Kim Kardashian vyatangajwe ko ata mugabo agira inyuma yo kwahukana na Ye

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kim Kardashian ubu yongeye kuba umugore atagira umugabo inyuma y'imyaka hafi umunani yubakanye na Ye, kare yahora azwi ku mazina ya Kanye West.
Mu ntahe yabaye ku wa gatatu ku buhinga bwa none (Virtual), uwo rurangiranwa muri reality (ibiganiro vyo kuri television aho abantu bazwi cane berekanwa bari mu buzima bwa minsi yose canke mu mirimo runaka) yanatangaje icese kandi biciye mu mategeko ko ahevye izina "West" nka rimwe mu mazina yiwe.
Kardashian, yari yarasavye ko yahukana/avana n'uwo mu rapper mu mwaka uheze kugira yongere kuba uwutagira umugabo biciye mu mategeko.
Ariko bompi baracafise igikorwa co kugabura ivyo batunze bongere bumvikane uwuzogumana abana.
Urwo rubanza rwaciwe ku wagatatu -ruha Kardashian icitwa "bifurcated divorce"- rusigura ko ibijanje no kuvana/kwahukana kwabo bizoba mu bice bibiri: ica mbere co kwivanako izina rya West no kuba atagifise umugabo mu mategeko catunganye, ikigira kabiri cerekeye uwugumana abana hamwe n'ukugabura ivyo batunze.
Mu nyandiko nyinshi yashizeko n'indahiro yashikirije mu kwezi kwa 12, uwo mugore yatungiye cane mu bikoresho vyo gushariza umubiri no mu biganiro vyo ku mboneshakure yavuze ko yari "yifuje cane" ko ukwubakana kwiwe na Kanye West kurangira.
Mu kwezi guheze yari yanditse ati: "Nizeye ko ingingo ya sentare yo kurangiza ukwubakana kwacu izofasha Kanye kwemera ko kuba turi umugore n'umugabo bubakanye birangiye."
Ye, w'imyaka 44, atari muri iyo ntahe, yari yagwanije ku mugaragaro ukuvana na Kim aranamusaba ko yogaruka bakabandanya babana.
Mu ntahe yo ku wa gatatu, umushingwamanza wa Ye yararondeye ko Kardashian yokwemera amasezerano y'uko hagize uwundi bubakana Kim atoronka uburenganzira bwo kutamenerwa imbere ya sentare amabanga baba barayaze nk'abubakanye (marital peivilege canke privilège conjugal).
Kardashian n'umushingwamanza wiwe bavuze ko ivyo "ataho vyari bwigere biba" hanyuma bica birarankwa n'umucamanza.
Kim na Kanye batanguye kugendana mu 2012 baca basezerana kwubakana haheze imyaka ibiri.
Ye n'umwe muri ba rurangiranwa mu muziki mu mudiho wa rap, zimwe mu ndirimbi ziwe zizwi cane akaba ari nka Stronger, Jesus Walks na Gold Digger. Yaranakundiwe kandi n'imideri.
Kardashian yatanguye kumenyekana mu 2007 mu kiganiro ca reality kuri television ku muryango wiwe, Keeping Up with The Kardashians, kuva ico gihe nawe aca aratanguze imideri hamwe n'ibintu bitandukanye vyo kwishariza ku mubiri.










