'Buri minota 5 numva ibibombe' - Umunyecameroun yazibiwe mu nzu yo mu kuzimu muri Ukraine

Ingabo z'Uburusiya zateye Ukraine mu ndwi iheze

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ingabo z'Uburusiya zateye Ukraine mu ndwi iheze

Umunyeshure w'umunya Cameroun arasigura ingene we na bagenzi we vyabaye ngombwa ko binyegeza mu nzu yo mu kuzimu mu gisagara ca Kherson kiri mu bumanuko bwa Ukraine, bahunga ibitero vy'indege.

Christophe avuga ko "buri minota itanu bumva ibibombe".

Yabwiye umunyamakuru wa BBC Soraya Ali ati: "Rimwe na rimwe turashobora kwumva indege ziciye hejuru yacu, kenshi tukumva ibibombe kubera ushobora kuvyumva uri mu kuzimu. Ivyo ni vyo twumva akenshi, ntibiri kure cane yacu, ni mu gisagara".

N'amasasu arashobora kwumvikana.

Christophe ati: "Ntituzi ico turi bukore. Twacitse intege".

"Hamwe udusanga mu kuzimu ikindi gihe naho ukadusanga muhira. Nk'isaha imwe mu kuzimu, iminota itanu muhira".

Avuga ko 15 muri bo bakizibiriwe i Kherson - bagenzacu ba Cameroun, abanya Nigeria, abanya Sénégal n'abanya Ghana.

Ati: "Iki gisagara kivugwa ko kizungurijwe n'ingabo z'Uburusiya. Rero nta nzira iriho yo gusohoka. Twisanga mu bihe nk'ibi aho ata kintu na kimwe turi bukore".

Ibiro vy'ubuserukizi bw'ibihugu vyabo vyabasavye ko bokora uko bashoboye bagashika ku rubibe rw'igihugu kibanyi, aho bashobora kubatora, ariko avuga ko vyanse ingene bava aho bari.

Christophe ati: "Nta buryo dufise bwo gusohoka. Turasavye yemwe mudutabare".

Uwuserukira Afrika y'Epfo i Kyiv nawe yahunze, akiyamiriza ivangura

Uwuserukira Afrika y'Epfo muri Ukraine yabwiye BBC ko ata kundi yari kugira atari kuva ku mugwa mukuru Kyiv, mu gihe ibimodoka vy'intambara biriko birasugereza iki gisagara.

Andre Groenewald avuga ko yashobora kwumva ibibombe biturikira kure mu gihe yariko ategura imodoka ngo agende mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu.

Abanya Afrika benshi barazibiriwe ku rubibe rwa Pologne na Ukraine

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abanya Afrika benshi barazibiriwe ku rubibe rwa Pologne na Ukraine

Ubu ari mu nzira aja mu bumanuko n'imodoka zibiri kumwe n'umugore wiwe, abana batatu hamwe n'abakozi bo mu biro vy'ubuserukizi bari bagisigaye batera baja muri Roumanie, Moldavie canke Hongrie.

Avuga ko we na bagenziwe n'abandi baserukira ibihugu vyabo bakoze uko bashoboye kwose kugira ngo bahungishe abanya Afrika y'Epfo n'abandi banyamahanga - bamwe muri bo bahuye n'ibibazo vy'ivanguraruhu mu gihe bariko bagerageza guhunga.

Ati: "Ibi vyose twaravyumvise, twarabonye amareresi yavyo kandi biraduteye umutima uhagaze...Twebwe nyene nk'abayobozi twaravyiyamirije kuri reta tunabasaba ko bafasha abanyeshuri bashoboye kurokoka".

Abaserukira Afrika y'Epfo muri Pologne na Hongrie na bo nyene baragiye ku mipaka gufasha abanyeshure bashoboye guca mu canzo, nk'uko abivuga.

Imwe mu ngorane ni uko "mu ntango, abagore n'abana b'abanya Ukraine" ari bo bonyene bari bemerewe kuva mu gihugu - kubera rero abategetsi ba Ukraine bakurikiza iyi ngingo ata guca irya n'ino, vyagize ingaruka mbi ku banyamahanga bose.

"Ibintu ntivyari vyoroshe na gato".

Ariyamiriza ivangura, akavuga ko amabombe yoyo atavangura.