Ukraine: Video ya Schwarzenegger igwanya intambara yakwirakwiye henshi mu Burusiya

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ivyo umukinyi wa filime Arnold Schwarzenegger yashikirije abarusiya abicishije kuri Twitter biri mu vya mbere biriko birakwiragira cane mu Burusiya kuri uyu wa gatanu, binavugisha benshi ahantu hatandukanye.
Muri iyo video, aragabisha abarusiya ko bariko barahabwa amakuru atari yo ku bitero igihugu cabo kiriko kiragira kuri Ukraine.
Yavuze ko ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya vyababeshe n'impaka bivuga ko ivyo bitero bifise intumbero yo "kwirukana" aba nazi" muri Ukraine.
Ukraine si yo yasomborokeje intambara, ariko"Abari ku butegetsi mu Burusiya" ni bo babikoze.
Abwira prezida w'Uburusiya Vladimir Putin, yagize ati:"Ni we watanguje iyi ntambara kandi ushobora no kuyihagarika."

Muri iyo video imara iminota icenda, yerekana ubwicanyi n'isamburwa ry'inyubakwa muri Ukraine, uwo mu kinyi wa filime ubu ari umunye politike ahamagarira abantu kumenya inkuru zitari zo na propagande.
Agira ati:"Ndiko ndabwira mwebwe uyu musi kuko hari ibintu biriko biraba mw'isi babanyegeje, ibintu biteye ubwoba mwategerezwa kumenya."
Uwo yahoze arongoye intara ya California yanibukije ko prezida wa Ukraine ari umuyahudi, ko"Ukraine ntiyasomborokeje iyi ntambara, canke itanguzwe n'aba 'nationalistes' canke aba Nazi."
Ati:"Iyi si intambara y'abanyagihugu b'abarusiya."
Uwo yahoze ari umunonotsi wo gukomeza umubiri yambuka muri Autriche - filime yakinyemwo ya Red Heat yabaye iya mbere yo muri Amerika ikiniwe mu 'kibanza gitukura' i Moscou - yavuze no ku gishika afitiye abarusiya.
Yagize ati:"Inguvu n'umutima vy'abanyagihugu b'abarusiya vyagumye ari icitegererezo cane. Ari na co gituma nizeye ko mundeka nkababwira ukuri kuri iyi ntambara ya Ukraine."
Yabandanije avuga ati:"Iyi n'intambara y'ububeshi. Ubuzima bwanyu, ibihimba vyanyu, kazoza kanyu vyatanzweko inkuka mu ntambara itagira mvura yiyamirizwa n'amakungu yose."
Iyo video imaze kurabwa n'abantu bababa imiliyoni 24 abandi barenga 310.000 baramaze kuyikwiragiza, ikaba iri mu nkuru ziri kuri Twitter ziriko zimaze gukwiragizwa cane ku wa gatanu mu gitondo. Abakurikirana cane uwo mukinyi wa filime kuri Twitter harimwo abarusiya bakoresha ikirusiya n'abakoresha icongereza.
Amajambo yiwe yashimagijwe n'abarusiya badashigikiye intambara.
Ku rubuga rwa Telegram, uwutavuga rumwe na reta y'Uburusiya Lev Shlosberg yagize ati:"Arnold Schwarzenegger afise ubushobozi yisangije bwo kugondoza uwo ari we wese, mu cubahiro no mu majambo atarengera. Umutima nama, ubushobozi n'ubutungane. Vyiyumvire. Utahure."
Uwundi, umumenyeshamakuru Anton Orekh yagize ati:"Ndazi ko wabonye amajambo ya Arnold Schwarzenegger. Murazi igituma ari meza? Yavuzwe aduha icubahiro, twebwe abarusiya. Dusigaye turi ibicibwa kw'isi kandi urwanko rw'abanka abavuga ikirusiya rwahira rukoreshwa muri propagande, kubwo imana mbi ruriko ruraja mu bikorwa. Arnold n'umwe mu bantu bake avugisha abarusiya nk'abantu atari inyamaswa zataye inzira."
Ariko urubugwa rw'uwiyita Barack Obmana ashigikiye ubutegetsi bw'Uburusiya kuri Twitter we yakoresheje imvugo itandukanye:"Ubushikiranganji bw'imigenderanire ya Amerika bwibaza ko ivyiyumviro vy'abantu baguzwe na Amerika bifise ico bivuze kuri twebwe.
Uburusiya bwagumye busemerera ko intambara yo muri Ukraine ari "ibikorwa bidasanzwe" vyo gukingira abanye Ukraine bavuga ururimi rw'ikirusiya.






