Guinée: Mamady Doumbouya yatembagaje ubutegetsi yarahiye nka prezida

Col Mamady Doumbouya at his swearing in ceremony - 1 October 2021

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Col Mamady Doumbouya yarahiriye kuba umukuru w'igihugu w'imfatakibanza ata kwezi giheeze atembagaje Alpha Conde

Colonel Mamady Doumbouya, yarongoye abatembaje ubutegetsi bwa prezida Alpha Condé mu kwezi guheze yarahiriye kuba umukuru w'igihugu mfatakibanza mu birori vyabereye ku murwa mukuru Konakry.

Nta wuzi igihe azomara ku butegetsi kuko uwo mugwi wa gisirikare wafashe igihugu utaratangaza ikirangaminsi c'aho uzosubirizaho intwaro isanzwe.

Yambaye umwambaro wa gisirikare w'intwazangabo, inkofero itukura n'amarori y'izuba, Colonel Doumbouya yarahiye nk'umukuru w'igihugu wa Guinée imbere y'abacamanza ba sentare ntahinyuzwa y'igihugu.

Vyitezwe ko mu minsi iri imbere azoca ashiraho reta.

Yemeye ko hazojaho ibwirizwa nshingiro rishasha , kurwamya ibiturire no gutunganya amatora.

Col Doumbouya yemeje ko yaba we yaba n'uwundi wese ari mu barongoye itembagazwa ry'ubutegetsi atawuzokwitoza.

Ikitazwi ni igihe uwo mugabo w'imyaka 41 azomara ku butegetsi.

Iryo tembagazwa ry'ubutetsi ryariyamirijwe n'amakungu, umuryango w'ibihugu vya Afrika y'uburengezo CEDEAO ukaba wasavye ko hagaruka intwaro ishingiye kw'ibwirizwa nshingiro mu mezi atandatu.

Abanya-Guinée benshi uko kutamenya iyo ibintu bija n'iyo biva bavyegeka kuri Alpha Condé, afise imyaka irenga incuro zibiri imyaka ya Doumbouya.

Iyo uwo yahoze ari umukuru w'igihugu adahindura ibwirizwa nshingiro kugira agume ku butegetsi, igihugu kiba cafashe iyindi nzira.