Wari uzi ko muri Ethiopia umwaka umara amezi 13?

Ahavuye isanamu, AFP
Kuri uyu wa 11 z'ukwezi icenda, abanye Ethiopia bariko bahimbaza umwaka mushasha n'aho bari mu bibazo biturutse kw'iduga ry'ibiciro, intambara n'inzara vyiha inkumbi mu buraruko bw'igihugu.
Ikirangamisi ca Ethiopia kiri inyuma imyaka indwi n'amezi umunani ugereranije n'ikirangamisi gisanzwe, kuri uyu wa gatandatu bakaba bariko bahimbaza umwaka mushasha wa 2014.
Ibi bitumwa n'ubudasa bw'ukungene baharura umwaka Yezu/Yesu yavukiyeko. Mu gihe Ekleziya Katorika yasubiramwo ikirangamisi cayo mu mwaka wa 500 inyuma y'ivuka rya Yezu, Ishengero rya Orthodox rya Ethiopia ryoryo ntiryahinduye.
Rero kuri bo, umwaka utangura ku wa 11 z'ukw'icenda ku kirangamisi gisanzwe, canke ku wa 12 mu mwaka muremure (ni ukuvuga umwaka ufise ukwezi kwa kabiri kugizwe n'imisi 29, bita mu gifaransa année bissextile, ibi bikaba vyama biba uko imyaka ine irangiye).
Ureste abana baba bakuriye ahandi, abanya Ethiopia bakiri bato ntibitaho cane ibijanye no kumenya imisi igize buri kwezi.
Muri Ethiopia biroroshe: buri kwezi gufise imisi 30 hanyuma ukwa 13 nakwo - ari kwo kwa nyuma - kukaba gufise imisi itanu canke itandatu gusa, bivanye n'uko umwaka ari muremure canke mugufi (bissextile/commune).
Eka n'ingene baharura ibihe vy'umusi biratandukanye - umusi ugabuwemwo imice ibiri, umwe umwe ukaba ufise amasaha 12, ugatangura isaha cumi na zibiri zo mu gatondo (6h00), mu gihe mu masaha asanzwe umusi utangura isaha zitandatu z'ijoro.
Aha rero vyumvikana ko mu gihe nko mu Burundi no mu Rwanda haba ari isaha zitandatu z'umurango canke z'ijoro (12h), ku banye Ethiopia hoho haba ari isaha cumi na zibiri (6h00).
Rero, mu gihe nk'umuntu yogusaba ko muhurira i Addis Abeba 10h00 (isaha zine z'igitondo mu masaha yo mu Burundi no mu Rwanda) kugira ngo musangire agahawa, ntuze utangare ubonye ashitse isaha cumi z'umuhingamo (1600).











