Ethiopia - Tigray: Reta ivuga ko yisubije ibindi bisagara

Ingabo za Ethiopia

Ahavuye isanamu, Getty Images

Abategetsi ba Ethiopia batangaza ko bisubije ibisagara bitari bike mu ntara ya Amhara vyari vyigaruriwe n'inyeshamba za Tigray, mu gihe ingabo za reta zibandanya zitera intambwe ku rubuga.

Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru Legesse Tulu yabwiye abanyamakuru kuri uyu wa gatandatu ko ibisagara Haran, Gobye, Robit Kobo na Woldiya vyasubiye mu minwe ya reta, ubwa mbere kuva mu ci riheze.

Inyeshamba za Tigray ntaco ziravuga, ariko mu misi iheze zavuga ko zasubiye inyuma kugira ngo zipange gushasha.

BBC ntiyashoboye guhinyuza aya makuru, ariko mu gihe vyoba ari vyo, reta yoba yisubije ibisagara hafi vyose bikomeye, kiretse igisagara ca Lalibela casubiye kwigarurirwa n'inyeshamba.

Lalibela, igisagara kirimwo amasengero ya kera, yari yafashwe n'ingabo za Tigray mu kwa munani, mu ntango z'uku kwezi ikaba yari yigaruriwe n'ingabo za reta imbere yo gusubira kugitakaza mu ntango z'iyi ndwi.

Iyi ntambara imaze umwaka hagati y'ingabo za reta n'inyeshamba z'umuhari Tigray People's Liberation Front (TPLF) imaze guhitana abatari bake, isiga abandi mu kangaratete.

Inyuma y'aho inyeshamba za Tigray zivugiye ko zariko zirasugereza umugwa mukuru wa Ethiopia Addis Abeba, vyabaye ngombwa ko umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed afata ingingo yo kwigira ku rubuga kugira ngo ashigikire ingabo ziru ku rugamba.

Yarerekanywe ku ma videwo n'amasanamu ari mu mwambaro wa gisirikare, aca mu mashamba, aduga imisozi, agenzura akarere akoresheje za ndabirakure (jumelles), avugana n'abasirikare bari munsi y'ibiti.