Umuhungu na nyina bongeye kubonana haheze imyaka 47 batandukanye.

Mussie Kahsay Tesfagergis (hati) na nyina i bubamfu

Ahavuye isanamu, EBS

Umugabo w'umunya-Eritrea yatandukanye na nyina akiri umwana muto bongeye kubonana inyuma y'imyaka 47.

Nyina, Zenebech, yagaragaye n'ikigumbagumba cinshi kuri television yo muri Ethiopia EBS haraheze iminsi avuga ko igisabisho ciwe ca minsi yose kwari uko ''yobona umuhungu wiwe imbere y'uko apfa".

Mussie Kahsay Tesfagergis yaciye amutungura haheze iminsi mu kumuhamagara kuri terefone, aca afata indege ava muri reta zunze za Amerika iyo aba aja muri Ethiopia iyo nyina wiwe asigaye aba.

Mussie yuzuye amarira mu maso igihe yashika ku kibuga c'indege, ariko agerageza kwibuka nyina.

Abajijwe akaganuke/impano yazaniye nyina wiwe, yishuye ati: ''Jewe nyene."

Umuhungu na nyina baciye babonana mu giteramo categuwe n'umuryango na EBS. Mussie yavuze ko vy'ukuri atari acibuka nyina, ariko ko yari azi isura yiwe arabiye ku mafoto.

Bariruhukije cane bariko baragwana mu nda.

Mussie yavuze ati: ''Ndanezerewe cane ku gusubira kubona mama inyuma y'iyi myaka yose. Uwu munsi niwo w'umunezero mwinshi kuruta iyindi yose mu buzima bwanje."

Nyina nawe ati: ''Nashatse gusoma ijuru, ariko rimbera kure. Ibi vyose ndabikesha abanya-Ethiopia bose."

Uwuvukana na Mussie bari baraburanye nawe yagize ati: ''Ndanezerewe vy'ukuri. Nari maze kumubona kw'ifoto gusa."

Mussie yatwawe akiri umwana na se w'umunya-Eritrea yari umufundi w'indege, aca aja Asmara, umurwa mukuru, n'abo bavukana babiri.

Bavanye na nyina mu 1966 ku kirangaminsi ca Ethiopia mu gihe c'intwaro ya Haile Selassie (ni ukuvuga mu 1974 ku kirangaminsi gikoreshwa henshi bita Gregorien. Ku kirangaminsi ca Ethiopia nk'ubu mu 2022 ho bageze mu 2014).

Zenebech ntiyigeze asubira kuronka amakuru y'abana biwe.

Ariko mu gihe ca Derg yararonse ikete, rimubwira ko umwe mu bahungu biwe yagiye mw'ishamba kugwana mu ngabo za People's Liberation Front (EPLF) abandi babiri baja mu mahanga.