Burundi - Rwanda: Umushikiranganji wo kwivuna abansi yashikanye ubutumwa bwa Kagame kuri Ndayishimiye

Gen Murasira ashyikiriza ubutumwa Prezida Ndayishimiye

Ahavuye isanamu, Ntare Rushatsi

Insiguro y'isanamu, Gen Murasira ashyikiriza ubutumwa Prezida Ndayishimiye

Intumwa zidasanzwe z'Urwanda zirongowe n'umushikiranganji w'ico gihugu ajejwe kwivuna abansi ziri mu rugendo mu gihugu c'Uburundi, nk'uko umuvugizi wa prezida w'Uburundi abivuga.

Maj Gen Albert Murasira n'abo bagendanye kuri uyu wa Kabiri bakiriwe n'umukuru w'Uburundi Evariste Ndayishimiye i Gitega, umurwa mukuru.

Mw'itangazo rigufi cane umubonano urangiye, Evelyne Butoyi, umuvugizi wa prezida Evariste Ndayishimiye, yabwiye abemenyeshamakuru ko izo ntumwa zari zizanye ubutumwa prezida w'Urwanda Paul Kagame arungikiye mugenziwe w'Uburundi.

Kuva prezida Evariste Ndayishimiye ashitse ku butegetsi mu 2020, hari utwigoro tw'uko Uburundi n'Urwanda bisubira kugira imigenderanire nmyiza inyuma yo gutituka cane kuva mu 2015.

Mw'itangazo rigufi cane umubonano urangiye , Evelyne Butoyi , umuvugizi wa prezida Evariste Ndayishimiye, yabwiye abemenyeshamakuru ko izo ntumwa zari zizaniye ubutumwa bwa prezida w'Urwanda Paul Kagame arungikiye mugenziwe w'Uburundi.

Si ubwa mbere intumwa z'Urwanda zigendeye Uburundi. Mu kwezi kw'indwi mu mwaka uheze, umushikiranganji wa mbere w'Urwanda, Edouard Ngirente niwe yaserukiye Urwanda mu kwifatanya n'abarundi mu guhimbaza imyaka 59 yari iheze igihugu cabo kironse intahe yo kwikukira.

'Ihwa ritarashinguka'

N'Uburundi bumaze kurungika akatari gake intumwa mu Rwanda. Mu minsi hariyo izirongowe n'umushikiranganji w'Uburundi ajejwe ubutungane.

Insiguro y'amajwi, Rwanda-Burundi: Umubonano w'intumwa z'u Burundi na Prezida Kagame usobanuye iki?

Imbere yiwe hari hagiyeyo izirongowe n'umushikiranganji w'Uburundi ajejwe ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika y'Ubuseruko, ECA, zakirwa n'umukuru w'igihugu c'Urwanda, Paul Kagame.

Ariko gushika ubu reta y'Uburundi iguma ivuga ko hakiri ikitarakorwa kugira imigederanire hagati y'ivyo bihugu imere neza uko vyahora.

Reta y'Uburundi isaba reta y'Urwada kuyirungikira abo irondera bahungiye hakurya y'Akanyaru inyuma y'uruhara boba baragize mu kugeregeza gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kwa gatanu mu 2015.

Zaba iz'Urwanda zigendera Uburundi, canke iz'Uburundi zigendera Urwanda, nta ntumwa na zimwe ziremeza ko iryo hwa risigaye muri iyo migenderanire rigiye gushinguka.

Inyuma y'umubonano na prezida Evariste Ndayishimiye muri uru rundi rugendo rw'intumwa z'Urwanda mu Burundi, umuvugizi w'umukuru w'igihugu , Evelyne Butoyi, yavuze ko izo ntumwa zaganiriye "ibijanye n'imigenderanire hagati y'ivyo bihugu uko ari bibiri".

Yongeyeko ati: "Murazi ko ivyo bihugu vyompi uko ari bibiri biriko birakora kugira imigenderanire isubire kugenda neza, ku neza y'Abarundi n'Abanyarwanda, ku neza y'ibihugu vyacu uko ari bibiri."