Ukraine - Rwanda: Bamwe mu banyeshure bigayo bari mu bibanza biberamwo ingwano

Ifoto ya camera y'umutekano yerekana misile yihonda ku nyubako yo guturamo i Kyiv kuwa gatandatu

Ahavuye isanamu, HANDOUT VIA REUTERS

Abanyeshule 34 mu barenga 80 b'abanyarwanda bari muri Ukraine bari ahugarijwe n'ingwano, abandi bariko bahungira muri Pologne (Poland) mu gihe Leta ivuga ko iriko irategura ingene yobafasha kugira batahuke mu gihugu.

Alain Mukurarinda, icegera c'umuvugizi wa Leta y'Urwanda avuga ko abo bari muri 85 Urwanda ruzi ko bari muri ico gihugu.

Leta y'Urwanda ivuga ko abanyeshule 34 bari mu bice bitandukanye birimwo ingwano muri Ukraine.

Ariko ngo nta bibazo bafise bisangije nk'abanyarwanda.

Alain Mukurarinda yabwiye BBC Gahuzamiryango ati: ''Nk'abandi banyagihugu ba Ukraine habaye agahengwe baraja hanze bakava mu mazu babamwo. Iyo haje ibisasu canke ingwano na ho bakaja kwihisha mu mazu yo munsi aho ibisasu bidashobora kugera''.

Avuga ko bariko baragerageza kuraba ingene bova muri ico gihugu.

Agira ati: "Abashika 18 barashitse muri Pologne (Poland) aho barindiriye gutahukanwa mu Rwanda.

"Abandi 27 barimo bagana ku mupaka wa Pologne ariko batarahagera, ariko bakaba bageze kuri checkpoint ya mbere yashizweho na Ukraine imbere yo kugera ku mupaka," mu gihe abandi 6 bakiri mu rugendo bagana umupaka wa Pologne nk'uko bivugwa na Alain Mukurarinda.

Ico cegera c'umuvugizi wa Leta y'Urwanda, Alain Mukurarinda avuga ko Leta y'Urwanda itegura gufasha kugira bave muri Pologne (Poland) mu gihe Pologne yatanze imisi 15 gusa kugira ngo abanyamahanga babe bavuye muri ico gihugu.

Urwanda rumenyesha ko ata munyarwanda ruramenya ko yafashwe nabi mu gihe bagerageza kujabuka umupaka wa Pologne nk'uko bimaze kuvugwa ku bandi birabure nk'abanya-Nigeria.

Leta y'Urwanda ikurikirana iki kibazo biciye ku buserukizi bwayo buri muri Polonye, Uburusiya n'Ubudagi.

Alain Mukurarinda avuga ko Leta y'Urwanda ironka ubutumwa bwabo biciye ku matelefone n'ubundi buryo bwo gutumatumatumanako.

N'abatarashobora kuva muri Ukraine "icy'ingenzi n'uko guverinoma y'Urwanda izi aho bari, ndetse amakuru dufite ni uko nta wurakomerekera mu mirwano cangwa se ngo abe yahaburira ubuzima."