Afghanistan: US iratohoza ku banyagihugu basanzwe baguye mu gitero i Kabul

Ifoto yerekana iyo modoka yasambuwe n'ivyononekaye iruhande yayo
Insiguro y'isanamu, Inyuma y'igitero ca drone ku mugwa mukuru wa Afghanistan , Kabul

Igitero ca drone carondera umwiyahuzi ameherezo cishe abantu 10 bo mu muryango umwe , harimwo abana batandatu, nk'uko abarokotse babibwiye BBC.

Abo bantu 10 bapfuye igihe imodoka yari ihagaze mu rugo iwabo yaturitswa n'igisasu ku wa mungu.

Igisirikare ca Amerika kivuga ko imodoka irimwo nibura umuntu umwe afitaniye isano n'ishami ryo muri Afghanistan ry'umugwi Islamic State ari yo yaronderwa.

Kivuga ko abantu baba hafi bashobora kuba baciye bahwikirwa muri ico gitero.

Uwari akiri muto cane muri abo bana bishwe yari afise imyaka ibiri, yitwa Sumaya, uwari akuze kurusha abandi nawe yari afise 12 akitwa Farzady, nk'uko umuryango ubivuga.

Ramin Yousufi, incuti y'abo bishwe yabwiye BBC ati: " Barihenze. Ni igitero c'uguhuruduka, kandi cabaye hakurikijwe amakuru atari yo."

Yongeyeko ariko ararira ati : "Kubera iki batwiciye umuryango? Abana bacu? Barahiye ku buryo tudashobora kumenya ibiziga vyabo, amasura yabo."

Iyindi ncuti, Emal Ahmadi, yabwiye BBC ko umukobwa wiwe w'imyaka ibiri ariwe yiciwe muri ico gitero.

Ahmadi yavuze ko we n'abandi bo mu muryango bari basavye guhungishirizwa muri Amerika , kandi ko bari barindiriye terefone ibahamagara ibabwira ko boja ku kibuga c'indege.

Aho harimwo umwe wo mu muryango wiwe, Ahmad Naser, yishwe muri ico gitero kandi yari yarigeze gukora akazi ko guhindura indimi akorera ingabo za Amerika.

Abandi bishwe barigeze gukorera amashirahamwe mpuzamakungu kandi bari bafise impusha zo kwinjira muri Amerika.

Ahmad yongeyeko ati Amerika "yakoze ikosa, ikosa rikomeye cane".

Iyo modoka yasambuwe
Insiguro y'isanamu, Incuti zavuze ko ata n'umwe yari afitaniye isano na Islamic State

Umunyamabanga wa Pentagon John Kirby yabwiye abamenyeshamakuru ko badashobora kuja "mu vyo giharira" amakuru avuga abanyagihugu basanzwe bishwe, kandi ko bakiriko "baravyiga … barabitohoza".

Yavuze ati: "Ntimwihende, nta gisirikare kuri iyi si gikora kurusha ic'abanyamerika kugira hirindwe ko hapfa abanyagihugu basanzwe, kandi nta n'umwe aba ashaka ko hari inzirakarengane zitakaza ubuzima"

"Tubifata nk'ibintu bikomeye, bikomeye cane, kandi iyo tumenye ko twatumye ubuzima bw'inzirakarengane buhasigara, turabishira ku mugaragaro."

Yaciye ashigikira amakuru y'iperereza ku co "twibaza ko cari igitero cari hafi kugabwa" ku kibuga c'indege ca Kabul kigizwe na IS-K (Islamic State Khorasan Province), ishami rya IS muri Afghanistan.

Mw'itangazo, bwavuze ko inyuma y'igitero ca drone hari ibindi bisasu kandi bikomeye bikurikira vyarashwe.

Buvuga ko ibisasu vyaturitse vyerekana ko hashobora kuba hari ''ibisasu vyinshi vyari imbere, bishbora kuba arivyo vyatumye hongerekana igitigiri c'abo vyahitanye".

Ubutegetsi bwa gisirikare ubwa mbere bwari bwavuze ko igitero cagenze neza mu ''kwirinda igitero cashobora kugabwa ku kibuga mpuzamakungu ca Kabul.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimeze magabo kuva umwiyahuzi aturitsa bombe yishe abantu barenga 100 b'abanyagihugu basanzwe hamwe n'abasirikare 13 ba Amerika hanze y'ikibuga c'indege ku wa kane. Umuhari IS-K waciye wigamba ico gitero.

Benshi mu bishwe bari bafise icizere co kwurira indege zariko zirahungisha abantu zibavana muri ico gisagara cigaruriwe n'aba Taliban ku wa 15 ukwezi kw'umunani.

Abanyamerika bagumye bagabisha ko hazoba ibitero vyinshi uko hagenda haregereza itariki ya 31 ukwezi kw'umunani, umusi ingabo za Amerika zitegerezwa kuva muri Afganistan.

Ku wa mbere ubuhinga bw'abanyamerika bwo kwirinda misire bwategereye mu kirere ibisasu vya roketi vyari birashwe bitumberezwa ikibuga c'indege, nk'uko hari umutegetsi yabibwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters.

Video n'ayandi masanamu yakwirakwiye ku mbuga z'amakuru yerekanye umwotsi uriko urafumba hejuru y'amazu ya Kabul hamwe n'icagaragara ko ari imodoka yariko iraka kw'ibarabara.

Presentational grey line

Ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika(Maison Blanche/White House) bivuga ko yahawe amakuru y'ico gitero ca roketi.

Umunyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru muri Maison Blanche Jen Psaki yavuze mw'itangazo ati:

"Umukuru w'igihugu yamenyeshejwe ko ibikorwa bibadanya kuri HKIA (ikibuga ca Kabul) aca yongera kwemeza itegeko ryiwe ry'uko abategetsi ba gisirikare borushirizaho gukora ibishoboka vyose mu gushira imbere igikenewe cose kugira ingabo zacu ziri ku rubuga zikingirwe." Nta bantu baravugwa ko baguye mu gitero co ku wa mbere haba ku ruhande rwa Amerika canke urwa Afganistan.

Amerika yashizeho ubuhinga bwo gutegera ibisasu vya roketi na muzinga mu gukinga ibindi bitero ku kibuga.

Muri ONU i New York kuri uyu wa mbere, Ubufaransa n'Ubwongereza vyitezwe gushikiriza inama ijejwe umutekano kw'isi integuro y'ingingo yo gusaba ko hoshingwa akarere gakingiwe i Kabul ko gukingira abantu bagerageza guhunga igihugu.