu Uburusiya buhereye amasaha make yo kwishikana ingabo za Ukraine zirwanira i Mariupol, Perezida Zelensky yaremeye ko ingabo za Ukraine zigisigaranye agace gatoya gusa ka Mariupol, anavuga ko reta iguma ivugana n'abo bacirwanako.

Itororokanirizo ry'amakuru Reuters risubiramwo Zelensky avuga ko ibintu bimeze nabi cane.

Ariko ntiyavuze ku bivugwa n'Uburusiya ko igisirikare cabwo cakubuye udusigarira tw'ingabo za Ukraine mu gisagara cose kimaze igihe gisatirwa, kiretse izari zikiri ku ruganda rwa Azovstal - uruganda rukomeye ruhingura ubutare bw'icuma.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Uburusiya yavuze ko ingabo za Ukraine zababa 2500 ari zo zikiri muri urwo ruganda, kandi ko ata saganirizo zisigaranye kuko zugaraniweyo n'abasirikare b'Uburusiya, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru ca reta TASS.

BBC ntiyashoboye guhinyuza aya makuru.

Uwundi mujenerali w'umurusiya avugwa ko yishwe

Icegera c'umukuru w'ikambi y'umunani mu gisirikare c'Uburusiya, Vladimir Petrovich Frolov, yasize ubuzima mu ntambara muri Ukraine, nk'uko bitangazwa n'itororokanirizo ry'amakuru ry'Uburusiya TASS.

Aya makuru yemejwe na buramatari wa St Petersburg, Alexander Beglov. Beglov avuga ati: "Vladimir Petrovich Frolov yapfuye nk'intwari mu ntambara n'intagondwa za Ukraine".

Uyu muburamatari avuga ko Frolov "yitanze kugira ngo abana, abagore n'abatama mu ntara ya Donbas ntibasubire guterwa amabombe".

Ariko amabombe menshi aterwa muri Ukraine aterwa n'Uburusiya.

Muri ino ntambara, abajenerali b'abarusiya batari bake n'izindi ntwazangabo mu gisirikare c'Uburusiya bavugwa ko bahasize ubuzima. Ni ibintu bidasanzwe kwumva intwazangabo zo ku rwego nk'urwo bishira mu kaga mu kwegera cane urubuga rw'intambara, amakuru ava mu bihugu vyo mu burengero akavuga ko bakora gutyo mu ntumbero yo kuraba ko bofata urugamba mu minwe mu gihe, hamwe hamwe rwagenze nabi.