Guinea-Bissau: CEDEAO iriyamiriza 'kugerageza' gutembagaza ubutegetsi

Ahavuye isanamu, Horacio Villalobos
Ishirahamwe ry'akarere k'ibihugu vya Afrika y'uburengero, CEDEAO/ECOWAS, ryiyamirije ico ryise "kugerageza" gutembagaza ubutegetsi muri Guinée-Bissau, risaba abasirikare gusubira mu makambi.
Ibi bikurikiye amakuru y'uko hari abantu bambaye impuzu z'igisivile batanguye kurasa bari hafi y'inyubakwa ya leta yaberamwo inama hagati y'umukuru w'igihugu n'umushikiranganji wa mbere b'iki gihugu, aho bari hakaba hatazwi.
Ibiro ntaramakuru Reuters bisubiramwo amajambo y'itangazo rya CEDEAO agira ati: "CEDEAO iriko irakurikirana n'impungenge nyinshi ibiriko birabera muri Guinea-Bissau... aho abasirikare bariko bararasa mu micungararo y'ingoro ya leta."
"CEDEAO iriyamiriza kugerageza gutembagaza ubutegetsi ikaba inashinze ijisho abasirikare ku bijanye n'umutekano wa Prezida Umaro Sissoco Embaló hamwe n'abagize leta yiwe."
Muri iyi minsi ya vuba CEDEAO yahagaritse ikindi gihugu c'ikinyamuryango, Burkina Faso, aho abasirikare batembagaje ubutegetsi.






