Covid: Akajagari mu ngendo karabandanya muri iyi ndwi

Passengers with luggage at New York's JFK airport. Photo: 26 December 2021

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Indege zirenga 8.000 zarahagaritswe muri weekend ndende ya Noel yatanguye ku wa gatanu

Izindi ngendo nyinshi z'indege zafuswe irya n'ino kw'isi mu gihe indwi itanguye, ivyo bikiyongera ku gihe c'iminsi mikuru kitagendeye neza abantu baharugwa mu bihumbi.

Indege zirenga 14.000 zahagaritswe kuri uyu wa mbere, izija mu Bushinwa na Amerika zikaba arizo nyinshi, nk'uko bitangazwa n'urubuga rukurikirana ivy'ingendo z'indege, FlightAware.

Amakompanyi y'indege ya Amerika avuga ko iryo hungabana riterwa n'uko hari abakozi batorwa umugera canke bishize ukwa bonyene.

Hong Kong yabujije ingendo za Kompanyi ya Korera y'Epfo, Korea Air, mu kiringo c'indwi zibiri, kuko hari abatowe ko banduye mu bo yazanye.

Muri rusangi, ingendo 8.000 zarafuswe mu gihe ca weekend ndende ya Noël yatanguye ku wa gatanu.

N'ubwo izo atari ingendo nyinshi ufatiye kw'ijana ku ziba zitegekanijwe muri rusangi, ico gitigiri ni kinini kurusha igisanzwe kandi gishitse mu bihe vy'umwaka aho abantu benshi baba bariko barafata ingendo zo kuja gusangira iminsi mikuru n'umuryango canke n'abagenzi.

Hagati aho Amerika iriko irakurikiranira hafi ivy'amato aharugwa mu mirongo arimwo abanduye Covid mu gihe ari mu ngendo mu mazi y'ico gihugu, menshi bikaba bivugwa ko yankiwe kwinjira mu bivuko vy'amazinga ya Carraibes, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.

Ibitigiri vy'abandura biguma biduga kw'isi kubera ubwoko bushasha bwa Omicron.

N'ubwo ivyigwa vya mbere vyerekanye ko Omicron itababaza cane nk'ubundi bwoko, abahinga batewe impungenge n'ibitigiru vy'abandura.

Nyinshi mu ndege zafuswe ku wa mbere ni iz'amakompanyi yo mu Bushinwa, nk'uko bivugwa na FlightAware. Zirimwo China Eastern, yafuse ingendo 368, na Air China, yafise 141.

Ibibuga vy'indege vya Beijing na Shanghai nivyo bisa n'ivyakozweko kuruta, ahafuswe indege 300 muri rusangi.

Hagati aho kompanyi zo muri Amerika zakozweko cane ni United, yafuse 84, na JetBlue 66.

United yari yagabishije mu ndwi iheze ko ukwiyongera kw'abandura Omicron "kwagize ingaruka ku bakozi bacu b'indege no ku bakora ibikorwa vyacu". Abakozi benshi bakaba basabwa kuguma ukwa bonyene kubera baba bahuye n'abanduye. Omicron ubu nibwo bwoko bwiganje muri Amerika.

Ariko n'ibirere bibi birafise uruhara. Urubura rwinshi rwiyanikiye hasi rwatumye indege zicererwa ruhungabanya n'amabarabara mu ntara ya Washington yo mu burengero ku wa Mungu, biza vyiyongera ku kajagari ko mu ngendo.

Mu Bwongereza , Bristish Airways yafuse ingendo 42 ku wa mbere, nk'uko bivugwa na FlightAware. Ikibuga ca London ca Heathrow cafuse ingendo 47.

Gushika ubu abantu bashika miriyoni 5,4 baramaze kwicwa na coronavirus kw'isi, ku bwa kamimuza ya Johns Hopkins yo muri Amerika. Abamaze kwandura nabo mi miriyoni 280.