Ferdinand Omanyala: Uwambere mu kunyaruka muri Africa yamara agwana n'igitutu ca kahise

Umunya-Kenya Ferdinand Omurwa Omanyala (i bubamfu ) aca umuhingowa Afrika mu metero 100 aho yarangije inyuma ya Trayvon Bromell (hagati) ) ariko agasiga Justin Gatlin

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, N'ubwo yashitse inyuma ya Trayvon Bromell, umunya-Kenya Omanyala yagize umwanya wa mbere mushasha muri Afrika ku wa gatandatu
    • Umwanditsi, Na Celestine Karoney
    • Igikorwa, BBC Sport Africa, Nairobi

Ferdinand Omurwa Omanyala ashobora kuba ariwe mugabo anyaruka cane muri Afrika inyuma yo guca umuhigo kuri uwo mugabane ku metero 100 ariko uwo munya-Kenya aremera ko igihano yafatiwe mu 2017 kubera ugufata imiti itemewe ku bakinyi kigumiza icijiji ku vyo ashikako.

Yirutse amasekunda 9,77 mw'ihiganwa rya Kip Keino Classic ryabaye ku wa gatandatu i Nairobi aca avanaho umwanya wari hejuru w'ama sekunda 9.85 wari wagizwe n'umunya-Afrika y'Epfo Akani Simbine mu kwezi kw'indwi.

Uwo mugabo w'imyaka 25 yabwiye BBC Sport Africa ati: "Iyo nirutse nkagira umwanya mwiza cane, abantu baramvuga ariko jewe ndiraba - nta wundi n'umwe nirukira."

Umwanya yagize umutuma aba umugabo agira umunani ku rutonde rw'abanyaruka cane kw'isi mu bihe vyose, n'ubwo yarangije ubwa kabiri inyuma y'umunya-Amerika Trayvon Bromell nawe yarushije aho wenyene yari ageze ku masekunda 9,76.

Inyuma yo gutangura umwuga wiwe w'ubunonotsi mu 2016, Omanyala yamaze amezi 14 ari mu bihano inyuma yo gupimwa bigatorwa ko yafashe imiti itemewe, avuga ko wari umuti w'ububabare yafashe.

Asigura ko "yagize ivyago vy'ivyashitse. Wari umuti w'ububabare hanyuma bija kugaragara ko warimwo steroid , ivyo nivyo vyatumye mba uwo ndi uyu munsi."

"Vyantumye kugira inguvu zo kwivyukiranya, gukomera gusumba - kuko n'ibihe ata munonotsi n'umwe yokwifuza gucamwo - kandi n'icigwa c'uko utofata icarico cose kandi ko utokwizera umuntu n'umwe mu nkino z'ubunonotsi."

"Vyarabaye ibihe bigoye cane kuri jewe ariko reka dushire kahise muri kahise. Dutange imbabazi, twibagire hanyuma dukomeze. Jewe ndi umuntu mbaho nkurikije aho ibintu bigeze. Rwabaye urugendo rutoroshe inyuma yo gutangura mu 2016 -imvune, hanyuma gufatirwa ibihano - ariko ivyo biri muri kahise. Ubu turiko turubaka kazoza."

'Ntaho kugarukira hariho'

Umunya-Kenya Ferdinand Omurwa Omanyala muei Olympic za Tokyo 2020

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ferdinand Omurwa Omanyala yaciye umuhigo wa Kenya kabiri mu nkino za Olympic za Tokyo

Omanyala yemeza ko ashobora kunyaruka kurusha akaba avuga ko yihaye kuzoja munsi y'ama sekunda 9,70 - ikintu kimaze gushikwako gusa na rurangiranwa Usain Bolt wo muri Jamaica, mugenziwe Yohan Blake n'umunya-Amerika Tyson Gay.

Uwo yahoze ari umukinyi wa rugby hanyuma agahinduka umwirutsi yumva ko ashobora kwiruka cane kuruta aho mbere akegereza umuhigo w'isi wa Usain Bolt w'amasekunda 9,58.

Yavuze atwenga ati : "Ntaho kugarukira hariho".

Uwu mwaka wamuziye neza kuko yashitse mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu nkino za Olympic ziwe za mbere, hanyuma agaca umuhigo wo muri Kenya ku masekunda 10,00 wanabaye umwe mu myanya itanu yiwe myiza mu mezi indwi aheze.

Avuga ati: "Nagumye ntera imbere mw'isiganwa ryose nagize kuko nagize amahiganwa menshi uyu mwaka."

"Ivyo nivyo ngiye gukomeza mu mwaka kandi nzotangura hakiri kare nko mu kwezi kwa gatatu. Bisigura ko mu kwezi kwa gatandatu nzoba ngeze ku myanya myiza cane."

Yizigiye kuba icitegererezo ku bandi

American sprinter Justin Gatlin

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umunyamerika yiruka ibirere bigufi (sprinter) Gatlin yizeye ko Afrika muri kazoza ishobora kuvamwo aba sprinters bo ku rugero rw'isi

Mu gihugu kizwi cane ku banonotsi biruka ku birere biri hagati na hagati na birebire, Omanyala ubu yifuza guha intege urunganwe rushasha rw'abanya-Kenya biruka ibirere bigufi (sprinters).

Avuga ati: "Nsenga nsaba cane ko mu myaka itanu iri mbere twoba dufise ba Omanyala benshi, abana benshi bazi kwiruka, kuko ni je ndi uwa mbere nagwanye kugira nshike kw'isonga."

"Ndazi ko hari abantu benshi bashobora kwiruka cane, mu mupira w'amaguru na rugby, none dushoboye kuronka abirutsi 10, Kenya hari ico yoba ishitseko.

"Ubu baremera ko bishoboka kuko abenshi mu babigerageje bacibwa intege n'abavyeyi babo canke abandi bantu bavuga ngo ''nta na hamwe ushobora gushika wiruka ibirere bigufi muri Kenya'. Ariko ubu abantu baremera ko bishoboka.

"Ubu nshaka gutanguza umugwi w'abiruka ibirere bigufi hanyuma nshishikarize abakiri bato kwimenyereza turabe aho bazoshika."

Umwe mu bemera ko Omanyala, Simbine n'abandi nk'abo nka Enoch Adegoke wo muri Nigeria, yashitse mu gice ca nyuma c'imetero 100 mu nkino za Olympic, bashobora kuba icitegererezo ku banya-Afrika ni uwahoze yitaba inkino za Olympic akagira n'umuhigo w'isi Justin Gatlin.

Uwo munya-Amerika, yahejeje inyuma ya Omanyala ku wa gatandatu, avuga ati: "Abanya-Afrika barafise impano zo gushobora kwiruka.

"Isi izi abanya-Afrika nk'abashoboye kwiruka ibirere birebire gusa ariko ubu hariho abazi gutera umuhunda (javelot), abasimba, abiruka ibirere bigufi (sprinters), nibaza ko Afrika ubu yeretse isi ko idafise abashoboye kwiruka ibirere birebire gusa."

"Ivyo ni ibintu bikomeye kuba Afrika ifise abo bose. Jewe kuva kera nemera ko Afrika ifise ico iha isi kuruta ivyo imaze gutanga gushika ubu."

Abagabo 10 ba mbere banyaruka kw'isi gushika ubu

  • Usain Bolt (Jamaica) - 9,58s
  • Tyson Gay (USA) - 9,69s
  • Yohan Blake (Jamaica) - 9,69s
  • Asafa Powell (Jamaica) - 9,72s
  • Justin Gatlin (USA) - 9,74s
  • Christian Coleman (USA) - 9,76s
  • Trayvon Bromell (USA) - 9,76s
  • Ferdinand Omanyala (Kenya) - 9,77s
  • Nesta Carter (Jamaica) - 9,78s
  • Maurice Greene (USA) - 9,79s