Ikibumbano ca Cristiano Ronaldo ntikivurwako rumwe mu Buhindi

A brass statue of Cristiano Ronaldo in Goa, India

Ahavuye isanamu, @MichaelLobo76

Insiguro y'isanamu, Ababinegura bavuga ako abakinyi b'umupira w'amaguru muri iyo ntara ya Goa bari bakwiye guterwa iteka

Ikibumbano gishasha c'umukinyi w'umupira w'amaguru w'umunya-Portugal Cristiano Ronaldo kirateye impari mu bantu mu Buhindi.

Ico kibumbano kiri mu ntara y'uburengero ya Goa, aho umupira w'amaguru ukundwa cane, abategetsi bizeye ko kizotera intege abakiri bato.

Ariko si bose bishimiye ico kibumbabo kirekire gikozwe muri bronze ubu gishinzwe muri park y'ikigwati kiri ku nkengera.

Abakinegura bavuga ko abakinyi b'umupira w'amaguru b'aho muri iyo ntara bari bakwiye kuba ari bo baterwa iteka na cane cane ko mu bakinyi bagize umurwi nserukiragihugu mu Buhindi, aba kera n'abo ubu benshi ari abaturuka mu ntara ya Goa.

Portugal ni umugwi ukundwa cane mu ntara ya Goa, yahoze itwarwa gikoroni n'ico gihugu, abatari bake mu banya-Goa bakaba barabaye muri Portugal canke bahafise imiryango.

Ariko bamwe muri iyo ntara y'Ubuhindi babona ko ari igitutsi gushiraho ico kibumbano mu gihe hariko harahimbazwa imyaka 60 iheze Goa ironse ubwigenge kuri Portugal, ivyo bikaba vyabaye haheze imyaka 14 izindi ntara z'Ubuhindi zose zarikuyeko intwaro y'Ubwongereza

Michael Lobo, umushingamateka wo mu mugwambwe uri ku butegetsi muri iyo ntara Bharatiya Janata Party (BJP) yashize kuri twitter ifoto yiwe ari iruhande y'ico kibumbano, avuga ko cahashizwe "bisabwe n'urwaruka rwacu" kugira "kirubere icitegererezo rushikane umupira w'amaguru ku ntera yo hejuru".

N'ubwo cricket arirwo mukino ukundwa kurusha iyindi mu Buhindi, umupira w'amaguru - na cane cane Premier League y'Ubwongereza - urakundwa cane mu bice bimwe bimwe vy'ico gihugu - Kerala mu bumanuko, Goa mu burengero, West Bengal mu buseruko hamwe n'intara zose zo mu buseruko bushira uburaruko uko ari umunani.

Cristiano Ronaldo, ubu akinira Manchester United, arakundwa n'abafana benshi, akaba abonwa cane nk'umwe mu bakinyi ba mbere beza muri kahise k'uwo mukino.

Uwo mukinyi w'imbere w'imyaka 36 ntaco aravuga ku mugaragaro kuri ico kibumbano.

Si ubwa mbere ikubumbano ciwe gitera utubazo - mu 2017, ikibumbano c'umutwe gushika ku bitugu (bust) ca Ronaldo caraneguwe gushika aho gisubirizwa ku kibuga c'indege ca Maderira muri Portugal.