Ethiopia-TPLF: Reta yategetse igisirikare kutinjira muri Tigray

Ahavuye isanamu, Getty Images
Reta ya Ethiopia ivuga ko yategetse ingabo zayo kutabandanya ngo zinjire mu ntara ya Tigray, ni inyuma y'aho zisubije uturere two mu ntara za Amhara na Afar twari twigaruriwe n'inyeshamba za TPLF.
Iyi ngingo ifashwe inyuma y'aho inyeshamba za Tigray zitereye akamo ko intambara zohagarara kugira ngo habe ibiganiro vy'amahoro.
Ingabo za reta zari zavanywe muri Tigray mu mpera z'ukwa gatandatu, inyuma y'aho itangarije ko ihagaritse intambara, ivyatumye mu nyuma inyeshamba za Tigray zisatira intara za Amhara na Afar zikiragurira uturere tutari duke.
Iyi ngingo itanze icizere ko hashobora kuba ibiganiro vy'amahoro vyo kurangiza iyi ntambara imaze guhitana abatari bake mu buraruko bwa Ethiopia.
Ku mugoroba w'ejo ku wa kane, umushikiranganji wo kumenyesha amakuru wa Ethiopia, Legesse Tulu, yabwiye abanyamakuru ku mugwa mukuru Addis Abeba ko ingabo zategetswe kuguma mu turere zigenzura, zihoze ivyo kwinjira muri Tigray.
Legesse Tulu avuga ko "urugamba rwo kugarukana ubumwe bw'igihugu" rwashitse ku ntego shingiro yarwo yo kubohoza uturere twari twigaruriwe n'inyeshamba za Tigray.
Avuga ko ingabo zahagaritse imigambi ya TPLF kandi ko zagabanije cane inguvu zayo.
Avuga kandi ko reta yafashe iyo ngingo kugira ngo ingabo ntizihure n'ingorane hamwe n'ibitero vya TPLF nk'uko vyagenze muri kahise, kandi kugira ngo bazofate ingingo mu gihe cose bizoba bikenewe.
Hampande y'ivyo, Legesse avuga ko reta yashatse "gukingira igisirikare na reta integuro mbi ya TPLF". Asigura ko uyu muhari w'inyeshamba wariko utegura gufata abasirikare bapfiriye ku rugamba ikabahamba mu binogo rusangi, maze uce witwarira reta iwagiriza ihonyabwoko.
Hagati aho, Legesse avuga ko reta ifise uburenganzira n'inshingano zo kwinjira muri Tigray umwanya uwo ari wo wose kugira ngo irangure ivyo ibwirizwashingiro riyihera uburenganzira mu gihe vyoboneka ko ubwigenge n'ubusugire bw'igihugu bugeramiwe.
Iyi ntambara imaze umwaka urenga ivugwa ko imaze guhitana ubuzima bw'ibihumbi n'ibihumbi vy'abanyagihugu, abanda nabo baharurwa mu mamiriyoni bateshwa izabo.











